Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki y’isi yose ibandanya ifasha ikigo OBR kugira umwimbu uduge - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibanki y’isi yose ibandanya ifasha ikigo OBR kugira umwimbu uduge

Ibanki y’isi yose ibandanya ifasha ikigo OBR kugira umwimbu uduge

jeudi 29 Rusama 2014

Ibanki y’isi yose iriko irafasha ikigo OBR kugira kibandanye kiduza umwimbu kuko amahera atozwa, ariyo aheza akavamwo imigambi y’iterambere itashobora kuranguka ikoreshejwe n’ikigega c’Uburundi.

Ivyo bikaba biri mu vyayazwe mu mubonano Philippe Dongier, umuyobozi nshingwabikorwa mu bihugu bitatu biri muri Afrika y’Ubuseruko ari vyo Uburundi, Ubuganda na Tanzaniya mw’ibanki y’isi yose hamwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri, mu mubonano wo kuri uyu wa gatatu, igenekerezo rya 28 Rusama uyu mwaka.

Muri uwo mubonano bakaba barabiye kandi hamwe imigambi imaze kurangurwa ku Burundi kuyo isanzwe ifashwamwo n’ibanki y’isi yose, na cane cane ingene Uburundi bwitayeho ivyo gutwara neza. Bongeye barabira hamwe n’ukungene umwimbu waduze mu kigega OBR kugira amahera atozwe ari menshi kurusha uko vyahora.

Twobamenyesha ko mu kigo OBR bavuga nabo ko kigiye kubandanya akazi bashinzwe ko gukingira amakori n’amatagisi, kugira ubutunzi bw’igihugu bwisununure, kandi bongere kworohereza abarwizatunga bo mu Burundi. Ivyo rero, bikaba biri mu bituma umwimbu wiyongera, kuva mu mwaka w’2013 gushika uyu munsi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.