IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hervé Ladsous amenyesha ko Uburundi bushobor gushikirwa n’ibintu bitatu (...)

Hervé Ladsous amenyesha ko Uburundi bushobor gushikirwa n’ibintu bitatu bikomeye

mercredi 13 Nzero 2016

Umuyobozi ajejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Hervé Ladsous amenyesha ko hari ibintu bitatu bishobora gushikira igihugu c’Uburundi, mu gihe ibintu vyoguma uko bimeze muri iki gihe.

Abicishije mu rwandiko rwo mw’ibanga yashikiraja inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Hervé Ladsous avuga ko ica mbere ari uko igihugu gishobora kuja mu ndyane ariko zishobora gutorerwa umuti n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU biciye mu biganiro.

Ica kabiri urwo rwandiko rwerekana,ni uko ubugizi bwa nabi bushobora kuguma bwiyongera,bigatuma haduka intambara mu gihugu.

Ica nyuma ari naco gikomeye urwo rwandiko rwerekana,ni uko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko.

Inyuma yo gushikirizwa urwo rwandiko,inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaramaze gufata ingingo yo kurungika umurwi wo kwihweza uko ibintu bimeze mu Burundi.

Uwo murwi uzoba uri mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 20 gushika kw’igenekerezo rya 22 Nzero 2016.

Indyane mu Burundi zatanguye kwibonekeza kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane mu mwaka uheze wa 2015,bimenyekanye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azokwitoza kurongora igihugu ku ncuro ya gatatu.


IGIHE

Messages

  • nyakubahwa ikibazo co mugihugu cuburundi nikibazocagacamutwe kuburyo. bwuko kugeza ubu benshi ntibaribubone ikiribukogwe. nabogize icobafashije usanga bafise ubwoba. bwibibihugu. vyibihangange. kwisi. bishigikiye. reta. yabujumbura irongwe. na Nkurunziza. pierre

    nyakubahwa ibibihugu vyibihangange. kwisi 6 bimushigikiye nsivyogutamundasa. birateye. ubwoba gerageza murabe icokogwa ariko mbona umengo birakome nahimana gusa!

    abobasoda. nabo mukubarungika muzemubanze muvyigeneza. kuko intambara yomuburundi izogira. ingaruka zikome muri : Africa, Europe, America, Asia

    kandi inyumayivyo ibihuguvyinshi bizorabana ayingwe kubera ikikibazo kirimuburundi rero nukucitondera. umucanwa utaramara gutangura kwaka. murakoze !

  • nyakubahwa ikibazo co mugihugu cuburundi nikibazocagacamutwe kuburyo. bwuko kugeza ubu benshi ntibaribubone ikiribukogwe. nabogize icobafashije usanga bafise ubwoba. bwibibihugu. vyibihangange. kwisi. bishigikiye. reta. yabujumbura irongwe. na Nkurunziza. pierre

    nyakubahwa ibibihugu vyibihangange. kwisi 6 bimushigikiye nsivyogutamundasa. birateye. ubwoba gerageza murabe icokogwa ariko mbona umengo birakome nahimana gusa!

    abobasoda. nabo mukubarungika muzemubanze muvyigeneza. kuko intambara yomuburundi izogira. ingaruka zikome muri : Africa, Europe, America, Asia

    kandi inyumayivyo ibihuguvyinshi bizorabana ayingwe kubera ikikibazo kirimuburundi rero nukucitondera. umucanwa utaramara gutangura kwaka. murakoze !

  • Genocide ,Genocide ...
    Mais il faux d’abord se demander la cause des genocides vant de cry genocide dans ces pays.:
    DEPUIS L’INDEPENDANCE LA MINORITY TUTSI LUTTENT EXTREMEMENT DE CONTROLER LE POUVOIR ET CONTROLLER LA MAJORITY HUTU QUI DE DERNIER CRY A SON DROIT LE PLUS EMINENT DE DEMOCRATY
    C’EST EXACTEMENT LE MEME CAS DE APARTIED DE L AFRIQUE DU SUD
    BIEN SUR C’EST NE PAS DU TOUT UNE SOLUTION DE FAIRE :GENOCIDE CONTRE LES TUTSI COMME SOLUTION "MAIS TANT QUE L ’OCCIDENT PENSE AU GENOCIDE QUE PLUS QUE A PENSER LA CAUSE IL SERA DIFFICILE DE PREVOIR LE GENOCIDE.
    LA CAUSE NE PAS QUE LES HUTUS HAISSENT LES TUTSIS ,AU CONTRAIRE NOUS VEVONS TRES BIEN ENSEMBLE CHAQUE JOUR . SI ON SE HAISSER ON SE TUERAIT CHAQUE JOUR MAIS LES GENOCIDES OU MASSACRES SE PASSE LORSQUE LA MINORITY PENSENT VOULOIR CONTROLER LE POUVOIR COMME SI ILS SONT SUPERIOR MAIS LE MONDE LE SAVE PAS CELA .LE MONDE PENSE QUE LES TUTSIS SONT HAI PAR LES HUTUS !!
    MAIS ACTUELEMENT ,HEUREUSEMENT AVEC L’ACCORD D’ARUSHA QUI MERCHE ,LE GENOCIDE NE PEUT PAS FACILEMENT SE PASSER MAIS LES MESSACRES MOINS MASSIVES PEUT SE PASSER.
    THANT QUE LE MONDE NE SACHE PAS QUE IL YA UN TENDANCE A TRAVERS MASONGES AU SEIN DE CERTAINS TUTSI DE VOULOIR CONTROLER "TOUT" LE POUVOIR SUPERIEUR EN PRENANS LES HUTUS COMME LES BLANCS D’ICI EN AFRIQUE DU SUD PRENAIT LES NOIRS ,ALORS IL Y AURA TENDANCE DE MASSACRES GENOCIDAIRES.

    POUR PREVOIR LE GENOCIDE IL FAUX ETUDIER FIRST A LA CAUSE
    LE GENOCIDE EST LA COMSECENSE LE PLUS EXTREME DES GENS DESERPERER

  • Nimbarimwebwe muzoza kuyikorera abarundi iyi genucide nayo abarundi, canke mukaba mumazekubonako abazokomeza gutera uburundi kobazobahanagura mwihweje ukwabasirikare bigihugu bamaze kugabiriza kurugero rwohejuru kuko barose akanya gakwiye kokwitegurira kurwanya abazohirahira ngobazanye ibirwanisho vyokurwanya abarundi.
    Iyaba murabandi mubamucishamwo akajambo kavugako musavye mwihanikiririje abobose bagifise agatima kogutera uburundi bakoresheje ibirwanisho ntimwihende ngomusubire kubikora kuko mwabonye ibimenyetso vyerekana ko abajejwe umutekano wu Burundi bashiririye kurugero rwohejuru.

  • Ihonyabwoko muburundi bavuga ntarihari%ahubwo abo babivuga mubarebeho neza!burya abarundi tureba kure% ababivuga niba aribo bazobikora canke baramaze kurungika ibitero kuburundi ariko imana nico cabona%.

  • Ndagomba kubabwira ko jewe namazekubwira kera ko igisirikare cu Burundi gikomeye ninacogituma mubahora bashigikira ko coterwa nabakirwanya ahoharimugihe ca Nzabampema naruwambere arikubu nanje nahisemwo gushigikira icogisirikare nakare nicigihugu canje.

  • NONE NKAH UVUZIKI?MWEBWE MUHINVYE NTACOYINE NGO JENOCID.IYOMWATEGUYE KUGIRA MUHONY ABAHUTU MURAYIKORA MUGA MUMENYE HEJURU YAVYOSE HARIMANA

  • Abayahudi kugira Imana ibakure mubuja bwi Babiloni bakoresheje ukuri ,ntahantu dusoma ko Daniel nabagenziwe ko boba barakoresheje Ikinyoma.ariko ubu icibonekeza nuko Ikinyoma casasiwe indava,bantu b Imana muragabe,kuko ibivurwa mu Burundi no kuburundi bitandukanye nuko Abarundi bari.none Ikinyoma kiri kubanyamahanga canke kubarundi bashaka kuva mubuja baresheje ububeshi.Uwukora ububeshi nu muja wicaha,Imana yacu yoba ishobora gutabara abayo hejuru y Ikimyoma?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.