IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > I Bujumbura uruja n’uruza rwari rwinshi kubera iminsi mikuru iheza (...)

I Bujumbura uruja n’uruza rwari rwinshi kubera iminsi mikuru iheza umwaka

mardi 1er Nzero 2013

Kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 kigarama 2012 mu gisagara ca Bujumbura uruja n’uruza rwari runini ivyatuma mbere vyagorana kugira uronke inzira yo gushika aho waba wipfuza gushika.

Mu gisagara ca Bujumbura vyari bigoye kuri uno wa mbere itariki 31 kigarama 2012 kugira uronke aho uca uriko uriyunguruza.Abantu bari benshi cane kuko benshi bari baje kurondera ivyo bakoresha mu gutegura ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’umwaka mushasha.

Uravye imiduga yari mu mabarabara,vyabonekako yari myinshi cane ku buryo mbere vyari gutuma umuntu yibaza nimba iyo miduga iba mu gisagara ca Bujumbura kuko vyabonekako umuntu wese yari mu gisagara ca Bujumbura yoba yarafise imodoka.

Tubajije abadandaza,batubwiyeko umunsi mukuru wo guhimbaza umwaka mushasha ariwo ubaha amafaranga menshi kuko kuri uno munsi abaza kugura ibintu baba ari benshi bigaca bituma badandaza ku rugero rushimishije.Nayo abacuruza inyama bobo bavugako badandaza cane kuko hagera isaha zitandatu z’umuhingamo nka zose zamaze guhera.

Iyi minsi mikuru ikaba ishitse mu gihe abanyagihugu batari bake bavugako bugarijwe n’ubukene ko rero uko bahora bahimbaza iminsi mikuru atariko babigira ubu.


Joël sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.