Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Harerimana Félix yashize ku mugaragaro amasanamu y’indirimbo « Urugo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Harerimana Félix yashize ku mugaragaro amasanamu y’indirimbo « Urugo (...)

Harerimana Félix yashize ku mugaragaro amasanamu y’indirimbo « Urugo n’amatungo »

vendredi 13 Nyakanga 2013

Indirimbo « Urugo n’amatungo » igaruka cane ku munsi w’ubugeni, ivuga ko abavyeyi naho bakuronsa amatunga menshi ariko, umutambukanyi mwiza umuhabwa n’Imana. Amasanamu yayo yashizwe ku mugaragaro n’umuririmvyi Harerimana Félix.

Harerimana Felix ni umuririmvyi aririmba indirimbo zihimbaza Imana mu gihugu c’Urwanda mu gisagara ca Kigali, akaba ariko aragenda atera intambwe ishimishije mu bikorwa vy’Imana nk’uko yabiyagiye ikinyamakuru IGIHE. Avuga ko yatanguye kuririmbira Imana akiri umwana mutoyi ku buryo benshi bamutangarira ico gihe, ubu akaba amaze kugira indirimbo yanditse zigera 150 , icumi za mbere zikabna ziri mu
rukurikirane rwiwe rwa mbere rwitwa « Abanyamugisha » izindi 10 zikaba mu rukurikirane rwa kabiri, urwo narwo akaba ariko yitegurira kurushira ku mugaragaro akaba yararutaziriye indirimbo yiwe ikundwa yitwa « Haracyari ibyiringiro »(Haracari ivyizigiro).

Felix Harerimana ni umuririmvyi ubu yashize hanze amasanamu y’indirimbo yiwe yise « Urugo n’amatungo » akaba yarayiririmvye afise intumbero yo kubwira abantu ko hari Imihezagiro ishobora guturuka ku ba vyeyi b’umuntu, ariko ko umutambukanyi mwiza umuhabwa n’Imana. Yabandanije avuga ko icatumye aririmba iyo ndirimbo cane yagomba kubwira urwaruka ko rukwiye kuja rusenga Imana, imbere yo kwubaka, kandi rukitwara neza, kuko ariyo nzira yo kuzogira iherezo ryiza


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.