Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega: Irindi bendera rya MSD ryibwe inyuma y’iryari ryagirijwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Gitega: Irindi bendera rya MSD ryibwe inyuma y’iryari ryagirijwe (...)

Gitega: Irindi bendera rya MSD ryibwe inyuma y’iryari ryagirijwe Kireko

mardi 17 Kigarama 2013

Ibendera ry’umugambwe MSD ryaribwe muri komine ya Gitega ku musozi Yoba. Uwurongoye uyo mugambwe muri iyo ntara akaba yagiriza ubusuma bw’ibendera ryabo, imbonerakure zo mu mugambwe CNDD FDD.

Abari mu mugambwe MSD rero bakaba basanze igiti cahora kimanitseko iryo bendera ryabo kiryamye hasi ibendera ryagihorako ryibwe mu mpera z’iyi ndwi twaraye turangije. Umukuru w’uyo mugambwe MSD mu ntara ya Gitega, akaba avuga ko atabandi babivye ibendera ryabo atari urwaruka rw’imbonerakure zo muri iyo ntara nyene ya Gitega. Amenyesha ko ibiganiro abanyeporitike bama bagize mu ntumbero yo gushiraho icuka ciza mu banyeporitike ari igihendo, mu gihe avuga ko amabendera y’imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD aguma yibwa, abatotezwa bagatotezwa izo nama nazo zama ziba.

Umukuru w’imbonerakure aho mu ntara ya Gitega arabeshuza ivyo urwaruka arongoye rwagirizwa. Jean Claude Manirakiza akaba avuga ko iryo bendera ryari rihamaze igihe kitari gito aho ku musozi wa Yoba, amezi ashika kuri atandatu, ari naco gituma atari imbonerakure zaryivye nkukwo abandanya abivuga. Arangiza avuga ko iyo imbonerakure zishaka kuryiba zitari kuririndiriza ayo mezi yose riri ngaho, ari naco gituma asaba umugambwe MSD kuronderera ahandi mu babivye ibendera ryabo.

Amabendera y’umugambwe MSD akaba atari aherutse kwibwa hari haciye igihe, irya heruka rikaba ari iryagirijwe Kireko umukinyi wa NINDE yagirijwe ko ariwe yari yaritwaye, nk’uko amakuru yava aho i Gitega yabimenyesha.


Aristide Nizigire

Messages

  • Jenaheruka mukirundi bavuga ngo igisuma nigifashwe sinzirero uwo mucoko wahindutse kuko je simba muburundi kwagiriza imbonera kure atacagirizibafise numva muburundi bikigoye!!!None kobatavuze ko haruwo boba barafashe ahubwo barabe neza muribo nyene

  • HOHOOO!
    EMWE,
    USANGA ARI ABA MSD BO NYENE UBWABO BARYIVYE,KUGIRANGO SINDUHIJE NA WE ABE ARAVUGA AYA MUHE,
    UZI KO UMENGO NTANABIZI !

  • Nanje shinunvako abobandi borondegwakoi ryobendera nabokobatalitwayekare ? Bakarindira ayomezi 6 ? ABalitwaye bararose igitenge coguha abagorebabo kuli noeli , nabonani ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.