Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibanki y’isi yose yiyemeje kubandanya ifasha u Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibanki y’isi yose yiyemeje kubandanya ifasha u Burundi

Ibanki y’isi yose yiyemeje kubandanya ifasha u Burundi

jeudi 6 Kigarama 2012

Uwurongoye ibanki y’isi yose ajejewe gufashanya aherutse kugendera u Burundi, yagiye amenyesheje ko ibanki y’isi yose igiye kwitaho ivyerekeye guteza imbere igihugu hamwe n’ibijanye no gushira imitahe mu bisata bimwe bimwe.

Pierre Guislain, umuyobozi muri banki y’isi ajejwe ivyo gufashanya ashimiraa icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ku kungene muri iyi myaka iheze U Burundi bwateye imbere mu bijanye n’ubudandaji.

Guislain yaramenyesheje kandi ko naho biri uko hagisigaye ibitari bike vyo gukorwa kandi ko Ibanki y’isi yose itegekanya kubandanya ifasha reta y’U Burundi muri iyo nzira yo guteza imbere ibijanye n’ubudandaji. Yaragiranye umubonano yagiranye n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri .
Abo banyacubahiro babiri baraganiriye ku bijanye n’igisata c’amasoko ntanganguvu aho bihweje ico ibanki y’isi yose yoshobora gukora mu bijanye n’umuyagankuba, baraganiriye kandi ku bijanye n’igisata c’abikorera ivyabo n’ingene reta yoshobora kugenzura ibisata bimwe bimwe.

Kubwa Gervais Rufyikiri icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, yarashimiye ibanki y’isi yose abicishije muri uwo murwi w’intumwa zayo yari ahejeje kwakira kuko idahengeshanya gushigikira U Burundi, akaba yaboneyeho n’akaryo ko gusaba ibanki y’isi yose ngo ibandanye gufasha U Burundi kugirango bashobore gukuraho intambamyi zoza muri ukwo guteza imbere igisata c’ubudandaji. Yarongeye aramenyesha ko abarundi bakeneye abarwizatunga bigenga bariko bakorera mu gihugu.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yipfuza ko ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyo ubutunzi ryobandanya gufasha abarwizatunga mu ntumbero y’uko abarundi nabo boshikirwa n’ihinduka riri mu gisata c’ubudandaji. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaramenyesheje kandi ko ibanki y’isi yose n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivyo ubutu nzi bashobora gufasha U Burundi mu bijanye no kwubaka ingomero z’umuyagankuba. Izo nzego zibiri zikaba zamenyesheje ko zizobandanya gufasha U Burundi mu gutanga uburyo buzokoreshwa mu vyirwa vy’inyubako y’ibarabara ry’indarayi rizohuza U Burundi na Tanzaniya.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.