Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kayanza: Haratangujwe umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Kayanza: Haratangujwe umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu

Kayanza: Haratangujwe umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu

dimanche 21 Ndamukiza 2013

Mu ntumbero gufasha ama komine kwiteza imbere mw’iterambere, Umushikiranganji w’iterambere ry’ama komine, Jean Claude Ndihokubwayo yaratanguje kuwa gatanu igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2013, mu ntara ya Kayanza, umugambi wo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu.

Uwo mugambi ufashwe mu mugongo n’igihugu ca Suisse, ukaba uzotwara amafaranga y’amanyaburaya angina n’imiliyoni zitatu(imiliyaridi zitandatu z’amafaranga y’amarundi, mu kiringo c’imyaka ibiri.

Umushikiranganji Ndihokubwayo yasavye abajejwe intwaro mu ntara ya Kayanza gutegura imigambi y’iterambere izoheza igafatwa mu mugongo.
Uwo mugambi ukaba uje hageze kuko intara ya Kayanza ifise ingorane ziturutse ku rwirirana ry’abantu. Yasavye kandi ko hoba itunganwa ribereye mu migambi yose izokorerwa muri iyo ntara.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.