IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Abanyagihugu bariko barasezerera ikibazo c’amazi

Gitega : Abanyagihugu bariko barasezerera ikibazo c’amazi

jeudi 27 Ntwarante 2014

Ingorane yahora ihanze abanyagihugu y’amazi mu ntara ya Gitega iriko iragabanuka, bivanye n’abanyagihugu biyubakira amabombo y’amazi mu makomine atandukanye y’intara ya Gitega.

Muri komine ya Gitega gusa, amabombo agera kuri 25 akaba ariyo amaze kwubakwa n’abanyagihugu, ivyo rero, bikaba bizofasha abanyagihugu bashobora kugira amazi meza, kandi bayakura hafi na hafi, mu gihe bahora baja kuvoma kure na kure, canke bakayagura ikiguzi kibavunye.

Ku bwa Appolinaire Sindayihebura, umuyobozi w’ubuhinga mu bushikiranganji bw’ibidukikije, avuga ko Reta yashizeho umugambi uzotuma abanyagihugu baronka amazi meza, kandi menshi mu mihingo batumbereyemwo. Uyo muyobozi akamenyesha ko, mu bikorwa vy’iterambere rusangi, abanyagihugu bariko bariyubakira amabombo menshi, azotuma baronka amazi meza, bivuye mu maboko y’abanyagihugu. Ariko rero, nk’uko Appolinaire Sindayihebura aguma abimenyesha, ingorane zo ntizibuze, kuko hari bamwe bagira ayo mabombo ayabo, canke amazi bakayaha ibiguzi bivanye n’uko bavyishakiye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.