IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe n’ayo vyahagaze

Ibiganiro bihuza Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe n’ayo vyahagaze

dimanche 19 Mukakaro 2015

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana,aserukira Reta y’Uburundi mu biganiro amenyesha ko Reta ihagaritse ibiganiro vyariko biyihuza n’abatavuga rumwe nayo.

Nkuko yabimenyesheje ku mugoroba wo kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Mukakaro 2015,Reta y’Uburundi yahagaritse ibiganiro inyuma y’aho iboneye urwandiko rumenyesha ishingwa ry’inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza amasezerano ya Arusha n’ishirwaho rya Reta ishingiye ku mategeko.

Kubwa Edouard Nduwimana,Reta ntishobora kuguma iganira n’abantu bafise iyindi ntumbero,kuko bisa n’uko hariko hategurwa itembagazwa ry’ubutegetsi.Edouard Nduwimana amenyesha ko urwo rwandiko rufitaniye isano n’ikibazo c’umutekano.

Kubwa Karori Nditije yateye umukono kuri urwo rwandiko,ivyashikirijwe na Edouard Nduwimana ni urwitwazo,kuko urwo rwandiko rutoshobora gutuma ibiganiro bihagarara mu gihe bafise intumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Naho isango ry’inama yoshinga iyo nama y’igihugu ritaramenyekana,ikimaze kumenyekana n’uko izobera ku murwa mukuru wa Etiyopiya Addis Abeba,ku cicaro c’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika.

Mwomenya ko ibiganiro vyari vyasubiye gutangura k munsi wa kane igenekerezo rya 16 Mukakaro birongowe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w’igihugu c’Ubuganda.


IGIHE

Messages

  • Mukomeze kwitoza utunyoni ngo muri mubiganiro kandi kubwanyu muri mubindi mbega suko mufuse abo muta murudubi ngo babafashe kurwana umusi abanyagihugu babahinyuye abgafata ingungo yo kubarwaniriza hamwe muzotangara gusa niba ari indwano mugira namwe muyijemwo kuko nimwe mushaka ibibanza benewacu bitanze mumyiyerekano barihe? Ko nabavyeyi babuze mutabibuka ntabanyapolutike bakunda abanyagihugu muburundi mukunda inyungu zanyu gusa ariko Imana kuko ibona intumbero zanyu izobanikira kurino si muzotangara mubaye nka Farao

  • Ivyobintu vyose birimwo amahiny kuberiki reta yoyanka ibiganiro bagaca bitwaza ngo hariko hategugwa itembagazwa ry’umukuru w’igihugu. kuberik batovuga ko hariko hategugwa intambara kugira twihungire basigare batwara ibiti. ninyoni zarabahinyuye natwe .ubusha twarabahinyuye

  • Reka gutwenza abantue dudu,ntawutaziko mwagiye mubiganiro kubera akagobero naho nyene muziko museveni acashigikira ivyo muvuze vyose,sinon turaziko atavyomushaka ikibaraje ishinga ari ugusahura ikiringo cabandi,mugabo humura mumezi abiri aza nimutashobora guhemba abakozi kubera amarobinet yama euro abanyabura bugaye akanyaro kazohera,abo bapolisi nibatahembwa nibo bazobahindukirira inda yuwundi irakoma induru ntiwumva,je nahanura gira amahoro barundi benewacu

  • Ntabwira Abo muri oposition nti reka guta umwanya ngo muja mubiganiro nibishinga kurera amaboko ngo biteze ibizova mubiganiro amaso azohera mukirere,ntibabona ko abayoboke ba nkurumbi bumvise hagezweho kuganira uko boshiraho ikirangamisi camatora yemewe na bose baciye barondera urwitwazo ngo bavuye mubiganiro ,ehe banyepolitike bo muri oposition umukino bagomba kubakina: bagomba yankinamico ngo namatora yo kuwa 21/7 ihere imaze guhera bace baza ngo musubire mubiganiro ico muzovuga cose bace bababwira ko hari inzego zatowe nabanyagihugu,nimuve mumikino yaba dd ,mukihenda ngo musubiye mubiganiro iyonkinamico yaheze muzoba muhemukiye igihugu ntaho muzoba mutandukaniye nizonyankaburundi zaba cndd fdd

  • NONEKOBAHAGARITSE IBIGANIRO BICABIGENDAGUTE ?RETA NATAVUGARUMWENAYO NIBASUBIREHAMWE BAKOMEZE IBIGANIRO NATWETUBASENGERE

  • Ivya Leta y’ubundi nakananira bahinga kweri ntakindi bipfujije kuvakera atari intambara abasenga nimusengere uburundi Imana nayo idufashe!!

  • Hahahaaa.Reta yuburundi iremej twebw abanygihug,tugw muban nkinyon?Niyemer Baganir Kuko Ntayind Nzira Izotuzanir Amahoro.Turabasavy Barek Kugwanir Ibibanz,ahubw Batwbuk Kwahobari Aritw Twahabasiz.Turarushe.Kananira Abagabo Ntiyimye.

  • Ivya Leta y’ubundi nakananira bahinga kweri ntakindi bipfujije kuvakera atari intambara abasenga nimusengere uburundi Imana nayo idufashe!!

  • mana uri hejuru ya bose na vyose,niwe mucamanza n,umuhuza mwiza twemera.ducire urubanza.huzabarundi twongere dukundane uruva iwawe!!

  • Mana we!Kiza uburundi n’abarundi.Je mbona ivy Gakwaya yavuz bigir bishike.Nka bana babantu simbona aho ivy’uburundi bigana.Mana turinde ivyago

  • Nimba bihagaze bigiye kugenda gute?ababagabo bashaka l’État imeze gute?ivuye muri Éthiopie ?ndunva hakwiye kubaho umugabo asumba abandi kuko Bose biyunva inguvu bitwaje abanyagihugu batagira

  • Abo bagabo bigombera kugesa ubwo batabivye bagomba reta mfata kibanza.Batinye amatoro kuko atacobanze.Nibarindire batekereje kuko MANDAT YABO NTIRAGERA.

  • Imana yo mw’ijuru irakwiriyekugarukira uburundi !mbega none ibiganiro bihagaze ntiwumvako abo bose bagiye kudusubiza munttambara nkizo twahozemw?

  • NIBAREKE GUTUMWANYA ABOBAGUMUTSI URURIMI BUMVA TURARUZI TUZORUKORESHA IBIGANIRO BASHAKA BIRAZWI

  • Amaraso y’Abanyamurenge mwiciye mu Gatumba mufatanyije nabo muhuje ibitekerezo bo muri Congo ndetse no mu rwanda (FDL n’Interahamwe) , hanyuma mukanabima nubutabera ntazabagwa amahoro. Abarundi rero nimudashikiriza abakoze ariya mahano ubutabera inkoni y’Imana y’Abanyamurenge azabahora ku gatwe. Reta nkizi Zabankurunzira nizo gutez’ibyago abaturange gusa, anababesha ko asenga.

  • TURASHIMIY,IRYOTANGAZO RYARETA,MUKWIYAMIRIZA,IYO MIGAMBI,IGAYITSE,YABOBANGUSH BASHAKA,GUSUBIZA,IGIHUGU MUNTWAROMFATAKIBANZA. TURIYAMIRIJ,NDITIJ,NABO BARIKUMW.KUDETA,YARABANANIY INTAMBARA,IRABANANIR,NON BASHAKA,IMFATAKIBANZ? BURAKEY,TUMWEMEZ,INKOKO NIYONGOMA,MUZOGUMA,MUJUJUT UKONYENEEEE.

  • Opposition nimureke guta umwanya ngo muri mubiganiro,abagumyabondo n’imbonerakunya ntibumva ikirundi,icongereza,n’igifaransa,rero nimubabwire ururimi bumva reka guta umwanya turi inyuma yanyu.

  • Bangwe bangwe ,tabara tabara.

  • narababariye ko opposition yo muburundi itandaraje canke imeze nk’umwigeme ahenda imisore myishi icarimwe, none dore birashitse!! mwavuze coordinator umwe, none reta izomenya imitima yanyu irondera ici, manifestation,coup d’etat,ibiganiro, umurwi uharanira infatacibanza,amatora,intambara y’amasase!! ntimubona ko abaDD babarusha gupanga ibintu kumurongo, reka baheze amatora ubundi bahindure umukenyuro selon yico opposition izaba ishize imbere.

  • narababariye ko opposition yo muburundi itandaraje canke imeze nk’umwigeme ahenda imisore myishi icarimwe, none dore birashitse!! mwavuze coordinator umwe, none reta izomenya imitima yanyu irondera ici, manifestation,coup d’etat,ibiganiro, umurwi uharanira infatacibanza,amatora,intambara y’amasase!! ntimubona ko abaDD babarusha gupanga ibintu kumurongo, reka baheze amatora ubundi bahindure umukenyuro selon yico opposition izaba ishize imbere.

  • jewe ico mbona,ko bose bari babonye inzira y’ibiganiro kariyo yojana icuka ciza,nuko ibiganiro vyobandanya.

  • mbe ko leta yumvise igomba kugondozwa kubibazo vyuburundi ica ahagarika ibiganiro?abarundi amakungu yaramaz kugra icezero mubiganiro non ngo birahageze?

  • hahahahahaha ni so!iyo mw’ijuru nikore igikorwa cayo.lgihugu si itongo rya Nkurumbi

  • abanyepolitike muraturuhishije pe!

  • tugire kirisitu? je sinumva ko urworwandiko ko arirwo rwotuma ibiganiro bihagarara ahubwo nukudashaka kwa reta mama ngo ntakuganira nabafis intumbero zogutembagaza ubutegetsi! uwuramvy azobona

  • BABAYE KUMWANA AHIYE MUKWEHA ABURUNDI DUKENEYE AMAHORO

  • emwe ivyo mu Burundi ni inkina mico.none birashize ingani baze baririra amahera ataco bashikako?

  • Abo Bose Bigira Kagamba Kadari Barihenda Uwomugabo Yirirwa Ifirimasoni Haruwomwishinga? Uwo Yaramaze Kwikukira Bizotinda Bijemungiro Urutoke Rumenyeye Gukomba Rura Gondama

  • UYUMUGABO NTAGOMBAKO YUTAKAZA ICO KIBANZA ARIKO IMANA IRABONA UBURUNDI

  • nukurinukuri imana nidufas she kuko nuburundi burahanzwe abobatoba nibikubite agashi Bamenyeko uburundi nubgacu nabanabacu aribo burundi bgej.

  • Kananirabagabo ntiyimye yemwe,ntayindi nzira ibereye atari ibiganiro!yaba leta cnk abatayishigikiye nibareke gukinira ku barundi.Gusa ico nzi n’uko Imana ikidukunda knd abantu batobato izodukingira!

  • Kananirabagabo ntiyimye yemwe,ntayindi nzira ibereye atari ibiganiro!yaba leta cnk abatayishigikiye nibareke gukinira ku barundi.Gusa ico nzi n’uko Imana ikidukunda knd abantu batobato izodukingira!

  • Hahubwo abo batavuga rumwe na reta ese boshira ababoko hejuru bakemera ko batsinzwe. Ehe!!!Amatora, Imyiyerekano, Iterabwoba,Coup d’etat,Intambara Vyose vyabananiye(Baratsinzwe)kandi ugutsinda canke ugutsindwa biva kubanyagihugu ubwabo ingene bagushigikiye canke batagushigikiye,je ndabona bokwemera Nkurunziza akabarongora kuko abarundi bamaze kubahinyura ivyabo.

  • EGO KWERI, RETA IREREKANYE INGUVU ZAYO OPOSITION NAYO NIYEREKANE INGUVU IZAYO.RETA IHAGARITSE IBIGANIRO KANDI NAMATORA ARABANDANYA MUGIHUGU IRABERETSE KO ATANGUVU MUFISE. OPOSITION NAMWE TURABARINDIRIYE TURABE IVYANYU.GWANA NTAKINDI ABA DD BAKENEYE.TURINYUMA ZANYU NIMWAKOMEZA GUKWEGA AMAGURU MUZO SHIDUKA IMYAKA ITANU YAHEZE NA BANWANYI BANYU BABAMARIYE KUMBUGITA NDABAKEBUYE.

  • umutama w’abandi mwahuruje akaba asubiye inyuma ntaco ashitseko azobibishuza akoreshe ururimi peteryumva kandi ahoho azomwumvisha sans doute

  • mbe mushakiki mwabanye politike aho mwiyonkora kuberamadayanyu adahaga nimugire ivyo mushatse ariko twabwe abarundi dukeneye amahoro mureke kwigira surivu nizodazanyu muzibohe imigozi ahubwo samada nurusina gwimaga rutuzura imihibir irikurushi ibuz abarundi amahoro ubwobwenge mubukurahe nyamba ari bwashetani ntasoni mwu va mwaburabwenge mwe

  • Ndashimiye ivyatangazwe nanyakwubahwa umushikiranganji wa reta yu Burundi Ko ibiganiro bihagaze, kuko twebwe natwe abarundi ubu uwotwenerakwadukunda nuwudutangarizango gendamumatora, nayo uwutubwirango inzego zigihuguzacu zagiye kuganira nabirirwa baduteramwo amagrenade ntitumutahura turabasavyerero mubanzemutureke muduhakanyakacu twigiregutora kuko nicogihecacu turonkerako ijambo hanyuma muzoce mubandsnya ivyobiganiro nokwita vyogusumbanya ububeshi biratibabazacane. Eheraba mubisiheze hariho abariko bariririsha bivugishango reta ngontiyagiye mukigandaro cabasirikare baribahitanwe nivyihebe iyobagiye mubutumwa Bwokugarukana amahoro muri Somalia, ariko icerekana kobwarububeshi bidatevye mu Kayanza haciye haterabantu bafise ibirwanisho bakoneretsa abasirikare bigihugu 6 bica nabenegihugu 2 abobantu ntibigeze batera utwatsi abobantu nunomusi kukonyenebicavyumvikana barakorana nabantubabo.

  • le pays ne détruit pas par ceux qui font le mal mais par ceux qui le regardent sanr rien faire.c’est pourquoi abarundi barushe bomenya ko umuti urimuminwe yabo

  • Iyireta Yacu Iratugoye Basi!Aho Bararondey Uko BobIvamwo Biranka Nn Brons Ugwitwazo?

  • EWE MANA MBEGA BURYA IYO UA IRIBUKAKO UBURUNDI BWIKUKIYE?ABARUNDI TURAFISE N,UBURENGANZIRA MBERE NO KUGWANIRA IGIHUGU CACU ICO ABO BARUNDI BOMENYA BATIKUNDA NTIBAKUNDE N,IGIHUGU CABO N,UKO BOKWITONDA ABARUNDI INTAMBARA ZARATURUHISHIJE IMANA NIYO NKURU

  • Mukama rons’amahor’i Gihugu cacu.

  • uburund nagahugu gato ariko kararuhije abakabamwo.mbe mana urindiyik gutabara?hasigay ahawe!

  • Ivyo Ntacobitwaye Icabarundibenshibashaka amahoronumutekanomugihugu.nayo ahubwonukoboyigiravuba atabintubirononekaramugihugu ngo abantu bangare bangazwanumugabo umwe adakwiyenitamiro rekaturindire imigambiyabonicobagamije emwerekatubirindire biramendore

  • EGOME NIBIHAGARIKE NAKARE NTANICO VYARIBIHAYE BITUZANIRA MURI OPPOSITION MBERE IYO CONSEIL NATIONAL DE TRANSITION BUCA ISUBIRIRA NKURUMAI TURAYIKENGURUKA KANDI TWAGOMBA DUSHIMIRE UNION AFRICAINE KWAKO KIGORO BUCA IGIRA KUKUDUSUBIZA UMUTAMANA WAMASEZERANO YA ARUSHA NARIRYA PETER YABANDANYIJE KWICAMATWI HINGE AZE YOTSWE KUGIRA YUMVE KUKO IKIRINGO GWIWE GISA NICAHEZE IVYO BIJUJU NAVYO VYIMBONERAKURE VYIHENDA NGO UBURUNDI BWARIKUKIYE BIRAHUMBA BWIKUKIYE RYARI KANDI DUTUNZWE NUGUSEGEREREZA MUMAKUNGU EGA IZO NKOHO SIZO TWIKORERA ZIVA I BURAYA MWABIJUJUMWE ASHA PETER AGOMBA AHUMIRWE KUKO AGOMBA GUTEMBAGARA NKA LAURENT GBAGBO NA KADAFFI MAMA YANGU CONSEIL NATIONAL DE TRANSITION OYEEE UBURUNDI OYEEE ABIYAMIRIZA 3ème MANDAT TWESE OYEEE AMASEZERANO YA ARUSHA OYEEE TURATSINDA PETER ATACAMIRA TWESE TUGUME DUFATANYE MUNDA.

  • Ewe Mana Abarundi Kobanse Kwumvikana None Inyishu Yibibazo Vyubundi Izovahe?Banyeporitike Murakwiye Kumenyeko Iyo Utunze Umuntu Urutoke Rumwe Izindi Zirabakuri Wewe Mwese Ndizera Neza Ko Atanumwe Adashaka Amahoro Mushatse Mwokwicara Hamwe Mukavugana
    Ibisigaye Ntimumbaze
    Ntamukuru Wikuzimu .

  • ICOMBONA IMANA NIDUFASHE,ABANYE POLITIQUE BANANIWE

  • NONEHOKO.IBIGANIROBARIMWOBABIHEVYEGUTE?MANATABARA.UBURUNDINABARUNDI

  • DUKENEYE IBIGANIRO INYUMAYAMATORA BAZOZETUGANIRE

  • aba dd nibihanure bavavanure nuguhonyanga amategeko kuko ntaho bizobashikana.

  • Jew ndabona aba dd bariko barakwega opposition muntambara. Hanyuma babashe kubamarira kurusoro neza.
    Opposition nayo itavyitwayemo neza irahava igwa mumutego.

  • Yaba Leta yaba opposition na societe civile bose uko bari bateguye ibintu siko vyagenze vyarababanye urudubi. Peter yakoresheje umugambwe cndd fdd ngo niwo ushaka yitoza naho shwi. Opposition na societe civile bakoze imyiyerekano biranka.Leta yarashe kamwe kamwe mu bagira imyiyerekano yibaza ngo ikibazo gica gihera ariko nticaheze. Opposition na societe civile bikoze ko makungu birananirana. Leta yikoze kuri ceni na sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ngo vyemeze ko Peter ari mukuri ariko ingorane zirabandanya. Abasoda n’abapolisi bamwe bamwe bikoze kuri coup d’etat nayo nyene irapfa. Leta ihiga buhongo abo bose badashigikiye ikiringo ca 3 yikora ku mbonerakure na documentation ariko ikibazo kiranka guhera. Abatotezwa na leta barataye barahunga abandi barafatwa abandi baricwa ariko ingorane zigumaho. Bamwe ngo bashinze ikiroberi leta nayo iti bose bishikanye abandi twabishe ariko nta mahoro ariho. Ehe noneho abatavuga rumwe na leta bose na societe civile abari mu gihugu nabari mu buhungiro ngo bagiye gushinga Inama nkuru y’igihugu. Ehe raba ibiganiro biranse ntaco bivuyemwo. Abo kwa Nkurunziza bati turabandanya umugambi wacu wose abo batavuga rumwe nabo bati mwanguha turabatesha.
    None mwumva haza gukwirikira iki? Jewe nohanura umurundi wese aba mu Burundi ko yoba arafata ingingo yo kwikingira no gukingira umuryango wiwe canke kuwuhungisha kuko biragaragara ko ko vyanse mu mashi abanyapolitike buca bashira mu migere nta gisivya. Murakoze !

  • IBIGANIRO NIWO MUTI WINGORANE ZIHANZE,UBURUNDI N’ABARUNDI.TWE ABANYAGIHUGU NITWE TUBA VICTIME ,RERO RETA NTIYORABA INYUNGU ZABENE GIHUGU.

  • Leta yacu komeraaaaa ivyi kibiri twara bihinyuye, batumye abacangero mumyiyerekono barabura! bagumura abantungo bahunge biba ubusa! bategura kudeta murabahakanira,batuma abagwanyi murabazimya, ubunaho bagomba kuja murireta kandi baratinye amatora! jewe numvaka bamaze guturubura mumutwe, banunire,

  • IBIGANIRO NIVYO BIBEREYE NAKARE UKURI GUSHIRIRA MUKUYAGA

  • reta yishakir amatora gusa kugira bigumize kubutegetsi. mugabo atakari mu kanwa ki ......bakuzah ub........!

  • MANA TABARA IGIHUGU CUBURUNDI ATARIWEWE MUHUZA WAREMYE IJURU NISI WOHUZA ABANYAPORITIKE NTAWUNDIMUHUZA YODADANURA IVYO MUBURUNDI

  • Mana yo mw-ijuru,ukingire abana bawe,ubashireko ikimenyetso cawe mu kubarinda icoza cose coza gihungabanya amahoro n-umutekano wabo w-ubu n-ibihe vyose. Uhumanure kandi iminwa n-ubwenge bw-abavuga nabi be n-abafise imigambi mibi,ihinduke ibe myiza.Amen!

  • Ikikinyamakuru gishaje kandi kikiri gito ivyiyumviro bihimiriza ubwicanyi bikabiba amacakubiri mukira kubibona mugaca mubisohora,mugabo uwushikirije iciyumviro kindi ntibagishira kurubuga none mugomba twese twandike bimwe biruko murabitumenyesha tuzoreke kwirirwa turata umwanya twandika ivyiyumviro mudasohora ,nayo nduwimana yamye yironderera akamujamwo gusa

  • uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

  • uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

  • uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

  • uburundi nibwihaganepe najyendumurundi arikonibera murwanda iyonumvise amakurumabi birarya nimubwire ukobimeze byamatora yejo eseniyobarebya jyezegu te

  • nanjendumurundi amatora yagenzeneza ahubwo abahunze nibaze dupfumbatire amahoro mugihugucacu kandi imana ibazigame

  • jewe mbona atamahorou mu burundi kubera hari inzara nyishi ibintu vyarazimvye ahubwo ibiganiro nibibandanye amohoro oboneke ock irambire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.