Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Abakozi 150 birukanywe muri BRAGITA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Gitega : Abakozi 150 birukanywe muri BRAGITA

Gitega : Abakozi 150 birukanywe muri BRAGITA

lundi 10 Kigarama 2012

Vyose vyatumwe n’uko umwimbu w’ibinyobwa vya BRARUDI ishami ry’i Gitega BRAGITA wagabanutse. Intandaro ngo yabaye iduzwa ry’ibiciro hanyuma abavyihererza baragabanuka. Inkurikizi n’uko abakozi 150 birukanywe.

Haraheze hafi amezi atatu umwimbu w’ibinyobwa vya BRARUDI waragabanutse cane bitumwe n’uko Reta yadugije amakori n’amatagisi ku binyobwa vyose bihingurwa na BRARUDI zaba inzoga n’amafanta. Ivyo vyatumye BRARUDI nayo iduza ibiciro kw’icupa, Primus yavuye ku mafaranga 1050 ija ku mafaranga 1200, Amstel yavuye kuri 1300 ija ku mafaranga 1500, amafanta nayo yavuye kuri 500 aja ku mafaranga 550.

N’abihereza ivyo binyobwa baraganutse nk’uko umuvugizi wa BRARUDI Alexandra Sindahera yabimenyesheje. Ivyo vyibonekeje cane cane hagati mu gihugu mu ntara ya Gitega aho abanyagihugu basigaye bihereza inzoga kavukire kubera ubuzima buzimvye.
BRAGITA ishami rya BRARUDI i Gitega rimaze indwi zitatu ritenga inzoga n’imwe ahubwo risohora gusa ibinyobwa biri mu bubiko. Kubera atakazi kahasigaye, BRAGITA yafashe ingingo yo kwirukana abakozi barenga gatoya 150 bahora bahembwa ku munsi ku munsi, abo bita ‘’les journaliers et les temporaires’’. BRAGITA ivuga ko yagabanije abakozi kubera ata kazi gasigaye k’umuregera. Abo bakozi birukanywe harimwo abahora bakora isuku, abasukura ivyuma n’imashini n’abandi.

Kuri bo, ishavu riraniga. Bavuga ko imiryango yabo igiye kwicwa n’inzara kuko akazi gaheze. Ngo ntibazosubira kuronka amafaranga yo kurihira amashure abana babo, kwivuza, gufungura n’ibindi. Basaba ubuyobozi bwa BRAGITA kubasubiza mu kazi vuba.
Muri BRAGITA hasigaye abakozi 70 basigaye baroza ibikono bibika ibinyobwa hamwe n’abahinga b’imashini n’ibindi vyuma hamwe rero n’abadandaza basohora ibinyobwa. Ubuyobozi bwa BRAGITA buvuga ko bwasigaranye abakozi bafitaniye amasezerano ‘’les contractuels’’gusa. Ariko barahumuriza abo birukanywe ko hamwe akazi gasubiye kuboneka umwimbu ukagwira ngo nta nkeka bazobahamagara bagaruke ku mirimo yabo.

Umuvugizi wa BRARUDI ku rwego rw’igihugu Alexandra Sindahera yaheruka kubivuga ko hashobora kwirukanwa abakozi kubera umwimbu wagabanutse ku bice 15 kw’ijana muzi atatu aheze.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.