Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari abadandaza bagishaka kwinjiza ibintu mu mpisho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Hari abadandaza bagishaka kwinjiza ibintu mu mpisho

Hari abadandaza bagishaka kwinjiza ibintu mu mpisho

mardi 18 Ruheshi 2013

Igisata kijejwe kwegeranya amakori OBR caronkejwe imfashanyo ingana n’amadolari y’Amerika ibihumbi 923000, yatanzwe n’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika hamwe na Trade Mark East Africa.

Iyo mfashanyo rero ikazofasha ico gisata mu vyo gutumatumanako amakuru n’ukurwanya igiturire mu mezi 18. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umushikiranganji Tabu Abdallah Manirakiza, umushikiranganji w’ikigega ca Leta, uwuserukira igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Dawn Liberi hamwe n’umuyobozi mukuru wa Trade Mark East Africa David Stanton.

Dawn Liberi avuga ko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru muri ico gisata ca OBR, buzotuma harwanywa bimwe biboneka ibiturire, hamwe no gushigikira ingendo nshasha yo gukora neza mu gisata co kwegeranya amakori. Abakora muri ico gisata rero ngo barakwiye kuronswa inyigisho mu ntumbero y’uguteza imbere ibijanye n’itozwa ry’amakori mu gihugu.

Ku bw’umushikiranganji Manirakiza, avuga ko iyo mfashanyo ije hageze na rirya ico gisata gifitiye akamaro Leta, nawe akavuga ko iyo mfashanyo izofasha bimwe biboneka mu musaruro w’igihugu. Ikindi naco ni ukwo abadandaji bato bato bategerezwa kumenya akamaro ko kuronka inomero y’agakarata ndanga kori, ako rero kagatuma umudandaza wese yaba muto canke mukuru amenyeana, agaheza agatanga ikori, mu gihe abadandaza batari bake batazi akamaro k’iyo karata ndanga kori.

Ndetse hakaba hakiri n’abandi badandaza bagishaka kugira bimwe vy’aho hambere hahise, vy’ugushaka kwinjiza ibidandazwa vyabo mu mpisho, bikinjira bidatanze ikori, canke bagashaka kubanza kuvugana mu mpisho n’abatozakori.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.