IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiganiro vy’i Kampala vyatanguye gutegurwa

Ibiganiro vy’i Kampala vyatanguye gutegurwa

jeudi 22 Gitugutu 2015, par egide

Ubutegetsi bwa Ouganda bumenyesha ko ibiganiro ku bibazo vy’Uburundi bizotangura vuba, imyiteguro hamwe n’intonde z’abazotumirwa bikaba biriko birategurwa.

Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko amanama y’ukwitegurira ibiganiro bizohuza abarundi yatanguye kuva kw’igenekerezo rya 19 Gitugutu 2015, bikaba bitegekanijwe ko ivyo biganiro bizotangura mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo. Amakuru atangwa na Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko muri iyo myiteguro, harimwo n’ugukora intonde z’abazotumirwa, abariko barabitegura bakizera ko mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu izo ntonde bazoba bahejeje kuzumvikanako.

JPEG - 86.7 ko
Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda

Izo ntonde zihejeje gutegurwa, bitegekanijwe ko zizoca zirungikirwa abo vyega bose kugira bazisuzume, mu nyuma ubutumire buce busohoka. Umuvugizi wa Reta ya Ouganda akemeza ko impande zose zamaze guhuriza ku muhuza Kaguta Yoweri Museveni.

Naho Ofwono Opondo, umuvugizi wa Reta ya Ouganda amenyesha ko imyiteguro yatanguye, amakuru ava i Bujumbura amenyesha ko Reta y’Uburundi ataco ibiziko.


IGIHE

Messages

  • Bitegure mwebwe ahanyu muzoba muhejeje,uyu musega Nkurumbi nakarwi kiwe banse kuvyitaba tuzobatoza iminwe.

  • Ivyo Biganiro Nibinyaruke Abarundi Turonke Amahoro Ivyo Biziga Bireke Kuguma Bitorwa Kuko Bose Nabarundi

  • Ivyo Biganiro Nibinyaruke Abarundi Turonke Amahoro Ivyo Biziga Bireke Kuguma Bitorwa Kuko Bose Nabarundi

  • nimudufashe mwebw muri abagabo...

  • Ivyo ari vyo vyose, igihute cahiye; mu minsi kigiye guturika hanyuma ikinyoma gikubitirwe ahakubuye!

  • Honyene.museveni.afise.ingorane.mugihuguiwe.imbereyogutoshora.ikigiga.kimujishoryamugenzawe.banza.ukure.iryawe

  • Nukwitoza utunyoni hoho yoweli museveni ntazorara abahagaritse ngo baronderwa na reta y’uburundi nkuko bari bagize Omari bashil wa Soudan muri afika yepfo? Ahaaaaaaa babirabe neza kuko na museveni numwe mubadashaka kuva kubutegetsi

  • hagarika ivyobiganiro, tubanze tuvungurane nizonkozi zikibi, kugirango ziboneko zifise inguvu zidashika. babanze bateri igihugu Hama tubatoragure nkakurya inkoko itoragura intete zibigori. yayayaya!! turabinginze batama. tubanze tubamomagure ndakurahiye....

  • ivyo umushingantahe KAMARO avuze nivyo nukuri nibabanze babareke babagir nkuko babagiz ikabarore hamw no muri bukinanyana.Kamaro urumshingantah utaryumunwa.nibabareke.muzoba mukoze.

  • ivyo umushingantahe KAMARO avuze nivyo nukuri nibabanze babareke babagir nkuko babagiz ikabarore hamw no muri bukinanyana.Kamaro urumshingantah utaryumunwa.nibabareke.muzoba mukoze.

  • NDAATANGAZWA NAKAGABO KIYITA FARCON UBWENGE NTIKAGIRA NUBWO KUJAKUNYA,NGONIYORETA YUBURUNDI ITITABIGANI,NGOBAZOBATOZINTOKI MBE NDAKUBAZE UBU AHO NKURUNZIZ ABA NTAHO MUZI CAMBU CAKAKA,NIMUREKE GUTABAZ AMAKUNGU MUZE TUBACAKIRE KANDI MUMENYEKO INKONITARUZWA

  • NDAATANGAZWA NAKAGABO KIYITA FARCON UBWENGE NTIKAGIRA NUBWO KUJAKUNYA,NGONIYORETA YUBURUNDI ITITABIGANI,NGOBAZOBATOZINTOKI MBE NDAKUBAZE UBU AHO NKURUNZIZ ABA NTAHO MUZI CAMBU CAKAKA,NIMUREKE GUTABAZ AMAKUNGU MUZE TUBACAKIRE KANDI MUMENYEKO INKONITARUZWA

  • Nahimana Kuko Muburundi Atarimani Yikoreye Ibiganiro Ntacobibabyiye Umengo Nugusuk’amazi Kw’ibuye

  • AAAAA MWAKABAYEMUMEZUKO, MUGUKOKEZA, NTANYUNGU? MUZOKURAMWO, RABA, UWAKOKEJEIMYIGARAGAMVYO, NTIYAFUYE, NYANGOMANTIYAFUYE, NIZEREMWEBWEKO, MUTABARUSHAUBUBASHA, ABOBAGABO2, TEKANA, KAROREROWEWE, UBWONUBUTOBUGUHENDA, JENDAKUZI, ZURARABAIVYUKORA, HARIHIBIDAKOGWA URUMWANAWEJO NTUZUSUBIREGUKOKEZA, NDAGUHANUYEMWANAWE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.