IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HRW itewe amakenga n’itorwa ry’Uburundi mu rwego mpuzamakungu rw’agateka ka (...)

HRW itewe amakenga n’itorwa ry’Uburundi mu rwego mpuzamakungu rw’agateka ka zina muntu

samedi 31 Gitugutu 2015, par egide

Ishirahamwe mpuzmakungu rijejwe agateka ka zina muntu HRW (Human Rights Watch) ririyamiriza itorwa ry’Uburundi mu rwego mpuzamakungu rujejwe agateka ka zina muntu. Iryo shirahamwe rimenyesha ko iryo torwa rihushanye n’ibikorerwa mu Burundi.

Mw’itangazo yasohoye, Carina Tertsakian ajejwe ibikorwa vya Human Rights Watch mu Burundi no mu Rwanda, yamenyesheje ko biteye amakenga Uburundi butorerwe kuja mu rwego mpuzamakungu rujejwe agateka ka zina muntu, kandi agateka ka zina muntu muri ico gihugu katifashe neza.

JPEG - 41.8 ko
Carina Tertsakian ajejwe ibikorwa vya Human Rights Watch mu Burundi no mu Rwanda

Muri tumwe mu turorero rw’ihungabana ry’agateka ka zina mu Burundi, Carina Tertsakian ajejwe ibikorwa vya Human Rights Watch mu Burundi no mu Rwanda yavuze ubwicanyi bukorwa iminsi yose mu Burundi, ibiziga biguma bitorwa mu gisagara ca Bujumbura, abantu amajana bapfungiwe mu busho butandukanye, hamwe n’amaradiyo yigenga yaturiwe.

Uburundi buheruka gushirwa mu rwego mpuzamakungu rujejwe agateka ka zina muntu (Conseil des Droits de l’Homme), urwego rugizwe n’ibihugu mirongo ine n’indwi. Muri urwo rwego, umugabane wa Afrika userukirwa n’ibihugu 13.

Uburundi hamwe n’ibindi bihugu 18 vyatowe bifise ikiringo c’imyaka itatu, kizotangura kuva kw’igenekerezo rya mbere Nzero 2016, kirangire mu mwaka w’2019.


IGIHE

Messages

  • Eeeh reka bamwe barko baragumuka baberekeko ataco bazoshkako uhagarikiwe ningwe aravoma hama vital naband bivugire ayo bashaka hahaha aho turacabazanira udutangaza na mcezo wandani

  • Emwe, Murabe Murumva Ibizokurikira!! Budya Abazungu N’abanyamitwe!!

  • Ahaa Muvyukuri Uburundi bwashizwemwo bitabereye Kuko Abategetsi Buburundi Bose Wogirango bashinze Kugahonyanga

  • Aba bakoroni b’abacangero nibo babuza Afrika ko ironka amahoro. Urabona nk’uyu muntu atazi no gusokoza akaba ariwe acura bufuni na buhora umugabane wa Afrika. Genda Afrika waragowe. Mugabo sibo Afrika yabuze indongozi nyazo. Uwigize ikivumvu bamuyoza amase.

  • uyo mugore ntavuge ko atagomba uburundi bwinjira muriyonama ahubwo yanka urunuka intwaro yabahutu itwara murikino gihe.mbeko atidogera abanyemerika bafunga 60% yabirabure nibobakorivyaha gusa? canke abirabure birigwa bararatswa nabaporisi babazungu? canke amagorwa bateye muri irak,libye.siriya.niyitonde imana niyo izoca urubanza harinaho nawenyene atabuze amakosa

  • HRW ivuga iki ku bwicanyi bwirirwa New york ? Abanyamerika baraswa buri munsi n abapolisi kubera uruhu rwabo ....?

  • @Richo, ngo yanka intwaro yabahutu? uri ikigugu vraiment ntagubwo kunya ufise, mbe hatwaye umuhutu wewe bica biguteza imbere? aho wosanga mumuryango wawe ufise abagwaye imvunja kandi hatwara umuhutu. Ubwoko sibwo tukiriko wa kigugu we tugomba intwaro rusangi niterambere. Hama america muriko murigerereranya nubugugu butuma muvuga ibitagerereranywa. Naho abakora amakosa ntaho bataba kwisi yose mugabo barahanwa keretse mu Burundi.

  • JEWE NANJE NARAHATSWE KWICWA NUMUBABARO,IGIHUSHANE NKICO!NONE IVYO VYAVUYE HE?IBIKORWA MUBURUNDI BIRATEYE UBWOBA.

  • Uwomukecuru ubwo aziko aboriguofa ko bicwa nareta yuburundi? Ntaziko variki baricwa na banyangoma na sinduhije be na bagodefroid niyombare. Namyorere Amado abobariguforima ibisoda munazu yabo naho kumusaga na mububirigi

  • Eeeee ni bara kumva Uburundi bwotorerwa mururwo rwego nkurwo!!! ico bisunze ntacondatahura, muburundi bagezekure muguhohotera kiremwa muntu. mwicokibanza ntaco bakwiye nukuri, nonega nkabobategetsi bongaha muburundi bohanura nde mubijanye nukutubahiriza agateka kazina muntu? ntahovyabonetse umwicanyi ahanura umwicanyi nkawe.

  • Nabado mwarimuzi ko batabibona abicabantu nabahenzwe si leta nibindi birinyuma mumaramare ntacomvuz ariko....?

  • Babwire izontumva zimbonerakunya n’abagumyabondo.

  • Ubwo Carina si Umubirigi? ntibitangaje Kuko uwo MUKAMAKARE ashigikiye abagomvye kwaka ijambo abenegihu le13/5/2015 ngo barisubize ababirigi.Mbe urwanda aruvuga kw’iki kotuziko hari umuce wabanyarwanda ugeramiwe nuwuvutse baca bica?Umwirabure muri Etats-unis atemeye kuba un objet des blancs abayishwe.Abivuga Kw’iki?

  • Abahungabanije Agateka Kazina Muntu Sireta Nibasindumuja

  • je ndatangara cane numvise umuntu avugako uburundi budakwiye kuja mushirahamwe ryagateka kazina muntu erega nubwo hatorwa ibiziga mbese n’abantu bakicwa ntabwo bisigura ko agateka katubahirizwa gusa harabantu bintovyi babikora kugira bereke amakungu ko reta yica kandi twe tubona aho ikosa riri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.