IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare, abaporisi n’Imbonerakure bagirijwe ubwicanyi ndengerabutungane

Abasirikare, abaporisi n’Imbonerakure bagirijwe ubwicanyi ndengerabutungane

jeudi 12 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Abasirikare n’abaporisi b’Uburundi bagirijwe ko bakoze ivyaha vy’ubwicanyi ndengerabutungane, mu kugandagura abarwanyi bari bishikanye bagera muri 47, mu ngwano yabereye mu ntara ya Cibitoke kuva kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2014 gushika kurya 3 Nzero 2015.

Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe Human Rights Watch avuga mu ntambara yabereye muma komine ya Murwi na Bukinanyana, abarwanyi bishikanye baca bagandagurwa n’abasirikare hamwe n’abaporisi. Iryo shirahamwe ryibutsa ko abajejwe umutekano bafise igikorwa c’ugukingira abanyagihugu, ariko ko batagira uburenganzira bwo kugandagura ababa bishikanye. Ayo matohoza ya Human Rights Watch avuga ko n’urwaruka rw’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi (Imbonerakure) rwari rwafawe ibirwanisho, rukaba rwakoze narwo ubwicanyi ndengerabutungane, mu kugandagura abarwanyi bishikanye.

Daniel Bekele, umuyobozi w’igisata ca Afrika muri Human Rights Watch, akanegura ko abajejwe umutekano n’izo Mbonerakure za CNDD FDD batashatse guhagarika abo bari bishikanye kugira bakorweko amatohoza, ariko bagahitanwo kubagandagura.

Muri Human Rights Watch bamenyesha ko ubwo bwicanyi ndengerabutungane butakozwe mu ntara ya Cibitoke gusa, kuko buje bukurikira ubundi bwakozwe n’abajejwe umutekano hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD imbere y’ubwo, bukaba bwakorewe bamwe mu banyagihugu, abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ariko muri Human Rights Watch bakavuga ko ivyo bitigiri vy’abagandaguwe mu Cibitoke bibaye ivya mbere biri ku rugero rwo hejuru.

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kane, ishirahamwe Human Rights Watch rimenyesha ko mu banyagihugu bashoboye kuganira, harimwo mbere na bamwe mu bafashwe, bavuze ko abo barwanyi bari baje bafise ibirwanisho bikwiye, biteguriye gushinga ibirindiro mw’ishamba rya Kibila, kugira bazoze barakora ibitero vy’ukurwanya Reta y’Uburundi.

JPEG - 55.4 ko
Daniel Bekele, umuyobozi w’igisata ca Afrika muri Human Rights Watch

Ishirahamwe Human Rights Watch rivuga ko ryarungitse mu ntara ya Cibitoke, mu kwezi kwa mbere, umuhinga muvy’amatohoza, mu kiringo c’iminsi cumi n’indwi. Mu bantu 50 bashoboye kuganira n’uwo muhinga, 32 bemeje ko biboneye ingene abarwanyi bishikanye bagandagurwa n’abasirikare bari kumwe n’abaporisi hamwe n’Imbonerakure za CNDD FDD.

Naho Colonel Gaspard Baratuza umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi yabeshuza abavuga ko hari abarwanyi bishikanye bagaca bagandagurwa, akamenyesha ahubwo ko ata n’umwe muri abo barwanyi yishikanye, ko abafashwe bose bariko bararwana, amatohoza ya Human Rights Watch arerekana amagenekerezo n’ibibanza abo barwanyi bishikanye bagandaguriwemwo. Umunyagihugu yaganiriye n’umuhinga wa Human Rights Watch yivugiye ko yabonye kw’igenekerezo rya 30 Kigarama 2014, ahitwa mu Rwesero, muri komine Murwi, abarwanyi bane bari bahashwe, bakaba bari babohewe amaboko i mugongo. Uwo munyagihugu yayaze na Human Rights Watch avuga ko abo barwanyi bakubiswe n’abaporisi hamwe n’Imbonerakure, mu maso y’abasirikare. Abajejwe umutekano baciye bategeka abanyagihugu bariko barabiraba ko bova muri ico kibanza, bahakuye ikirenge, uwo munyagihugu avuga ko yaciye yumva urwamo rw’amasasu agera kw’icumi.

Abo banyagihugu nyene baganiriye na Human Rights Watch bavuga ko kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2015, abasirikare n’abaporisi bagandaguye barashe mu mutwe abarwanyi batandatu bari bishikanye, imbere y’uruzi Kaburantwa, hagati y’imisozi ya Ngoma na Rugano. Ababibonye bakavuga ko yari nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo.

Kw’igenekerezo rya 2 Nzero, abasirikare n’abaporisi baragandaguye kandi abarwanyi 17 bari bafatiwe mw’ishamba rya Kibindi, hafi ya Mpinga, muri komine Murwi. Abo banyagihugu basigura ko hari nabandi barwanyi bishikanye mu turwi, bakaba baciye batondekeshwa ku murongo, hejuru ku musozi, baragandagurwa, baca bahambwa n’Imbonerakure hamwe n’abanyagihugu bo muri iyo micungararo.

Daniel Bekele, umuyobozi w’igisata ca Afrika muri Human Rights Watch amenyesha ko abajejwe umutekano hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi, ko iyo bakoze ubwicanyi ndengerabutungane, bibazwa Reta, akavuga ko vyari bikwiye ko vuba Reta itanguza amatohoza, abazovyagirizwa bose bashengezwe mu butungane.
Daniel Bekele avuga ko matohoza yotangurira kubari barongoye abasirikare n’abaporisi bari aho mu Cibitoke igihe iyo ntara yaterwa, n’Imbonerakure hamwe n’abanyagihugu bo turere tuvugwamwo ubwicanyi ndengerabutungane bakabazwa.

Human Right Watch yasavye abasanzwe bafasha Uburundi, cane cane abafasha mu gisata c’umutekano nk’Ubuhorande na Reta zunze ubumwe za Amerika, ko bofasha muri ayo matohoza, Reta y’Uburundi nayo igasabwa kuzokwemera ko abahinga mpuzamakungu boza gufasha mu matohoza.


Egide Nduwimana

Messages

  • NONE ABA DD BAZOGARUKIRA HE KO NA BENE WABO BABICA IYO BIKRNRWE UMUGANI WABO???EREGA NTAWUMENYA RYARI NUWUZOMWICA..ZIRYA UMU DD MUKRU YAVUZE KO ZARI IMBONERAKURE ZARI MURI CONGO ..HARI HAGEZE KO BAZIHEZA ..KUKABA NKAKO KUKI BATAVUZE ABARI BO ??NGO IKIBIRI KUKI MUTAVUGA ABARI BO MWARI KUBA MUTOMBOYE..MBE ATARI UMUSAZI NINDE YOJA MURI CONGO ATARI ADOLPHE N ABANDI BASHAKA INZAHABU ..!!!UBIZI NI BUYENGERO YASIZE AMABWENA!!!!!YEMWE UBUTUNGANE BURI KURE ..AMA EXACTION EXTRA JUDICIARES ARATANGUYE KU BA FNL UMVIRIZA HOSE ..DD TEMBA WASAZE..MMURUGURURA AMACAKUBIRI KUKO MUZI KO NTA GIHANA MURAGOWE!!!!!

  • NONE ABA DD BAZOGARUKIRA HE KO NA BENE WABO BABICA IYO BIKRNRWE UMUGANI WABO???EREGA NTAWUMENYA RYARI NUWUZOMWICA..ZIRYA UMU DD MUKRU YAVUZE KO ZARI IMBONERAKURE ZARI MURI CONGO ..HARI HAGEZE KO BAZIHEZA ..KUKABA NKAKO KUKI BATAVUZE ABARI BO ??NGO IKIBIRI KUKI MUTAVUGA ABARI BO MWARI KUBA MUTOMBOYE..MBE ATARI UMUSAZI NINDE YOJA MURI CONGO ATARI ADOLPHE N ABANDI BASHAKA INZAHABU ..!!!UBIZI NI BUYENGERO YASIZE AMABWENA!!!!!YEMWE UBUTUNGANE BURI KURE ..AMA EXACTION EXTRA JUDICIARES ARATANGUYE KU BA FNL UMVIRIZA HOSE ..DD TEMBA WASAZE..MMURUGURURA AMACAKUBIRI KUKO MUZI KO NTA GIHANA MURAGOWE!!!!!

  • ICARI GUTANGURA KWARI UGUTERA IVYATSI ICO GITERO N’ABAGITEGUYE. BITABAYE IVYO MURAHAGABIRA KUKO ICO GITERO NTICARI IKIJE GUKIZA ATARI UGUHEKURA UBURUNDI.

  • KO MWAGUYE MU MAZI ABO MWARI MUTUMYE NGO BAZE KUDUSUBIZA MW’IHUMBI ABASIRIKARE N’ABAPOLISI BACU BAKABIVUNA, BAGAFATWA ABANDI BAKIRUKA, NTIMUBURA GUHENDA AMAKUNGU MUBICISHIJE MURI Y’AMASHIRAHAMWE MWIKERA NGO HARISHWE IMBOHE ZO MU NTAMBARA!! aBAFASHWE TWESE TWARABABONYE BAREREKANYWE!! IYO MIKENYURO YANYU YOSE IRABONYWA!!!!!!!!

  • mbega igihe hari intambara mwitenga abateye igihu ico gihe basigwa amavuta? igihe aba dd na fnl bagwana nabareta ,ko basana abareta bagafa ninyeshamba zigafa,aya mashirahamwe mbona ameze uko ari yavuze kangahe kugira abo bicanyi bateye igihugu ntibicwe? hariho abatera igihugu bamwe bakwiye kwicwa nandi badakwiye kwicwa bariko baragwana.barabahenze murabaza neza.

  • abanyarwanda ndabona muri decice gukuraho iyi ntwaro; mudutere twivune no twarenze amategeko§

  • turazi ko hariho abafise integuro yo kwica abantu kugira baronke ingene bavyegeka ku mbonerakure nabapolis bavuye mwishamba comme ça systeme ya ba dd isambuke.turazi ko hari nabagiye gusaba ababanyi ngo babashigikire barabe ko bosubira gutwara. vyose birazwi intumbero yabavuza amaruru. baripanze politiquement, diplomatiquement kugira nako ga plan kabo kagakenyuro ko kugira bahenure kazoshigikirwe

  • harihakwiye amatohoza akomeye abagirwa nicaha bagahanwa kuko hiswe abantubeshi kandi bishikany nayo baratuza wew ntakundi yarikuvuga kuko vyikobikorwa nabiwe ahubwo muradutohoreza ibirwanisho vyahawe imbonerakuri mwubwobwicanyi iyo vyaciye bija kobabigumany cank babisubij.

  • Bukeke,igiheOssama Bin Laden yamanika amaboko akicwa wewe ko utahagurukije uwo mufutu hasi ngo uvyamagane?abanyagihugu bari kwicwa muri kongo bimpunzi zabahutu ko utariserura?reka ndakubaze,abo bishwe bari baje gusiga amavuta abarundi?mbe iyo baba bafise ingufu zizumba izabasoda bari kubafata bakabatwara hehe?ziba wanyowe

  • mbega uburundi nabwo barageramiwe nambwa zoseee zidawa kuburundi??kumbe mwabarungitse muzi ko kuri bonne kugira baze kubuza benegihugu kwiryohereregwa nimiryango mwari mwateguye ivyo muzobagaburira?? ahubwo nubu murarungika nabandi tuzobagira kuryanyene!!!!huhuhu kadahana imbwa vyorora imisega !!mbega ubahutu bishwe na col nengeri muntara yabubanza kobatavugwa??irya mihimbiri nibobaba tesheje umutwe??ikindi naco murinda kubaza abanyagihugu baza keonsi niyongabo yari kuri ter yaravyiboneye kubra yari invite mwaruryarubanza gwa bonne gwabereye mugwesero!!!yariyaje yambaye costimehahahaha karibu tena gwesero!!!!

  • Sinarinziko harihabantu bakora mumashirahamwe nkayo bashobora kubona igihugu catewe kikanapfisha abenegihugu nabasirikare baco mazeishirahamwe nkiri ryitwa Human Right watch rikananirwa guhoza igihugu cabuze abaco ahubwo rikaza rishinyagura!!! Muvyukuri nibabadafise ubudahangarwa nimuze tubarege batwereke iyo video yabobantubabo baribarungitse gutikiza inganda muburundi bishwe bamanitse amaboko. Nayo ivyovyokuvuga ngwabantubabajijwe bakababwira ngwabarwanyibabo bishwe bamanitse amaboko nonetitubizi kohariho abarundi bashika ibihumbi 19 biyemeje kuzokwama bashigikira bongera bavugira uwowese ashama gukwegera uburundi nabarundi akarambaraye? Zaniyo video vubavuba yerekana ivyomwavuze.

  • Je vous conseille de bien verifier les messages que vous recevez avant de les transmettre.certains messages vehiculent l’esprit de haine. et certains mots sont de nature impolis et irrespectueux.

    merci

  • Je vous conseille de bien verifier les messages que vous recevez avant de les transmettre.certains messages vehiculent l’esprit de haine. et certains mots sont de nature impolis et irrespectueux.

    merci

  • Nashaka kubwira abasoda, polisi, nabarundi Ko ababantu bariko barashakako igitero kigiye kuzokurikira mwozoca mutinya gukorakazikanyu ngokugira HRW ntizobamerere nabi, ndabasabarero kukindigitero nako nibitatu mugihe bitobasambukana ngobitegerezwakuba mbere Yuko ukwezi kwa 5 guhera ngwigikuru nukoamatora yogutora umukuruwigihugu atogera ivyobitero bitaraba, kandibarashaka kuzokora ibintubibiri gufata intarayose canke amakomine makeya bibananiye bazokwica abantubeshi mazenabo kubera ubujaka bwabasirikare biburundi bicwekubwishi bimwebirenze ivyomwumvise kuvyabereye Cibitoke ngononeho bazobebabereye incungu abasigaye ngokuko amashirahamwe mpuzamakungu azoca afatira ibihano nizindingingo zikomeye igihugu cuburundi iyonama niyobaherutse gukora bakoresheje uburyobutandukanye kuko abaribayikurikiranyebose ntibari hamwe bamwebakoresheje amaterefoni, abandi amamachine ashobora guhamagara, ninahohavugiwe ijambongo’ tutabigejegurtyo ntihagire uwuzokwibesha ngomumwaka yavuba ngo CNDD FDD ngomuratezeko izovakubutegetsi ngorabibasubiriyemwo nkukotwaritwabibabwiye munama twagiriye mumwaka uheze mugihugu ca Auganda nubwo ivyotwapangiyeyo vyaraye bihitanye abahungubacu ndibiducintege, harihonuwafashe ijambo yunganira uwarihejeje kuvuga maze aravugango: Muraziko iyo murwanda batahitamwo kwica uwarumukuruwigihugu konunomusi habahakirikubutegetsi wamugambwe wa Habyarimana? Ariko haciyehabuwundi yaciyavugango ntabwo biriya vyobarivyiza kandiryojambo ryavuzwe numuntuwumututsi, ariko umwanzuro wabayewuko bazotera bagafata ahantu maze abasirikare bakahabiciracane nabobazokwiha inkumbinyishi mubanyagihugu kubera iyontambara izobirangiye abasirikare bigihugu aribobatsinze nyumabazokwagirizwakaribobice abobantubose maze uburundi bufatirwe ibihano bikomeye.

  • Ico kibazo nico kwitondera.Nijambo ry’Imana rivuga ko ata kuganza kuva kumana,kandi umusoda ntatwarira inkoho ubusa,Igihe hishwe umwansi ateye igihugu nta caha intwara miheto zakoze ahubwo zakoze neza cane.Nico gituma uwovuga ngo agwanye ivyo bakoze N’Imana nyene ibihugu yomugwanya.Ugiye gutera intambara witegura kwakira uko urugamba rugenda.Intwaramiheto mukomere uzovogera igihugu mumene isobero ubwo buhimbiri mubusugereze kugeza niyo buzanana,izo mbwa!

  • ha biragoye none ayomashirahamwe avutse mur’iyindwi chance yamyeho?ha uwomuntu avugira igihugu muraraba neza KO atariwe arongoye ibitero

  • ha biragoye none ayomashirahamwe avutse mur’iyindwi chance yamyeho?ha uwomuntu avugira igihugu muraraba neza KO atariwe arongoye ibitero

  • jew burya ndumva ivyo muvuga bikatwenza nyamba muba myabuze ivyo mujvuga bemureka kwitweenga mbega wewe ubu hoza umuntu kugutera wew wokora iki kira noneho nabanyagihugu twaraciye ubwenge ntantambara tugishaka iyo batabica naho mwavugako iri imbonera kure

  • Ariko uyo mugab.HRW mwebwe ntimumubona ivyarimwo ko ivyaba Muburundi kuvakeea kwatadedemba ivyadedemba ubu Mara gwabanyamurenge Mara ngwabishwe bishikanye ESE kwatavuga kubaguze igitero kubamenyesha makuru mubufaranca ko babafashe bagaca babica kwatavuze kuki ubufaranca butabaretse ngobubajane mubucamanza ahubwo yaba inama nshingateka yaburaya nabobose mwunva baropoka ubundibwo bafinse inyunguzabo nuko jabayw amahoro adasenzwe harivyo babo batakiromka cokimwe naryo mashirahamwe habaye amahoro nano Baca babura akazi nuko ntavyobosubira kwandika nicogituma bakora ibishobokavyose muguteza akajagari kugirabo baromke ivyobandika hama bashishikare kwironkera infashayo nayo abatabizi Ngo nugukunda abarundi.murarabe neza murakoze

  • Mbega yemwe Abarundi mwabaye gute?mwarabuze ihero ry’imiti!! Sintahura ingene woreka umuntu yakwinjiranye munzu iwawe aje kugutera hanyuma ukamuraka ngo genda amahoro ntaco bivuze kuko kuba barishikanye bari bafise izindi gahunda zabo mwebwe ubwanyu mudashobora gutahura ninayo mpamvu igihe cose mukwakira umushitsi uwariwe wese utegerezwa kutamwizera100% bivanye nuko utazi gahunda ziwe.Be mugira ubwenge nkabantu mwaciye kuntebe yishure ,mwongere mukoreshe ubwenge ndemanwa.
    Mugihe abasirikare na POLICE bari kukazi kabo kandi mukaba mwarumvise impamvu nintumbero za bo barwanyi ayo matohoza nugutakaza umwanya nokubura ico mukora, nkuko mwabivuze aho hejuru ko abajejwe umutekano arugukingira abanyagihugu reka rero bakore akazi kabo, ubwanje ntacaha bakoze ahubwo bakwiye agashimwe.Ubwo uwobatuma kugira amatohoza yubwicanyi bwabaye muri 1993 mwotora bande mugasigaza bande?
    Nimwirambire ncuti zuburundi nakazi kanyu mukomere kumwuga wanyu wogukingira abenegihugu.

  • Nibara birababaje amakungu yarakwiriye kubafatiringingo chanechane ababakurira bararenze akarimbi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.