Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hari igituma amafaranga y’amarundi aguma ata agaciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Hari igituma amafaranga y’amarundi aguma ata agaciro

Hari igituma amafaranga y’amarundi aguma ata agaciro

mercredi 27 Ruhuhuma 2013

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta Tabu Abdallah Manirakiza avuga ko ukubikura amafaranga y’agaciro mu Burundi bica intege beneyo, kubera batarekuriwe kurenza amadolari ibihumbi mirongo itanu ku mwaka. Ivyo rero ngo biratuma abafise amahera y’agaciro bahitamwo kuyabitsa mu mabanki yo hanze.

Kubw’umushikiranganji, icunyura ibintu, ni ibihuha bimaze imisi bivugwa ko amahera ari mu mabanki agiye kuzohora atozwa ikori. Avuga ko vyatumye benshi bakura amahera yabo ku makonti ya hano mu Burundi bakayajana hanze, abandi nabo bakayabika muhira. Aremeza ko atamugambi uhari wo gutoza ikori amahera abitswe mu ma banki, ahubwo avuga ko ari ibihuha bitagira aho bifatiye.

JPEG - 112.3 ko

Mu gihe amashirahamwe amwe amwe nk’iryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo Parcem avuga ko muri banki nkuru y’igihugu ata mahera y’agaciro ariyo, Tabu Abdallah avuga ko atarivyo. Ahubwo ngo igihugu kirayafise, mbere amenyesha ko n’ayintega bizoza ashobora gukoreshwa mu kiringo c’amezi ane ahari.

PNG - 54.4 ko

iyi foto yererekana uko ifaranga ry’uburundi rigenda rihindagurika ugereranyije n’idorari kuva 31/8/2012 gushika 26/2/2013

Ku kibazo c’abahinga mu vy’ubutunzi basaba ko hoba inama rukokoma yo kwiga ikibazo c’ubutunzi mu Burundi harimwo n’ikoroka ry’agaciro k’amahera y’amarundi, umushikiranganji avuga ko umurwi uvyiga wamaze gushirwaho n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu,ngo ivyo uwo murwi uzoba washitseko bizoshirwa ku mugaragaro vuba.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.