Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gerevasi Rufyikiri asaba FMI kworosha ibisabwa kugira igihugu kironswe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Gerevasi Rufyikiri asaba FMI kworosha ibisabwa kugira igihugu kironswe (...)

Gerevasi Rufyikiri asaba FMI kworosha ibisabwa kugira igihugu kironswe ingurane

lundi 8 Kigarama 2014

Kugabanya amadeni Uburundi bufata mu gihugu, gutoza neza amakori n’amatagisi, gukoresha neza imfashanyo zitangwa, hamwe no guhimiriza abarundi kubitsa, nivyo vyotuma Uburundi bwisununura muvy’ubutunzi, nk’uko bishikirizwa n’icegera c’umuyobozi atwara igisata ca Afrika mu kigega FMI, Roger Nord.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yakiriye mu biro iwe icegera c’umuyobozi ajejwe igisata ca Afrika mu kigega mpuzamakungu FMI. Mu mubonano bagiranye mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Kigarama, Gerevasi Rufyikiri akavuga ko babanje kuganira ku bijanye n’imigenderanire basanzwe bafitaniye n’ico kigega.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaboneyeho akaryo ko kumushimira ku bikorwa bidasanzwe ico kigega gisanzwe kibashigikiramwo, yongera asaba ko bobandanya bafasha kugira igihugu c’Uburundi gishobore kworoherezwa mu bijanye n’umuhora ushikana kw’ibahari Indiyano mu gihe kandi Uburundi butanafise ibarabara ry’indarayi kandi ari vyo vyofasha mu kugira ibintu bizimbuke, abadandaza bakanahungukira n’umwanya. Ikindi basavye uwo mushitsi n’uko boshigikira Uburundi no mu gisata c’umuyagankuba. Muvyo baganiriye kandi, iyo ntumwa ikaba yasavye ko Uburundi bwobandanya bushira mu ngiro imigambi ijanye no gutwara neza hamwe no kurwanya igiturire.

N’ubwo Uburundi bushima ibikorwa vy’ico kigega FMI, Gerevasi Rufyikiri avuga ko babasavye ko boraba bakabaha ingurane nyinshi kandi bakongera bakaborohereza mu kugabanya ibisabwa kugira baronswe iyo ngurane. Gerevasi Rufyikiri agasaba ko mu gihe usanga iyo bahawe ingurane bariha mirongo itanu kw’ijana ayandi bakayaheberwa, asaba ko boborohereza bakaza barariha na 35 kw’ijana gusa.

Uwo mushitsi nawe Roger Nord, icegera c’umuyobozi ajejwe igisata ca Afrika mu kigega c’isi yose FMI, avuga ko ashima utwigoro Uburundi buriko bugira mu vy’ubutunzi, ariko rero akavuga ko kugira ubutunzi buduge, igihugu cobandanya cegeranya neza amakori kugira cirinde kwama giteze amashi amakungu. Bokwigisha kandi abanyagihugu kubika, hamwe n’koreshwa neza ry’imfashanyo ziba zatanzwe n’abasanzwe bafasha Uburundi. igihugu c’Uburundi cogabanya amadeni gifata mu gihugu.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.