IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Inyigisho z’urwaruka ku gukunda igihugu zatangujwe

Gitega : Inyigisho z’urwaruka ku gukunda igihugu zatangujwe

jeudi 31 Ntwarante 2016, par egide

Ihuriro ry’urwaruka ku rwego rw’igihugu ryatangujwe mu Burundi kuri uwu wa kane n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza mu ntara ya Gitega. Iryo huriro rizomara imisi itatu, rikazohuza urwaruka rugera ku 350 rwaserukiye urundi mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi.

Muri iryo huriro, urwaruka ruzohabwa inyigisho z’ugukunda igihugu hamwe n’ukwirinda kujana nyabahururu. Mu birori vy’ukwugurura iryo huriro, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibukije akamaro k’ishure shingiro, avuga ko inyigisho z’abakoroni zari zarataye igihe. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko abavuga nabi uwo mugambi w’ishure shingiro ari abize ku gihe c’abakoroni batazi ko amase ya kera atagihoma urutaro.

Ku bijanye n’akazi mu Burundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko akazi gakenye mu Burundi, avuga arico gituma atawukwiye gusuzugura akabonetse, yitwaje ko koba kagayitse, yibutsa ko hari n’ibihugu biriko bisaba abakozi b’Abarundi, amenyesha ko imbibe zuguruye, ko abarundi batokwitinya mu kuja gukorera mu mahanga.


IGIHE

Messages

  • Naravuze kwaho bukera uwahoze arongoye uburundi atazotinya no kugurisha abanyagihugu biwe none nimurindire uko ibihano biguma bifatwa niko nawe arushirizaho guteka imitwe yo kurondera ahakura amafaranga yo guhemba zambonerakure na zanterahamwe akoresha muguhonya abiyamiriza ikiringo ciwe ca3giciyekubiri namategeko mbega aho abesha abarundi Ngo nibemere dukeya barose wewe kwatatwemera arinaco catumye yimadika kubutegetsi gushika aho yiyemeza gutikiza inganda ahakubuvako wibaza Ngo nikuberiki nuko nawe atemera kubumbwa nutwo dukeyi ikindi izo miliyalidi yirirwa aranyuruza ashira mumupfuko wiwe ntizohevye nyabokozi kandi bakamererwa neza mugihugu cabo none iyavugako abakoroni baribarishe igihugu hanyuma agaca ahamagarira abarundi kuja gukora hanze ngaho aba ashatse gushika kuki naho izonyigisho zogukunda igihugu ahamagariramwo urwaruka mbega ruzova hehe ko yarumaze nareke kuza arakina abavyeyi kumivyimba

  • Nukuri Turabona Akazi Ko Kabuze Mu Burundi Mwodusabira Mubindi Bihugu Ubuzi Murakoze

  • Nne ese ko tuja gusaba ama passeport bakatwima.nibayaduhe ataco turinze gusabwa nne.

  • Uwo Agaya Ishule Shingiro Nuwahe Ibitazi N’i Vyinshi Iyo Shure Shingiro Ije Hageze Uwuyanka Ninde? Jewe Mbona Ko Yiri Neza Ariko Gusa Ico Mbo Kigoye Na Kazi Dusabe Abari Mbere Baturonderere Akazi Mumahanga.

  • AHUBWO NYAKUBAHWA MWARIMUKWIYE GUHINDURA PROGRAMME YI GIFARANSA MUGASHIRAHO ICONGEREZA KUKO IGIFARANSA NTIKIRENGA CONGO UGANDA KENYA TANZANIE RWANDA NICONGEREZA NKUKO MWABIVUZE DUKWIYE KUJANA NIBIHE IBIHUGU BIKORESHA IGIFARANSA NTAMAHORO VYIGERA BIGIRA EX UBURUNDI MALI CENTR AFRICA NIBINDI

  • NYAKUBAHWA PREZIDA NUBIGISHE GUKUNDA IGIHUGU HANYUMA UCE UBARUNGIKIRA ABABIGISHA IVYO GUSHINGA PROJE IZO PROJE MUZOZIFATE MUMUGONGO NAYO KUJA GUPAGASA UBE WARIZE UTIZE MWESE MUJA KURIMIRA UMUNYAGIHUGU MWAGIYEMWO URABAZA ABAHUNGIYE MUBUGANDE SUWIZE SUWUTIZE BAHURIRA KUMUGANDE KUMURIMIRA URUNVA AKO KAGAYO UBUKORONI BUTARIMWO

  • Uwo Yanka Ishule shingiro jewe ndamutangariye kuko abandi tubona ko yaje hageze nki cigwa c’indimi tugitangura hakiri kare kandi turagishizeko umwete ico mbona gusa ubuzi nibwo bukenye nabwo nyene turaba savye muturonderere mubihugu bibanyi murakoze.

  • Azabigishe kwica Nicyo ashoboye cyonyine

  • ahubwo president nakinjure abana b’igihugu bogorore.wew avug ngo akazi karabuz birigwa barangaja hatanzwe ibiturire kandi akaba ar imbonerakure.abony atakaz ashoboy gutanga arav kubutegetsi.

  • SHA JE MBONA KUGIRA IBINTU BIGENDE NEZA HOBA ITANGWA RYAKAZI KUK IVYOBICHOMEURS NIVYO BIRIKO BARATEMBAGAZA UBUTEGETSI,KUBWO INZARA BIRIMWO, KWIGIRA UBUSA BIRABABAJE.

  • Ushomereye warize nivyiza cane,gusumba uwutize.uramenya nukwisabira amazi canke agasabuni kuwugafise,ahubwo president wacu abona kure cane,nyakwubahwa uri incabwenge ibushitse kabisa.turagushigikiye,nomuri2020 tuzokwongera,abanka bashake biyahure.bizobashe barakanyarigwa,

  • barakabonabamureye kubera primus nke kayariyaborewe iramwitayeho

  • barakabonabamureye kubera primus nke kayariyaborewe iramwitayeho

  • Mwanya Kubahwa Mugize Neza Kuko Mubona Iwacudukenye Jewe Ndiko Ndikondikorera Umucanga Inomurikongo ,

  • Imanishimwe Kuba Nyakwubahwa Umukuru Wigihugu Ariko Ariyumvira Kugwaruka Ariko Ico Dusabanukuri Nkajewe Akazikose nogakora Ariko Nukonako Tutigiyetutakaronka Nukuri Imana Imudufashirize Batume Baturonderera Namashirahamwe Twojahamwetugafashanya Nukuri Turakundibikogwa Ariko Harihabantu Tudafisicoturibukore Nukuri Turipfuza Niki Aide Maso Ariko Twabuze Imanijimbere Nyakwubahwa Umukuru Wigihugu Cacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.