IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > General Godefroid Niyombare yasohoye itangazo

General Godefroid Niyombare yasohoye itangazo

jeudi 16 Mukakaro 2015

Inyuma yaho ashakiye gufatab ubutegetsi ku nguvu bwa Petero Nkurunziza ari kumwe n’umurwi w’abasirikare n’abaporisi bikanka, General Godefroid Niyombare avuga ko nubundi batareze amaboko.

Mu rwanndiko yateyeko umukono, abasirikare n’abaporisi bashatse gukura ku nguvu Petero Nkurunziza, ubu bagiye hamwe n’imirwi y’abanyaporitike n’abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike, mu guhagararira amasezerano y’i Arusha, ibwirizwa nshingiro n’igihugu kigendera ku mategeko mu Burundi.

Mukamenya ko ibiganiro mu Burundi bibandanya ariko abarwanya ikiringo ca gatatu bakavuga ko batazokwemera ko Nkurunziza abandanya atwara ikiringo ca gatatu ku nguvu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.