IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’abashingamateka bikwiye gukorerwa ku mugaragaro

Ibikorwa vy’abashingamateka bikwiye gukorerwa ku mugaragaro

mardi 11 Ruheshi 2013

Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC baratunganije ku musi w’ejo ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku burenganzira bwo gushora gukurikirana ama nama y’imirwi y’amaho n’ibikorwa bisanzwe mu nama nshingamateka ku bahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike n’abanyagihugu muri rusangi.

Intumbero nyamukuru y’ico kiganiro ikaba kwari ukwerekana ko abashingamateka bakwiye gukorana n’abanyagihugu, na cane cane ko aribo baserukira.

Nk’uko vyashikirijwe na Frédéric Bamvuginyumvira yaremesheje ico kiganiro, ingingo y’indwi y’ibwirizwa shingiro iha uburenganzira abashingamateka bwo guserukira abanyagihugu mu bikorwa vyose biraba ubuzima bw’igihugu. Ingingo ya 32 nayo ikaba itanga uburenganzira ku banyagihugu bwo gushinga amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.

Kubw’iwe n’uko abanyagihugu baba bakwiye guhabwa uburenganzira bwo gushobora kuja kwumviriza gusa ibikorwa vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka. Mu gihe gushika n’ubu ata tegeko rihari ritanga ubwo burenganzira, Frédéric Bamvuginyumvira asaba ko abashingamateka n’abakenguzamateka batokoresha inguvu bahabwa n’amategeko mu kubuza ubwo burenganzira bw’abanyagihugu n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.