Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Hamwe boba barankiwe kuriha mu mice amakori y’ibitenge, bararenganijwe’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > ’’Hamwe boba barankiwe kuriha mu mice amakori y’ibitenge, bararenganijwe’’

’’Hamwe boba barankiwe kuriha mu mice amakori y’ibitenge, bararenganijwe’’

lundi 18 Munyonyo 2013

Ba badandaza b’ibitenge bo kw’isoko kwa siyoni, bararenganijwe nimba barankiwe kuriha mu mice amakori batswe n’ikigo OBR (office burundais des recettes) kugira basubizwe ibitenge vyabo, bivugwa na Tabou Abdallah Manirakiza umushikiranganji w’ubutunzi.

Mu gihe sendika SYGECO ihurikiyemwo abadandaza yari yemeranije na komiseri mukuru arongoye ikigo OBR Holmes Kieran ko ba badandaza b’ibitenge bo kw’isoko kwa siyoni boriha amakori basabwa mu bice 35 kw’ijana ubwa mbere mu nyuma ibice 25 kw’ijana, umukomiseri mukuru ajejwe amatahoza Gaudence Ndayizeye yaranse gukurikiza iyo ngingo yafashwe n’iyo mirwi ukwo ari ibiri, aho mbere asaba ko bariha amakori yose icarimwe maze bagasubizwa ibitenge vyabo. Umushikiranganji Tabou Abdallah Manirakiza, akamenyesha ko abo badandaza barenganijwe kuko amategeko abibemerera ukuri kwamye, yabimenyesheje mu kiganiro uterera iki co ku nsamirizi RPA.

Umushikiranganji Manirakiza ati: ’’nimba ikibazo ari ho kiri ata bindi biri inyuma, komiseri mukuru wa OBR arafise uburenganzira bwose bwo kwemerera abadandaza kuriha amakori mu mice, mu gihe abisabwe kuri iyo mvo, nta numwe yemerewe guhonyanga amategeko aba yaratowe mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.

Ku vyerekeye ibitenge 2475 bivugwa ko vyazimiye mu vyari vyafashwe, amenyesha ko ari kubanza kurindira amatohoza, nimba amakosa yagiriye Reta, n’iyo izobiriha canke ari umukozi wa OBR naho yagiriwe amakosa azobiriha, ariko inyuma y’amatohoza n’imanza zicibwa zigacibwa. Umushikiranganji w’ubutunzi Tabou Abdallah Manirakiza akaba yemeye ko agiye gushinga umurwi ujejewe gutatura amatati hagati y’izo mpande zibiri OBR n’abo badandaza b’ibitenge.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.