IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gutanga ubutumwa canke kuvuza indirimbo zijanye na dosiye ya Mbonimpa (...)

Gutanga ubutumwa canke kuvuza indirimbo zijanye na dosiye ya Mbonimpa vyabujijwe

vendredi 18 Mukakaro 2014

Ibimenyeshamakuru vyose birabujijwe gutanga ubutumwa canke kuvuza indirimbo zijanye n’idosiye ya Petero Karaveri Mbonimpa gushika sentare ishikirije urubanza , biri mw’itangazo ryasohowe n’urwego rujejwe gucungera ibimenyeshamakuru CNC.

Mu kigo kijejwe gucungera ibimenyeshamakuru CNC, mw’itangazo basohoye kuri uno wa gatanu bamenyesha ko inama ya bose yihweje ibwirizwa nimero 1/11 ryo kuwa 4 Ruheshi 2013 risubiramwo ibwirizwa ryo kuwa 27 Munyonyo 2003 rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru, isanga ibimenyeshamakuru biriko bikora amakuru ajanye na petero karaveri Mbonimpa bitisunga amategek. Bakabivuga bisunze ibiri mu ngingo ya 18 agace b hamwe n’iya 19 agace f. Izo nazo zibuza umumenyeshamakuru gutangaza inkuru zishobora guhungabanya amahoro, umutekano no guhamagarira abanyagihugu mu migumuko canke kugarariza ubutegetsi .

Umukuru wa CNC

Umukuru wa CNC asigura ko basanga muri urwo rurimbo harimwo amajambo afobetse. Amajambo kandi aherekejwe n’ibice vy’amajambo y’abahisi biguze Uburundi, aho muri urwo ruririmbo kandi havugwamwo intama ,imyagazi isabwa gukoma akaruru hakavuzwa kandi n’ayo majambo y’abo bahisi Ndadaye na Rudoviko Rwagasore babijaniranye kandi hadasiguritse igituma nk’uko Richard Giramahoro abandanya abishikiriza. Mbere umukuru w’urwego CNC aratuma agatoke ku nsamirizi n’imboneshakure Renaissance aho herekanwa amasanamu atari make ya Petero Karaveri Mbonimpa. Inama ya bose isanga izo nkuru zishobora kugira ingaruka mbi mu gutuma abacamanza bafise idosiye batayikora neza, mu guhamagarira abenegihugu mu migumuko ,hamwe no gusuzugura ubutegetsi .

Urwego CNC rurangiza rumenyesha ko bibujijwe ku bimenyeshamakuru vyose gutanga ubutumwa canke kuvuza indirimbo zijanye n’idosiye ya Petero Karaveri Mbonimpa gushika sentare ishikirije urubanza. Ikimenyeshamakuru kitazokwubahiriza iyo ngingo kizofatirwa ibihano hisunzwe amategeko nk’uko bishikirizwa na Richard Giramahoro arongoye urwego CNC.


Floxella Karire

Messages

  • OHO!!! REKURA BASI IYO NZIRA KARENGANE NKA GWAGASORE NA NDADAYE

  • Yooooo!!!!!!!!mugiye gutimitwe basha!!!!! karaciyingani mugirishari nkabana?kandi noneho ntibitangaje ibikoko vyinyeshamba ntaho vyigeze bibana nibitungano!!!!!!!!kimwe mbabwiye bagiye kubura abo barementaniriza batangure gucan,imitwe hagati yabo!!!!!

  • Kuvuga canke kuririmba ugereranya Mbonimpa na Rwagasore, Ndadaye,Mandera,nugutesha agaciro izondanga!

  • Kubera ko iki kibazo kizananye muvy’umuziki, munkundire ngire ico nshikirije ka Murongozi w’Ishure rya mbere ry’Ubuhinga bw’Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, riherutse gushingwa mu Burundi. Burya, Ingabire hamwe n’umwuga w’uburirimvyi ni ibintu vyiza cane twahawe n’Imana ngo bitwubake ubwacu, vyongere kandi vyubake n’umubano mwiza hagati y’abantu. Ka Muririmvyi w’Umurundi yabaye mu bahinga ba mbere b’Umuziki bashinze wa Murwi wa mbere w’Igihugu wo kuririmba (ORCHESTRE NATIONAL) mu 1977 igihe nakora mu Bushikiranganji bw’Imico Kama, nagira abantu bamenye ko ico gihe ata burenganzira twari dufise na gato bwo kuririmba indirimbo zofashwe nk’izihungabanya umutekano w’Igihugu. CARAZIRA ! Abapfasoni n’Abashingantahe benshi tucubaha n’ubu bari ku butegetsi mur’ico gihe ntibompinyuza na gato kuri ivyo.
    1.CARAZIRA ! Kuko mu mico no mu migenzo y’Ikirundi, ata muririmvyi canke umucuraranzi yari yarigeze gutyoza Umwami Sebarundi n’Abaganwa n’Abashingantahe. N’igihe Republika yatangura mu Burundi mu 1966, twese abaririmvyi b’ico gihe twakubitirwa kuyisasiriza indirimbo n’imvyino nziza zataka Prezida n’Umugambwe wari uganje ico gihe, kandi ntivyatugwa nabi. NONE, MUGIRA NGO NTA TUNENGE N’AMAKOSA AKOMEYE N’AKARENGANYO VYARIHO TWARI KURIRIMBA ? Muranyumva neza, simvuze ngo ni bibe ari ko bigirwa no muri kino gihe !
    2. Mperutse gushikiriza mu Kinyamakuru kimwe yuko Ukwisanzura kw’abaririmvyi mu gusohora ivyiyumviro vyabo babicishije mu ndirimbo, ari uburenganzira bwabo bahabwa n’Ibwirizwa Shingiro muri bino bihe Ibihugu vyose vyo kw’Isi biriko birinjizwa mu muhora wa DEMOKRASI vyanka vyakunda. Ariko rero tuhagabire, ubwo burenganzira ntibutubere icitwazo co guca dukora nk’abatiyumvira ku ngaruka MBI amajambo turirimba yogira ku Banyagihugu. Turi mu bihe bikomeye cane mu Burundi, aho ijambo rimwe gusa, naho ryoba rito rishikirijwe, rishobora kwatsa umuriro woturira Igihugu cacu kigasha kigahera. Akaranga k’Umugabo abushitse ni ukumenya kwigerera muvyo avuga. DEMOKRASI ntititure urupfasoni rwamye ruturanga kuva kera na rindi.
    3. Mbega muri kino gihe, ikituraje ishinga twebwe Abaririmvyi b’Abarundi ni ikihe ? Hari aho turicara ngo tuciyumvireko ? IKITURAJE ISHINGA NI UKO UMUZIKI WACU KAVUKIRE WARI WARATANGUYE GUHINGURWA NEZA MU BUHINGA BWA KIJAMBERE KERA MURI ORCHESTRE NATIONAL NA ORCHESTRE AMABANO, WAMAZE GUTA INZIRA, URATITUKA, UTAKAZA AKANOVERA KAWO, MBERE N’URURIMI RWACU RURAHAKOMEREKERA. Iki ni igihe c’uko twoja hamwe tukita ku giti kugira twongere kunagura ubuhinga bw’Umuziki w’Igihugu cacu mu maguru masha, maze hongere kuvuka ba Canjo bashasha, na ba Nikiza David bashasha, na ba Ngabo Léonce bashasha, ba Africanova bashasha na ba Matata bashasha Igihugu gikeneye muri bino bihe tuboneka ko ata Karanga k’Umuziki kacu bwite dufise ku rubuga mpuzamakungu. Turi abigana gusa izigezweho mu karere tubamwo, tutarobanuye.
    Ikindi kindaje ishinga nanje ubwanje nk’Inararibonye yize kandi igakora ivy’Umuziki, nuko Igihugu cacu coronka vuba abize umuziki benshi bawuzi neza ku rwego rwo hejuru natwe twize, kugira bashinge amashure yigisha ubwo buhinga mu Ntara zose. Ivyo vyose ni vyo vyatumye mpaguruka ngashinga INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, mbere ngatako nkandika na ca gitabo ‘DE L’INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-UNE HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE’ kidonda ivy’akahise n’intango vy’uyu muziki tugezeko ubu. Erega barya bahinga b’Umuziki b’Abanyabulaya twigako, nka HAENDEL, HAYDN, BEETHOVEN, SCHUBERT, MOZART n’abandi, iyo badatahura neza ico bari bajejwe, bakaguma bishinga ibindi bibasamaza, ntitwopfuye turonse ibi bitabo vy’igitangaza vya MUSIQUE CLASSIQUE banditse n’ubu tucikorako.
    Ariko raba mu Burundi, n’amashure yacu arabuze n’abigisha b’umuziki bavyize bakabinonosora, KUKO DUSAMAYE KANDI TUTARATAHURA URUHARA RW’ABANYAMUZIKI MW’ITERAMBERE RY’IGIHUGU. Politike irafise abayize neza twubaha, bayinonosoye, kandi boyikora bisunze amategeko yavyo. Twebwe abaririmvyi twahamagariwe guteza imbere igisata c’umuziki !
    4. Nk’akarorero, kimwe mu vyo turiko turakora muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, ni ugutororokanya indirimbo zose zahinguwe n’Abaririmvyi b’Abarundi kuva tucikukira, tukazandika mu buhinga bw’amajwi y’Umuziki (SOLFEGE) kugira zizobikwe neza mu bitabo nk’uko zaririmbwe, ku buryo abana n’abuzukuru n’abuzukuruza bacu bazoziririmba uko ziri tutakiriho. Ico gikorwa ni kirekire cane kandi gisaba uburyo tudafise. Ni bangahe mu baririmvyi b’Abarundi bashizwe hejuru muri kino gihe, boba barize bakanonosora ivy’ubuhinga bw’umuziki nk’uko twavyize, ku buryo boba bazi kuwandika no kuwusoma ? Uko ni ko kumenya umuziki ; ni vyo twari dukwiye guharanira !
    Urwaruka rw’i Gitega ubu ruriko rurakurikirana Uruganda Nkarishabwenge rwo kunagura Umuziki w’Uburundi rwateguriwe na INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Mu mezi ari imbere, bazosohora indirimbo nshasha nziza cane zisubiza akanovera umuziki w’Uburundi, zikongera zigaha agateka imico yacu kama n’ururimi rwacu, kandi zikigisha akaranga nyakuri k’Abarundi bamye na ntaryo babana mu mahoro n’urukundo bagasangira twose.
    5. Ndahanuye abaririmvyi bacu bareke gushingira umwuga wabo ku kwigana ivyo hanze gusa. Tumenye ivyiza twokwabura ivyo ari vyo, n’ibibi twokwirinda kuzana.
    6. Nagira ndangize nsaba Leta ko itotwarwa n’agashavu, ariko ko yogirira ikigongwe abaririmvyi b’Abarundi mu makosa bakora KUKO BATARIGERA BIGISHWA. Ni abana bayo bakaba n’abacu, kandi nk’uko ba Sokuru bayamaze ngo ‘Gito gitabwa iwabo’, Leta ntibashibure. Barakeneye kwigishwa. Ni co gituma nterereye kandi Leta iki ciyumviro co gushigikira ahubwo abaririmvyi ngo baje mu Mashure y’umuziki, bigishwe ico ari co Umuziki, bawumenye, hanyuma batahure ico bakwiye gukora. Nayo ubu, ni ba bandi bagenze mw’ishamba batazi, bagaca inkoni batazi. Murakoze.
    Ni Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE arongoye INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Tél : 79 877 097 canke 77 758 123. Email : [email protected]

  • we manzi,ako gasuzuguru kawe,nibaza kwatariwewe wenyene ugafise,ugasangiye nabo nyene ba RUFYIRI ,PACIFIQUE,VITAL,MBONIMPA,MUHOZI,nabo bandi musangiye uyo mugambi mubi woguta igihugu mukaga,motif ngo nuko kirongowe nabahoze mwishamba!!!????,urunva ko nawe uhejeje kuvyivugira ngo(( ibikoko vyinyeshamba ngo ntaho vyigeze bibana nibitungano))mbega wewe uribanze ico twebwe dusoma ivyuvuze uko duca tubitegera??,vyinyeshamba nibande???,ibitungano nibande???.ico nokwibutsa wewenyene manzi,mbere nabandi barundi mwese,mwibuke ko abonyene ko bivugiye ko ubu butegetsi bwa CNDD-FDD,bwitorewe nabene gihugu,ko atacobazigera bemera bukorer abarundi n’uburundi,icivugo cabo bivugiye ngo((MUBUMBA TUMENA)) iconohanura mwebwe abakeba bubu butegetsi,raba muhindire ingendi,mwemere mubane nabandi,agasuzuguro na kagaye mugakure mumitwe yanyu,mwijukire ibikogwa bibateza imbere,reka kurera amaboko mwishinga kuvuga ayamuhe,reka gushingwa ivyabandi,mugabanye iryo shari mufitiye abandi,kuko amase yakera ntagihoma urutaro,canke URUHOME,ubu duhomesha uruhome isima.nukuvuga ko aruruhome ntamenwa,abunva nimwunve,jewe ntaco nvuze icambu cawa muririmvyi w’umurundi ntibuka neza akazina kiwe!!!!!.

  • Uyo Richard ingingo afata ntizintanganza. Kubamuzi n’umuntu ata jambo yamye afise, kuva agikora mwiradiyo ntavuze. Ntimutangazwe nuko ariko akwiriza amategeko avuye "hejuru", nkuko bahaye bavyivugira!

  • NGIRA MVUGE MAKE
    MANDERA NDADAYE NA GWAGASORE ABO BOSE NTANUMWE YARI AZI ICO BAZOVAMWO.
    NINDE YARAZI KO NKURUNZIZA AZOBA PRESIDENT WIBURUNDI?

    REMURA IYO NTAMA

  • ahubwo iyo mwongerako nu wuguma amushimagiza imbere yabanyagihugu nawe ahanwe urazi iyoyagomba kutujana abe ariwe ajayo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.