Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vy’urutsinga rwo gutumatumanako amakuru bigeze ku ntambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Ibikorwa vy’urutsinga rwo gutumatumanako amakuru bigeze ku ntambwe (...)

Ibikorwa vy’urutsinga rwo gutumatumanako amakuru bigeze ku ntambwe ishimishije

mercredi 9 Gitugutu 2013

Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru hagati ya Leta n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka, umupfasoni Léocadiya Nihazi, amenyesha ko intara 9 z’Uburundi zimaze gushikamwo urutsinga rw’umuhora wo gutumatumanako amakuru (fibre optique) rufatanya ibihugu vyo kw’isi harimwo n’igihugu c’Uburundi.

Iyo ikaba ari intambwe ya mbere y’umugambi wo gushikana urwo rutsinga mu ntara zose z’igihugu uko ari 17. Abandanya amenyesha ko mbere ibikorwa vyo gushiraho urutsinga rw’uwo muhora rwashitse mu gihugu c’Uburundi ruzananye mw’ibahari Indiyano bikaba bishitse ku ntambwe ishimishije, ku buryo mu bibanza bimwe bimwe nko mu gisagara ca Bujumbura, mbere hoho urutsinga rugategerezwa kuzoshika mu makomine yose, igisigaye ubu ari uko ishirahamwe rijejwe gutanga no gucungera ikoreshwa ry’imihora yo gutumatumanako amakuru (ARCT) ryoshinga ibiciro vyisunga amategeko mpuzamakungu mw’ikoreshwa ry’ubwo buhinga.

Umushikiranganji Léocadiya Nihazi arongera akamenyesha ko uwo muhora mushasha wo gutumatumanako amakuru umaze gutangura gukoreshwa hazoba akarusho, kuko ibiciro vyo gutumatumanako amakuru bizoca bigabanuka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.