Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibibanza vyo mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ntibiratangwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibibanza vyo mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ntibiratangwa

Ibibanza vyo mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU ntibiratangwa

dimanche 22 Ruheshi 2014

Ibibanza vyo mw’isoko nkuru ya Cotebu ntibiratangwa nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma, yaboneyeho akaryo ko gukebura aboba bariko barahendwa basabwa amafranga ko bagiye kurondererwa ibibanza ko batosubira guhendwa.

Nk’uko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saidi Juma abimenyesha, avuga ko ata kibanza na kimwe kiratangwa mw’isoko ya Cotebu. Saidi Juma akavuga ko ibikorwa vy’iyo soko bisa n’ibiriko birarangira, ubu igisigaye akaba ari ugushirako imireko y’amazi, mu mpera z’uku kwezi ivyo bikorwa bigashobora kuba vyarangiye. Umukuru w’igisagara ca Buumbura saidi Juma amenyesha ko niho hagera bazoca babimenyesha ku nsamirizi, hanyuma umurwi watowe urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu uheze urabe ingene ivyo bibanza vyotangwa.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura arangiza asaba abanyagihugu kudahendwa bata amahera yabo ngo hari abariko barabaronderera ibibanza. Mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko, bariko bararondera abo bariko bakora ubwo bubisha bwo guhenda abanyagihugu.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.