Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibigiye guhinduka mu gisirikare c’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ibigiye guhinduka mu gisirikare c’igihugu

Ibigiye guhinduka mu gisirikare c’igihugu

mercredi 2 Nzero 2013

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no gukurikirana abahoze ku rugamba bubicishije ku muhanuzi muvya politike General de Brigade Cyprien Ndikuriyo bwaratunganije uruganda bukaba bwariko burerekaa ibihanze igisirikare n’icokorwa kugira urwo rwego barushire mu buhinga bwa none.

Muri urwo ruganda,umuhanuzi mu bijanye na politike mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi General Cyprien Ndikuriyo yaramenyesheje aho igihugu kigeze mu bijanye n’umutekano inyuma y’imyaka itari mike igihugu kiri mu ntambara,akaba yipfuza ko n’umugambi wo gukurikirana uko umutekano wifashe wokorera ku ntumbero yo gushiraho igisirikare gikoresha ubuhinga bwa none kandi gikora neza ibikorwa gishinzwe. Ivyo bikaba biri no mu mugambi wa reta wiswe Vision 2025.

Ku bijanye no kumenya akamaro k’uwo mugambi mu gisirikare,General Ndikuriyo yasiguye ko bituma haboneka intumbero yo gukorerako ku gihe kire kire,gusigura ibikorwa vy’igisirikare muri kubu no muri kazoza.

Kuri ivyo rero,vyaribonekeje ko hari ibibazo bihanze igisirikare harimwo kuronka ibikoresho bikwiye iyo hageze ko abasirikare bafasha ku rubuga rw’intambara muri ivyo navyo hakaba harimwo inzara,ikirere n’ibirwanisho.

Kuri ivyo rero Cyprien Ndikuriyo akaba yatanze iciyumviro ko hokorwa icirwa cerekana neza ibibazo bijanye n’uwo mugambi,akaba yamenyesheje kandi ko igihe hoba intererano y’uwo wese abishoboye vyogira akamaro,akaba yasavye kandi ko uwo mugambi wosigurirwa abanyagihugu.

Mu kurangiza, General Ndikuriyo yamenyesheje ko hakwiye kwirwa ibikenerwa n’abasirikare mu guteza imbere uburyo bakoresha mu ntumbero yo guhindura urwo rwego. Yamenyesheje kandi ko hakwiye itegeko rikingira ivyerekana uwo mugambi kuko irihari riza rirahindagurika rituma uwo mugambi utagira agaciro.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.