Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibiciro vy’isukari n’igitoro vyagabanuwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ibiciro vy’isukari n’igitoro vyagabanuwe

Ibiciro vy’isukari n’igitoro vyagabanuwe

mardi 13 Nzero 2015

Ibiciro vy’ibitoro n’isukari vyagabanuwe, nk’uko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita.

Igiciro c’iritiro ya Essence cavuye ku mafaranga 2220 kija ku mafaranga 2050 vy’amarundi, iritiro rya gasoil ryavuye ku mafaranga 2150 rija ku mafaranga 2050, iritiro rya peterori ryavuye 1920 rija ku mafaranga 1790. Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita, bumenyesha ko bwasubiyemwo ivyo biciro kuko kw’isoko mpuzamakungu igiciro c’igitoro cagabanutse.

N’igiciro c’isukari cagabanutse kikaba cavuye ku mafaranga igihumbi n’amajana umunani kija ku mafaranga 1650, ni kuvuga ko bagabanijeko amafaranga 150 ku kiro.

Tubibuste ko mu kwezi kwa Kigarama, igiciro c’igitoro cari cagabanuwe hagati y’amafaranga mirongo itanu n’ijana na mirongo ibiri, mu kwezi kumwe bakaba bagabanuye ibiciro vy’igitoro incuro zibiri zose.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.