IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gukingira abakozi ni umushinge mw’iterambere

Gukingira abakozi ni umushinge mw’iterambere

jeudi 24 Gitugutu 2013

Ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta n’akazi hamwe no gukingira abakozi bufadikanije n’ikigo mpuzamakungu c’akazi (bureau international du travail BIT) bateguye uruganda rwo gushira hamwe no kwemeza ivyavuye mu cirwa cakozwe ku vyerekeye gushiraho umushinge ukomeye mu gukingira abakozi mu Burundi.

Uruganda rw’imisi ibiri kuva kuri uno wa gatatu 23 na 24 Gitugutu rwerekeye kurabira hamwe ivyavuye mu vyigwa vyakozwe ku vyerekeye gukingira no gutegekaniriza abakozi mu Burundi. Annonciata Sendazirasa, umushikiranganji w’abakozi n’akazi mw’ijambo ryiwe yaramenyesheje ko intumbero y’ico cirwa akaba ari ukugira basuzume ivyerekeye amashirahamwe yose akora muri ico gisata co gutegekaniriza no gukingira abakozi. Inguvu zikazoshirwa na cane cane kurabira hamwe inguvu n’intege nke zayo mahirahamwe kugira bashire ahabona ico ayo mashirahamwe yoterera mu mugambi w’igihugu wo kwagura abasanzwe bakora muri ayo mashirahamwe yo gutegekaniriza no gukingira abakozi.

Uwo mugambi urimwo ibintu bitari bike bizotuma Leta ishira mu ngiro ihangiro ryo gushira mu ngiro umugambi wo gukingira abakozi. Tharcisse Nkanagu, arongoye ibikorwa vyo muri BIT (bureau international du travail), mu karere k’ Afrika , iterambere mu vyerekeye ivy’imibano hamwe n’ubutunzi, ntirishobora kurama bugingo umuntu adafise akazi kabereye. Gukingirwa mu kazi no gukingira abakozi, n’ingobwa kuri buri muntu wese, ivyo bikaba biri ndetse no mu ngingo ya 22 y’amasezerano agenga agateka ka zina muntu, ariko inyuma y’imyaka 65 hatowe iryo tegeko, ibice 80 kw’ijana kw’isi baracafata nk’indoto iyo ngingo.

Gukingira abakozi ntaco bitwara ku butunzi bw’igihugu, ahubwo n’igihushane, iyo umukozi adafashwe neza ntakingirwe mu kazi kiwe, bifise ingaruka ku butunzi bw’igihugu bibandanya bivugwa na Nkanagu. Uyo, kugira bateze imbere umushinge wo gukingira abakozi kuri bose kandi bishoboke n’uko hoba hari abafasha bakomeye mw’ihinduka. Hari kandi ibintu vyinshi bikwiye guhindurwa kugira uwo mugambi wo gukingira abakozi ukunde uje mu ngiro. Abanyagihugu bogerageza bakikangura bakagerageza guharanira agateka kabo ari navyo bizotuma uwo mugambi ushoboka, inyigisho yo gukunda igihugu ishingiye ku bikorwa nivyo mushinge w’iterambere rirama.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.