Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gitega : Umudiho wa Raggae ushusha n’umurisho w’ingoma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Gitega : Umudiho wa Raggae ushusha n’umurisho w’ingoma

Gitega : Umudiho wa Raggae ushusha n’umurisho w’ingoma

lundi 30 Kigarama 2013

Umudiho wa Raggae, ushusha n’umurisho w’ingoma. Abakunzi b’umuziki w’abaririmvyi babarundi baribaza igituma umudiho wa Reggae uvuzwa cane n’abaririmvyi bo mu ntara ya Gitega. Abaririmvyi bakubita uwo mudiho bo muri iyo ntara bobo ,barafise insiguro babiha.

Umurwi inkebuzo uvuza mu mudiho wa Reggae, kandi barafise ico bazi kuri uwo mudiho. Umurwi Inkebuzo ugizwe n’imisore n’inkumi bo mu ntara ya Gitega, abo n’abaririmvyi bari kumwe kuva mu mwaka w’i 2005. Abo batanga ubutumwa bwabo mu mudiho wa Raggae, kandi biboneka neza ko benshi mu baririmvyi bo muri iyo ntara bakubita umuziki muri Raggae.

Twaragerageje kurondera inyishu kuri ico kibazo, Norbert arongoye umurwi inkebuzo yatubwiye ko umudiho wa Reggae ari iragi ry’abasekuru kuko uwo mudiho ushusha n’umudiho w ‘ingoma. Uwo na wo ntahandi watanguriye atari mu gishora mu ntara ya Gitega. Si ivyo gusa, intara ya gitega iri mu za mbere zifise ikigo c’urwaruka gifise ibikoresho vyo gutegurirako indirimbo zo muri uwo mudiho. Ivyo rero bifasha urwaruka rwaho kuronka aho bagirira imyimenyerezo yo kuvuza indirimbo, ivyo babikesha musitanteri wa komine Gitega. Umurwi Inkebuzo, urishima cane ku ntambwe bagezeko kuko umurwi wabo urikwije mu vy’ubuhinga, ariko barakeneye uwo basahiriza kugira bashobora gukora amasanamu y’indirimbo zimwe zo mu rukwirikirane rw’indirimbo 13 bafise.

Mu migambi y’umurwi Inkebuzo, ni kuzoza mu gisagara ca Bujumbura kwerekana umudiho wa Reggae, aho ugeze mu ntara ya Gitega kandi ngo aho si kera cane.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ariko se rwose igihe mbasavye rwose muje mumpa namakuru yo muri karuzi canecane ayo mu gitaramuka kuko riyo turuka ndashimye izo cuti zicinya akadiho karege ariko ntbabe banwa itabi canke akamogi kuko irege abayikubita bose ari abarasta kandi benshi bakaba bitungiwe nagatabi komereza aho.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.