Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Havugwa menshi kw’itoroka rya Innocent Ngendakuriyo batazira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Havugwa menshi kw’itoroka rya Innocent Ngendakuriyo batazira (...)

Havugwa menshi kw’itoroka rya Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabu

samedi 5 Nzero 2013

Itorokeshwa rya Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabuicagiriji gikomeye aka n’umwe mu bakekwako ubwicanyi bw’abantu 39 bwabereye mu Gatumba mu mwaka w’2011 rirateye impari. Abatavuga rumwe na Reta babona ko ari umugambi wa Reta wo kubaburabuza.

Gushika ubu ntawuzi iyo Ngendakuriyo Innocent batazira Nzarabu ari. Uyo nawe niwe azi vyinshi ku bijanye n’ubwicanyi bwahitanye abantu 39 mu Gatumba komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura. Mu ntahe y’icese Nzarabu yadomye urutoke kuri bamwe mu ndongozi z’igipolisi n’iperereza ko zagize uruhara muri ubwo bwicanyi.

Urunani ADC ikibiri rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta rwemeje ko gutorokesha uyo munyororo ari ugushaka kuremeka inteba ishushe bamwe mu ndongozi z’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi . Chauvineau Mugwengezo avugira ADC-Ikibiri yavuze ko abaronderwa n’ubutegetsi ari Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD ubu ari mu buhungiro,Léonce Ngendakumana arongoye ADC- ikibiri , chauvineau Mugwengezo avugira urwo runani ,Rwasa Agathon avuga ko arongoye FNL mbere ari mu buhungiro hamwe na Manassé Nzobonimpa yahoze ari umushingamateka wo mukarere ka Afirika y’ubuseruko.

Chauvineau avugira ADC-Ikibiri yamenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri nuyu wa gatanu ko atakindi atari ico yise ‘’irementanya’’ ryakozwe ngo na bamwe mu gipolisi c’iperereza, ngo ryoba ari irigamije atari kuzimanganya ukuri kubakoze uwicanyi bwo mu Gatumba n’ugushaka ko indongozi z’imigambwe itavugarumwe n’uwuri k’ubutegetsi zoshika mu matora yo 2015 ziri mu mvuto gutyo umugambwe CNDD FDD uri k’ubutegetsi uzoje mu matora ari wonyene.
Uwo avugira ADC- ikibiri asaba abarundi n’amakungu gukora ibishoboka vyose kugira ico cabona c’ubwicanyi bwo mu Gatumba ntikizimangane ukuri kutaraja ahabona ngo abagiriwe n’icaha bahanwe.

Itotoka canke inyuruzwa ry’umunyororo Innocent Ngendakuriyo batazira Nzarabu ryatanguye kuvugwa ku munsi wa gatanu w’indwi iheze italike 28 Kigarama2012. Yahora afungiwe mw’ibohero rya Rumonge mu ntara ya Bururi.

Yaravugiye ku maradiyo ko yanyurujwe n’abantu atamenye ariko ngo bambaye impuzu z’igipolisi. Yavuze kandi ko abamunyuruje bamutegetsi guhindura ivyo yatangaje muri sentare imbere y’uko acirirwa igihano co gufungwa ubuzima bwose co komwe n’abandi barenga 10 bagirizwa icaha c’ubwicanyi bw’abantu 39 mu Gatumba. Ngo yategetswe kuvuga ko ubwo bwicanyi bwateguwe n’abatavuga rumwe na Reta cane cane abanyepolitike bahunze u Burundi.

kw’ifoto:Chauvineau Mugwengezo,avugira ADC-Ikibiri


Raymond Nzimana

Messages

  • Mwaramutse. jewe mfise iciyumviro canke ikibazo ku vyerekeye itorokeshwa rya Nzarabu. Mbega ko umengo hari agacere kw’itoroka ryiwe, urubanza rwoba ruzobandanya canbke? mbe hamwe vyukuri yobura, ubwo hoboneka ibindi vyagiriji mu rubanza akurikiranwako, urubanza ruzoheza rube?
    Abo yoba yaramaze kuvuga hoho ntibazohava batavyemera?
    Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.