Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Gitega Peace Festival", isabukuru ryabaye mu masaha ane gusa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > "Gitega Peace Festival", isabukuru ryabaye mu masaha ane gusa

"Gitega Peace Festival", isabukuru ryabaye mu masaha ane gusa

dimanche 29 Kigarama 2013

Ku kibuga c’inkino n’ibiteramo kiri mu ntara ya Gitega, harabereye isabukuru yabaye iya mbere muri iyo ntara nyene. Iryo sabukuru ryari ryateguwe n’umurwi “Vumera Band” ku civugo ca “Gitega Peace Festival”.

Hari haciye igihe, haba ku nsamirizi no mu binyamakuru, havurwa isabukuru “Gitega Peace Festival”. Iyo sabukuru yarabaye kuri uwo wa gatandatu w’igenekerezo rya 27 Kigarama. Isaburu yateguwe n’umurwi "Vumera Band" yaracerewe gutangura bimwe birenze. Ku masaha yategerezwa gutangurirako hararenzeko nk’amasaha 8 canke 9 ata muririmvyi araboneka ku ahataramutse baririmbirako bakongera batambirako. Abanyagitega ntibitavye isabukuru ku bwinshi, haza umwe umwe. Gushika mu masaha yo mw’ijoro haraboneka abatari bake mu kibuga kandi vyaboneka ko baryohewe.

Uko vyatanguye siko vyaheze. Abatagira umutima w’ihangana baratashe, abo barihombeye. Umurwi “Inkebuzo” warahinduye imitima y’abaraho maze baremera ko isabukuru itasivye, akamwemwe karagaruka mu kibuga c’i Gitega. Aba “BBR” barabiciye biracika. Imirwi itari mike nka Konangwe Style, umuririmvyikazi Makarena, n’abandi baragabuye umwanya muto warusigaye. Umudiho wa “Reggae” wariganje kuri uwo munsi, koko igisagara ca Gitega n’isoko ry’uwo mudiho mu Burundi. Abakunzi babo aho bari mu kibuga baratera n’abo bakitabira, maze igiteramo kirareta. Hirya no hino ibiyeri barasoma, eka ibintu biraryoha cane.

Amasaha abarongoye igisagara bari batanze ageze, barahagaritse igiteramo. Icibonekeje n’uko abashitsi b’abaririmvyi bava i Bujumbura batigeze baririmba. “Gitega Peace Festival” yategerezwa kuba iminsi ibiri, ku magenekerezo rya 27 na 28 Kigarama, ariko yamaze amasaha atarenga 4.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.