IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye kurungikwa abahinga b’abarundi mu gihugu ca Somaliya

Hagiye kurungikwa abahinga b’abarundi mu gihugu ca Somaliya

vendredi 10 Rusama 2013

Uburundi buriteguye kurungika abahinga bazofasha mu gusanura igihugu ca Somaliya cahuye n’ingorane z’intambara, aho imirwi yitwaje ibirwanisho y’aba Al Shabab yasambuye ico gihugu gushika yaho abanyagihugu bata barahunga.

Mu nama icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu c’U burundi nyakubahwa Terensiyo Sinunguruza yahoramwo i Londres mu Bwongereza ku kibazo c’ukwiga uko Somaliya yofashwa ikaja mu nzira y’ibindi b’ihugu vy’Afrika biri mu nzira y’amajambere, yamenyesheje ko igihugu ca Somaliya kibuze inzego nyazo zofasha mu gutunganya neza ico gihugu, ati kandi muri Somaliya nta n’abahinga bafise bofasha mu kwegeranya amakori ya Leta.

Mu gihe yari aganutse avuye muri iyo nama bari batumiwemwo na David Cameron umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Sinunguruza amenyesha ko igisirikare c’aho muri Somaliya kiriko kirigishwa bukebuke.Yongeye amenyesha ko igihucu c’Uburundi kitazohengeshanya mu gufasha, ari naco gituma mu minsi iza abahinga bazorungikwayo kugira bafashe mw’ishirwa munzira ry’imigambi y’iterambere y’igihugu ca Somaliya.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.