Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vy’ihiganwa rya primusic vyarabandanije mu gihugu hagati - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ibikorwa vy’ihiganwa rya primusic vyarabandanije mu gihugu hagati

Ibikorwa vy’ihiganwa rya primusic vyarabandanije mu gihugu hagati

mardi 30 Mukakaro 2013

Ihiganwa rihuza abaririmvyi b’abarundi bavuye mu ntara zose z’igihugu rirakomeje kubandanya ibikorwa vyaryo mu ntara zitandukanye z’igihugu aho ku wa gatandatu w’igenekerezo rya 28 ryari mu ntara ya Ngozi bukeye ribandaniriza mu Ntara ya Kirundo hama ejo ku wa mbere ribandaniriza mu ntara ya Muyinga.

Iri higanwa rya Primusic mu ntara ya Ngozi ryari ryitabiriwe n’abaririmvyi benshi bashika kuri 42 ariko abatowemwo icumi bari 21 kumvo z’uko harabasabwe kuzohiganwa mu zindi ntara nk’i Bujumbura hama umurwi ujejwe ubuhinga uzotoramwo 10 baririmvye mu giteramo imbere y’isinzi y’abantu hashakwamwo batatu bazoserukira intara zabo.

Igiteramo ca rino higanwa mu ntara ya Ngozi caritabwe n’abanyagihugu benshi kuko ku kibuga c’inkino cabereyeko hari , cari cuzuye utabona naho uhonyoza ikirenge hama mu nyuma yaho abo baririmvyi uko ari icumi bamaze kwerekana ubuhinga bwabo batatu batowe kuzoserukira intara ya Ngozi babayeMASTER LAND, SOSTHENE, JEZZO.

Bukeye k’umusi w’Imana iri higanwa ryabandanirije ibikorwa vyaryo mu ntara ya Kirundo aho igiteramo caho cari citabiriwe na bantu benshi bikaba bimaze kugaragara ko ibiteramo vy’iri higanwa biriko biratabwa cane , kuko kuri kibuga c’inkino yaho hari abantu benshi kandi bose bakaba barashimye cane ibikorwa vy’iri higanwa rya Primusic.

Mu baririmvyi cumi batowe mu bandi bagahiganwa imbere y’abanyagihugu hatowemo babiri bazoserukira intara ya Kirundo bakaba babaye Ntaganzwa Olga ari nawe mwigeme wa mbere wabonetse muri iri higanwa na mugenzi wiwe Arain Michel ngo abe aribo bazoserukira intara ya Kirundo.

Aha hose ibiteramwo vy’iri higanwa biriko bigenda vyitabwa n’abaririmvyi baserukira iri higanwa uyu mwaka aribo Sat- b na mugenzi wiwe Rally- joe bariko bitwara neza bagateramisha abanyagihugu ku rugero rushimishije.

Ejo ku musi wa mbere iri higanwa ryabandanirije ibikorwa ryavyo mu ntara ya Muyinga aho umurwi ujejwe gutanga amanota wagiye kuraba abaririmvyi bazoserukira intara ya Muyinga hama hatorwemwo icumi batowe muri 26 bari biyandikishije mu ntara ya Muyinga hashakwamwo babiri bazoserukira iyo ntara.

Babiri batowe kuzohagararira intara ya muyinga ni umuririmvyi Landry Gateka na mugenzi wiwe Landry Bamukunde.

Muri iyi ntara ya muyinga nta giteramo cabereye hanze ,aba baririmvyi biyerekanye gusa imbere y’umurwi ujejwe gutanga amanota , iri higanwa rero rikaba rikomeje ibikorwa vyaryo mu ntara zitandukanye z’igihugu c’u Burundi.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.