Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibice 10 kw’ijana nivyo biraje ishinga umurwi w’abashingamateka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibice 10 kw’ijana nivyo biraje ishinga umurwi w’abashingamateka (...)

Ibice 10 kw’ijana nivyo biraje ishinga umurwi w’abashingamateka b’abatwa

mercredi 13 Munyonyo 2013

Inyuma y’aho abatari bake batanguye gushikiririza amakenga ku nteguro y’ibwirizwa nshingiro rishasha, iyo nteguro yoba iza yamaze gushikanwa mu nama nshingamateka. Abari mu murwi w’abashingamateka b’abatwa basaba ko hoba ibiganiro, mu ntumbero yoguhuriza hamwe n’abarundi bose mu budasa bwabo bwa poritike ku cokorwa.

Mu murwi w’abashingamateka b’abatwa rero bakaba bavuga ko ico bipfuza ari ukwo iyo nteguro yirwa na bose, harimwo imiryango ya poritike yose, eka na bo nyene, hatibagiwe abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike. Mu gihe muganga Yohani Minani arongoye umugambwe Sahwanya Frodebu Nyakuri yasavye abo bari kumwe mu nama nshingamateka ko iyo nteguro y’itegeko itokwemezwa, Alfred Ahingejeje akaba ashimikira ku biganiro, no kudakoresha inguvu mu gihe haba hari ikibazo kiraba abanyagihugu bose.

Muri iki gihe rero, abari mu murwi w’abatwa bakaba baherutse kwandikira ikete umukuru w’igihugu aho bavuga ko boronswa ibice icumi kw’ijana, bakareka kwama bahabwa ibitigiri gusa vy’abantu babaserukira mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Bipfuza ko boza bararonswa ababaserukira muri Reta, n’abandi bose mu bibanza bindi vya poritike. Kuri ivyo nyene abantu bakaba batanguye kwibaza ko iyo nteguro nshasha y’ibwirizwa nshingiro, umugambwe CNDD FDD woshobora kuronsa ivyo uyo murwi w’abatwa usaba, abashingamateka batatu bafise bagaca bashigikira iyo nteguro, hagasigara habura umushingamateka umwe gusa, uyo nawe umugambwe CNDD FDD bakaba bomwironderera ukundi, abahingamateka bane babura kugira iyo nteguro ije mu ngiro, bakaba barakwiye.

Kuri ico kibazo, ntaco Alfred Ahishakiye arongoye umurwi w’abashingamateka babatwa akivugako, mu gihe umwanya n’umwanya bashobora guhamagarwa n’umukuru w’igihugu kugira bamubarire ibijanye n’ivyo basaba mw’ikete ryabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Abo Bashingamateka bab’atwa ntibaze barondere inyunguzabo ahubwo borondera inyungu z ’abarundi bose n’abatwa barimwo

  • Vital et compagnie nimwivugira basha mweho mb abagore dusavye 55% arivyo ariko dd sinzi kuko ifise abagore bahinduye igitsina cabo niko tubona !!!ko ataco bavuga ..haaa baragowe nta jambo ndabazi ,,,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.