Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Bujumbura ngo harimwo amahinyu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Bujumbura ngo harimwo amahinyu (...)

Gutanga ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya Bujumbura ngo harimwo amahinyu menshi

lundi 4 Ntwarante 2013

Ayo manyanga n’amahinyu yatumye abantu 5 biyonjorora mu mugwi washizweho n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Abo bisokoye bamenyesha ko babonye ko hariho abadandaza bamwe bamwe batari bake batazoronka ibibanza muri iyo soko mfatakibanza.

Muri abo biyonjoroye harimwo n’uwurongoye abadandaza bose baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye haraheze ukwezi kurenga.

Uwurongoye abantu 5 bakuye akarenge mu mugwi uriko uriga ingene hotangwa ibibanza mw’isoko mfatakibanza kuri COTEBU ni Kabura Gabriel arongoye abadandaza bose bahora mw’isoko nkuru ya Bujumbura iheruka gusha. Bavuga ko babonye ko hariho abadandaza bamwe batazoronka ibibanza kandi bari basanzwe babifise mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Uwo mugwi wari washizweho n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu. Abo biyonkoye bamenyesha ko uwurongoye uwo mugwi hamwe n’icegera ciwe bashaka gushiraho amategeko atuma abadandaza bamwe bamwe bkumirwa bazogaburire ibibanza vyabo.

Mu rwandiko abo bantu batanu biyonjoroye bashize ahabona, bavuga barengewe n’iyo ngendo. Bavuga ko bari bamaze kwandikira ikete icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu italike 3 Ruhuhuma2013 bamumenyesha ingene hariko harakorwa amanyanga hamwe no gucanishamwo abagize uwo mugwi ariko ngo ntacavuyemwo.

Ikindi abo biyonjoroye bamenyesha n’uko ngo ukutumvikana kwatanguye igihe abarongoye uwo mugwi bagenwa italike 6 Ruhuhuma 2013 abadandaza bose batagishijwe inama ngo bitorere bonyene abo bizeye. Abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura nabo nyene ngo banditswe mu buryo budatomoye.

Kabura Gabriel arongoye abadandaza amenyesha ko ngo abashaka kugabanya muburyo bunyuranye n’amategeko ibibanza bitwaza ko ikibanza co kuri COTEBU ari gito. Avuga kandi ibirabwa kugira umuntu azoronke ikibanza co kudandarizamwo vyashizweho n’uwurongoye uwo mugwi hamwe n’icegera ciwe atawundi bagishije inama.

Kubera ivyo vyose Kabura Gbriel, Mikerego Michel, Mbonankira Joseph, Ruzuba Sylvestre na Karegwa Georges bashize ahabona urwandiko bamenyesha ko basezeye uwo mugwi.

Basaba ko sendika y’abadandaza SYGECO ariyo yotunganya ico gikorwa co kubahiriza amateka n’amategeko y’abadandaza. Basaba kandi ko iyo sendika ariyo yotunganya iyandikwa ry’abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura kugira baronke ibibanza ku kibuga ca COTEBU


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.