IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibicapo bishasha vy’ibisagara vya Bujumbura na Gitega ku buryo bwa none (...)

Ibicapo bishasha vy’ibisagara vya Bujumbura na Gitega ku buryo bwa none vyabonetse

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Ibisagara vya Bujumbura umugwa mukuru w’u Burundi na Gitega, igisagara kigira kabiri vyahora bifise ibicapo canke amakarata amaze imyaka 30. Vyari bikoze kuburyo bwa kera ariko ibicapo bishasha vyabonetse bikoze kuburyo bwa none’’ cartes numeriques’’.

Ivyo bicapo bishasha bikoze ku buryo bwa none’’cartes numeriques’’ bifise umuringanire bungana na 1/5000, vyerekana ko amazu n’izindi nyubakwa zahindutse cane inyuma y’imyaka 30 iheze. Ngo bizotuma abafata ingingo zo guteza imbere no kubaka ibisagara bagira aho bafatira nk’uko vyashikirijwe na Deo Babonwanayo, icegera c’umushikiranaganji w’ibidukikije n’inyubakwa. Amenyesha kandi ko ivyo bicapo vyatunganijwe n’ikigo kiraba ihindagurika ry’ibihe IGEBU.

Igihugu c’u Bushinwa nico cafashije kugira ivyo bicapo biboneke. Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yarashimiye Reta y’u Bushinwa ko idahengeshanya gushigikira u Burundi mu bikorwa vy’iterambere.

Ikindi ivyo bicapo bizofasha ngo n’ukubaka amazu akingira ibidukikije, kurwanya inkukura n’imyuzurira y’amazi ikunda gutwara amazu, kunagura inyubakwa za Reta n’ibindi ku buryo bwa none.

Aho nimugihe, inyubakwa zitari nke zimaze igihe zibomoka kubera imvura n’amazi y’umwuzurira kuko zubatse hadakurikijwe uburyo bwa none hamwe n’ihindagurika ry’ibihe.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.