Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Ibiganiro vy’iminsi ibiri ntibikwiye ku kibazo nkoramutima c’ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Ibiganiro vy’iminsi ibiri ntibikwiye ku kibazo nkoramutima c’ibwirizwa (...)

"Ibiganiro vy’iminsi ibiri ntibikwiye ku kibazo nkoramutima c’ibwirizwa nshingiro’’

mercredi 18 Kigarama 2013

Mu gihe buca hatangura inama yatumweko n’inama nshingamateka mu ntumbero yo kwihweza ikibazo kijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, Agathon Rwasa avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL, amenyesha ko hamwe ibwirizwa nshingiro ryokwemezwa ukwo riri uyu munsi, igihugu coba kiriko kija mu bihe bibi.

Muri iyo nama izotangura kuri uyu wa 19 gushika ku wa 20 Kigarama, Agathon Rwasa amenyesha ko azokwitaba ivyo biganiro vy’ukwiga ukwo ibwirizwa nshingiro ryohinyanyurwa co kimwe n’abandi banyeporitike b’abarundi. Rwasa amenyesha ko abarongoye igihugu ubu, bari bakwiye kumenya ko muri iyo minsi ibiri buca baja kumara bariko barayaga ku kibazo c’ibwirizwa nshingiro, batazovayo bahejeje kurinonosora, ahubwo azoba ari umwanya wo kuraba ingingo zohinyanyurwa. Izo ngingo nazo, zikaba zofasha mu kugira amatora yo mu mwaka w’2015, aze abe neza, kandi izo ngingo zohinyanyurwa, zikaba zofasha igihugu kwerekana inguvu zaco mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Muri ivyo biganiro bizomara iminsi ibiri, Rwasa asaba ko abanyeporitike batoshira imbere inyungu z’imigambwe yabo, ahubwo bagashira imbere inyungu z’abanyagihugu. Ivyo rero bikaba vyonashirwa imbere cane n’ababatumiye muri ivyo bikorwa ni ukuvuga inama nshingamateka na Reta yose muri rusangi. Ivyo rero Agathon Rwasa akaba abisavye mu gihe imigambwe itavuga rumwe na Reta yo, ija yaramaze kumenyesha ko izitaba ivyo biganiro, ariko kandi atakinini biteze ko kizova muri ivyo biganiro vyatumweko n’inama nshingamateka y’Uburundi.

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike

Abatari bake rero bakaba bariko barasaba inama nhingamateka y’Uburundi ko yorengera imigambwe yabo bakomokamwo, bagafashanya n’abandi banyeporitike b’abarundi mu guhinyanyura izo ngingo z’ibwirizwa nshingiro, atanumwe akumiriwe. Abarongoye Ekereziya Katorika mu Burundi, basavye ko hokwirwa ingingo gusa zizofasha mu gutegura amatora yo mu mwaka w’2015, izisigaye bakazoziraba hanyuma, imitwe y’abanyeporitike itagishuhishijwe n’amatora.

Nayo mu runani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike basaba ko ingingo zapfundikiwe i Arusha mu kunywanisha abarundi zitokorwako, co kimwe n’ukudahirahira ngo hashirwemwo ingingo zotuma umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashobora kwitoza ikindi kiringo kigira gatatu.

Bamwe mu barongoye imigambwe iri mu runani ADC Ikibiri

Aristide Nizigire

Messages

  • Twwari dukwiye gushira icizere mu nama nshingamateka twitoreye.

  • ubwoba baratinya ko nkuru ataco bomutorana ko bumva atwara nabi ko bamutinya ko bahiganwa ?

  • Hahaaaaaa abanyepolitike baratwenza!! Bankako yitoza kuko ntaco bohatora erega nyenimbugita nuwuyifashe ikirindi nibatekereze abenegihugu nibo bazocurubanza kandi uwo bazotora baramuzi mbe nkawawundi ngo WAMAZIKI rero babe bitonda

  • ivyo kumutora vyo ni mu kazu k’ubwiherero k’amatora. ariko ico mwomenya, ni uko amategeko ategerezwa kubahirizwa mu Burundi, tukaba nka tanzaniya, kenya, afrika y’epfo, n’ahandi heshi umukuru w’igihugu atarenza ibiringo bibiri.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.