Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyaraye bitangujwe icese - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyaraye bitangujwe icese

Ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic vyaraye bitangujwe icese

mardi 9 Mukakaro 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere w’igenekerezo rya 8 Mukakaro 2013, mw’ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi harabereye ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo gutanguza ibikorwa vy’ihiganwa rya Primusic ry’uyu mwaka w’2013, iryo higanwa rikaba rihuza abaririmvyi b’abarundi baturuka mu ntara zose z’igihugu.

Muri ico kiganiro habanje kwibutswa ingene ihiganwa ry’umwaka uheze ryagenze kugira ngo harabwe bimwe mu bitagenze neza bizokosorwe. Nkuko abahagarariye iryo higanwa babimenyesheje abamenyeshamakuru, iryo higanwa ririho ku nyungu z’abaririmvyi n’abanyagihugu. Ritunganijwe ku buryo umuririmvyi wese aririmba ari umwe kandi ategerezwa kuba arenza imyaka cumi n’umunani nk’uko amategeko y’iryo higanwa abivuga.

Ibikorwa ry’iryo higanwa bikaba bitegekanijwe kuri ubu buryo; kwiyandikisha kw’abazoryitaba vyaratanguye, bikazohera kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro 2013, ubu bikaba biriko bikorerwa ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Brarudi kuri www.primusic.bi

Ibikorwa vya Primusic bikaba bizorangira kw’igenekerezo ya 17 Nyakanga 2013, aho bitegekanijwe ko rizomara ikiringo c’amezi abiri ugereranije igihe ritanguriye. Iryo higanwa rikazohera intara zose z’igihugu zikorewemwo ibiteramo bitandukanye mu guhitamwo abaririmvyi muri buri ntara kandi ibiteramo vyose bikazokwitabirwa n’umuririmvyi Rally-Joe mbere na Sat-b.

Bakomeje bamenyesha ko umuririmvyi azotwara iryo higanwa rya Primusic 2013 azohabwa agashimwe k’imiliyoni 15 z’amarundi, uwabaye uwa kabiri ahabwe imiriyoni 5, uwa gatatu aronke imiriyoni 2 n’igice, uwa kane aronke umuriyoni 1 n’igice, uwa gatanu ace aronka imiriyoni 1, hama uwa gatandatu nawe aronke ibihumbi 500. Muri rusangi, abazoshika mu gice ca nyuma c’ihiganwa bose bazoronswa ubushimwe butandukanye.


Joel Sengurebe

Messages

  • Salut,pour moi cette compétition a une grande importance pour la music burundaise.Et moi aussi je suis chanteur connu sur la chanson"KORIVYOMWIYEMEJE" qui a été sur Isanganiro Award, je voudrais m’inscrire àcette compétition de Primusic:
    Nom NZOYISABA
    Prénom Gérard
    Province BUBANZA
    Commune MPANDA

  • Amahoro, je ndashima kubw’iryo higanwa rya Primusic rituma abaririmvyi babarundi bakomeza ibikorwa vyabo. Hama nkarangiza ngira nti:Jury ize ivytondere ntihazobemwo nkinzi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.