IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura Bugarama ntibirarangira

Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura Bugarama ntibirarangira

dimanche 2 Munyonyo 2014

Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura -Bugarama ntibirarangira n’ubwo abahora barikorerako na cane cane bamwe batwara ibiduga binini bidoga ko bakorera guhomba kuko barinda kuzunguruka mu ntara za Rutana na Mwaro.

N’ubwo ibikorwa vyo gusanura iryo barabara vyari bitegekanijwe kurangira kuwa 29 Nyakanga, kuri uno wa kane, igenekerezo rya 30 Gitugutu, ikinyamakuru IGIHE cahishikiye gisanga ibikorwa bitarangira. Umuntu ahashitse ahasanga ibimashini n’abashinwa bo muri sosiyete CHIKO bari mu bikorwa vyo kurisanura kuko igice kitari gito cimburutse.

Tubibutse ko hadaheze ukwezi abasanzwe bagendesha ibiduga binini na cane cane bakuye ibidandazwa vyabo muri Tanzaniya bari basavye bashimitse abasanzwe bajejwe ibikorwa vyo gusanura iryo barabara ko bogira utwigoro kugira ibikorwa birangire vuba bwango, kuko agahombo ari kanini, bata umwanya n’igitoro cinshi ,ivyo bigatuma mbere baduza n’ibiciro.

Mwomenya ko imiduga yabujijwe guca kuri iryo barabara ari ibiduga binini vyose , bikaba birinda kuzunguruka mu ntara za Mwaro na Rutana mu gihe baje i Bujumbura.

Tubibutse kandi ko iryo barabara Bujumbura – Bugarama ryabomotse bitumwe n’imvura yaguye mu kwezi kwa Ruhuhuma ihitana abantu n’ibintu mu ma karitiye yo mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura co kimwe n’amwe mu makomine ya Bujumbura.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.