IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gufasha abatishoboye bibaha icizere c’ukubaho

Gufasha abatishoboye bibaha icizere c’ukubaho

jeudi 15 Myandagaro 2013

Iyo ufashije abatishobiye uba ubahaye icizere c’ukubandanya babaho. Ivyo bikaba vyavuzwe n’umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza igihe yariko arafashisha bimwe mu vya nkenerwa abatishoboye, abicishije muri fondation Buntu, asanzwe arongoye.

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yatanze ibikoresho bitandukanye ku mashirahamwe amwe amwe asanzwe yitaho abagowe, nk’ishirahamwe ry’abakunzi b’umusaraba wa Yezu Kristu, kw’ishirahamwe REMA (Réeducation, Epanouissement et Moitié Autonome), ku bana b’impfuvyi bakurikiranwa na Mont Sionhamwe n’ishirahamwe Rumuri. Ayo mashirahamwe akaba yaronkejwe ibikoresho vy’ishure, imiti, ibikoresho vyo kwa muganga, ibikoresho vy’abagendana ubumuga, impunzu hamwe n’udukinisho ku bana bato.

Inyuma y’itangwa ry’ivyo vyose, umushikiranganji w’amagara ya bantu n’ukurwanya ikiza ca Sida muganga Ntakarutimana Sabine, yamenyesheje mu gushima ko bashimishijwe n’iyo mfashanyo. Yavuze ko amavuriro ubu ari hose mu gihugu, kandi asa nayariko arakwira mu gihugu hagati. Abandanya avuga ko ingorane amavuriro afise ubu ari ubukene bw’ibikoresho bitandukanye. Akaba yakengurukiye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu kuba yatanze ibikoresho bitandukanye ku mavuriro atandatu atandukanye asanzwe ari mu ntara za Kayanza, Ngozi, Karuzi, na Bubanza.

Sabina Ntakarutimana akaba yarangije ijambo ryiwe asaba umutambukanyi w’umukuru w’igihugu gufashisha ayandi mavuriro agikenye ibikoresho vyo kwa muganga. Abari mu mashirahamwe nabo baronkejwe ibikoresho, bashimiye umukuru wa fondation Buntu kuko yama yiyumvira abagowe, kandi bamusaba kubandanya yitaho abatagira shinge na rugero bo mu ntara zitandukanyez’igihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.