Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibicapo bishasha vy’ibisagara vya Bujumbura na Gitega ku buryo bwa none (...)
Ibicapo bishasha vy’ibisagara vya Bujumbura na Gitega ku buryo bwa none vyabonetse
lundi 18 Ruhuhuma 2013
Ibisagara vya Bujumbura umugwa mukuru w’u Burundi na Gitega, igisagara kigira kabiri vyahora bifise ibicapo canke amakarata amaze imyaka 30. Vyari bikoze kuburyo bwa kera ariko ibicapo bishasha vyabonetse bikoze kuburyo bwa none’’ cartes numeriques’’.
Ivyo bicapo bishasha bikoze ku buryo bwa none’’cartes numeriques’’ bifise umuringanire bungana na 1/5000, vyerekana ko amazu n’izindi nyubakwa zahindutse cane inyuma y’imyaka 30 iheze. Ngo bizotuma abafata ingingo zo guteza imbere no kubaka ibisagara bagira aho bafatira nk’uko vyashikirijwe na Deo Babonwanayo, icegera c’umushikiranaganji w’ibidukikije n’inyubakwa. Amenyesha kandi ko ivyo bicapo vyatunganijwe n’ikigo kiraba ihindagurika ry’ibihe IGEBU.
Igihugu c’u Bushinwa nico cafashije kugira ivyo bicapo biboneke. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarashimiye Reta y’u Bushinwa ko idahengeshanya gushigikira u Burundi mu bikorwa vy’iterambere.
Ikindi ivyo bicapo bizofasha ngo n’ukubaka amazu akingira ibidukikije, kurwanya inkukura n’imyuzurira y’amazi ikunda gutwara amazu, kunagura inyubakwa za Reta n’ibindi ku buryo bwa none.
Aho nimugihe, inyubakwa zitari nke zimaze igihe zibomoka kubera imvura n’amazi y’umwuzurira kuko zubatse hadakurikijwe uburyo bwa none hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
11 Ruheshi 2015, 18:29, par SABIMANA
BAZOBIKOZA IKI
16 Ruheshi 2015, 22:17, par YOROGO
MURAMVYA
16 Mukakaro 2015, 13:01, par colonelkadaffi
Nivyiza cane gutezimbere ibisagara vyacu mukubiha ishusho rishasha
4 Myandagaro 2015, 19:23, par Arc-en-b
turabishimanivyiza. arikombona iterambereryubu ridusubiz’inyuma
4 Munyonyo 2015, 09:15, par habiyambere
nivyiza
22 Nzero 2016, 19:15, par Mavutakabura george
nosaba ubusinwakobutotunganya ibuja nigitegagusakobworabanomuntarazose
3 Ntwarante 2016, 16:47, par dominique
Burya abarundi muransetsa
29 Mukakaro 2016, 09:53, par Bienvenue
Ntaco Ndabivuzeko Barabigira Uko Babona
6 Nyakanga 2016, 21:30, par simion
ahubw ubushimwa bwo kubak intarazos butarobanuy
16 Ntwarante 2018, 20:34, par thierry
ni vyiza
28 Rusama 2018, 19:38, par Irakoz
Bt BaVandi