IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko vyuguruwe (...)

Ibikorwa vy’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko vyuguruwe icese

mardi 22 Gitugutu 2013

Umukuru w’igihugu yatanguje ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri ibikorwa vy’inama y’abashingamateka b’ibihugu bigize umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Muri ivyo bikorwa vy’inama izomara indwi zibiri, abashingamateka bahurikiye mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bazokwigira hamwe integuro y’ivyokorwa mu myaka itanu iri imbere.

Mw’ijambo ryiwe ryugutanguza ivyo bikorwa, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero yahaye ikaze abashingamateka baje bava mu bihugu vyose bihurikiye mu muryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Yaboneyeho n’akaryo ko gusubira guhoza abanyagihugu bo mu gihugu kimwe mubiri mu muryango (Kenya), baheruka guhura n’ivyago mu gitero c’abihevyi cabereye i Nairobi, igisagara ca Kenya. Yasavye abari ngaho bose gufata umwanya w’agacerere bibuke inzirakarengane 67 zaguye mu bikorwa bigayitse vy’abihevyi i Nairobi.

JPEG - 33.1 ko
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ashikiriza ijambo ryo gutanguza ibikorwa vy’iyo nama

Petero Nkurunziza yibukije ko inama mwene izo zikuranwa kubera mu bihugu bigize umuryango ziha akaryo ko kumenya ibiriko birakorwa ku banyagihugu bo mu muryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, bakongera bagatahura uko inzego zibaserukira muri uwo muryango zikora.

Margaret Nantongo ZZIWA, umukuru w’inama nshingamateka y’umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko muvyo bazokwiga mu nteguro y’ibizokorwa mu myaka itanu iri imbere (2013-2018) harimwo umugambi wo gukoresha indangamuntu imwe izoshobora guha uburenganzira abanyamuryango bwo kwishira bakizana mu bihugu bigize umuryango. Bazokwiga kandi ibijanye n’isoko rusangi hagati y’ibihugu vyose uko ari bitanu (Burundi, Rwanda, Tanzanie, Kenya, Ouganda)

N’aho muvyo bazokwiga hatarimwo ikibazo c’amanama ategurwa hagati y’ibihugu bitatu (Rwanda, Kenya, Ouganda) vyo mu muryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko, Richard Sezibera, umunyamabanga mukuru w’umuryango w’akarere ka Afrika y’ubuseruko amenyesha ko hariko harategurwa inama izohuza mu kwezi kwa Munyonyo abashikiranganji bo muri uwo muryango, hamwe n’abakuru b’ibihugu bo muri uwo muryango. Muri izo nama, niho bazoganira kuri ico kibazo, bamenye impamvu hoba hari ibihugu bivuga ko vyoba bikumirwa (Burundi na Tanzaniya), nibasanga bahora bareka gutumirwa vyari bikenewe, bazoheza bace bavugana ivyokorwa kugira ico kibazo gitorerwe inyinshu.

JPEG - 32.4 ko
Margeret Nantonga ZZIWA, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko

Ibikorwa vy’iyo nama igira kabiri yuguruwe uno munsi kuwa kabiri bikaba bizotangura ku munsi w’ejo kuwa gatatu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2013, bisozerwe igenekerezo rya 2 Munyonyo 2013.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.