Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki y’isi yose yiyemeje gufasha u Burundi mu bisata vy’iterambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibanki y’isi yose yiyemeje gufasha u Burundi mu bisata vy’iterambere

Ibanki y’isi yose yiyemeje gufasha u Burundi mu bisata vy’iterambere

dimanche 20 Nzero 2013

Uwurongoye igisata c’ibanki y’isi yose mu Burundi, Tanzaniya na Uganda, Philippe Dongier yahora mu rugendo rw’indwi yose mu Burundi. Yamenyesheje ko ibanki y’isi yose igiye gufasha u Burundi mu bisata vy’iterambere cane cane umuyagankuba,igiterwa c’ikawa hamwe no gutumanatumanako amakuru.

Kuvyerekeye igisata c’umuyagankuba, ngo ibanki y’isi yose izofasha mu kubaka ingomero zitanga amatara ku nkengera z’inzuzi Mujiji na Murembwe mu ntara ya Bururi ku mafaranga arenga imiliyoni 200 y’amadolari. Aho ngo ibanki y’isi yose izotanga imiliyoni zirenga 70 z’amadolari y’abanyamerika.

Uwo arongoye ibanki y’isi yose yavuze ko iyo banki iriko iravugana n’abarongoye u Burundi ingene ubwo buryo bwoboneka. Avuga ko igihugu kitagira umuyagankuba ata bagwizatunga bakizanamwo imitahe y’ubutunzi, ngo nico gituma ibanki y’isi yose izokwihatira kuri iyo migambi. Gutyo ngo hazotangwa n’ubuzi bw’inshi muri iyo ntumbero.

Igisata kigira kabiri kizofashwa n’ibanki y’isi yose n’icerekeye gutumanatumanako amakuru. Aho ni cane cane umuhora w’ubuhinga bwa none uriko urubakwa witwa ‘’Fibre Optique’’.

Yagize ati’’ Turamaze kubona ko mu minsi iri imbere, urutsinga rwa Fibre Optique ruzoba rwaheze gushikanwa mu bisagara vyose vyo mu Burundi, hanyuma haboneke internet ku buryo bwihuta. Amashirahamwe n’amahinguriro azohatorera akoyoko.’’

Yavuze ko naho uburyo buzova, abarongoye ibanki y’isi yose yamaze kuvyemeza kandi ko n’abagwizatunga bigenga bamaze gutangura kwegeranya uburyo.
Igisata ca nyuma n’icerekeye guteza imbere igiterwa c’ikawa arinaco kizanira amafaranga y’agaciro u Burundi hagakurikira icayi.

Kubwa M. Dongier ngo ikawa itunze imiryango iri hagati y’ibihumbi 800 n’ibihumbi 900. Guteza imbere ico gisata ngo n’ugufata mu mugongo iyo miryango yose.
Yavuze ko kugwiza umwimbu n’akanovera k’ikawa iyo ntumbero nyamukuru mu kugwiza no gukomeza iterambere y’igihugu.

Ngo hazoronderwa iyindi mivyaro y’ikawa yimbuka cane kandi ningoga, ibiti bishaje bizosubirizwa hanyuma n’umwavu wa kijambere uboneke ku bwinshi hamwe rero no gukoresha uburyo bushasha bwo kurima ikawa yimbuka kandi y’akanovera.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.