IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi bigiye gutangura

Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi bigiye gutangura

jeudi 9 Mukakaro 2015

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaruguruye ibikorwa vyo gusanura ibarabara Makebuko-Ruyigi,kuwa gatatu igenekerezo rya 8 Mukakaro 2015.Ivyo bikorwa bizomara ikringo c’amezi cumi n’abiri.

Nkuko vyamenyeshejwe n’icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Louis Kamwenubusa,ivyo bikorwa bitanguye ku gice ca mbere kingana n’ibirometero 22 ku gice c’ibarabara Makebuko-Butaganzwa.

Ivyo bikorwa bizotwara amafaranga arenga imiliyaridi zibiri z’amafaranga y’Uburundi,Reta y’Uburundi yatanze ibice 10 kw’ijana mu gihe ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD yatanze ibice 90 kw’ijana vy ‘uburyo bukenewe.

Iryo barabara ryari ryakozwe mu myaka y’amagume,ivyatumye ridakurikiranwa cane.Ishirahamwe SOGEA SATOM na GETRA niyo azokora iryo barabara.

Umukuru w’igihugu yasavye abanyagihugu kuba maso bagakurikiriana ibikorwa kandi bakaribungabunga,bakerekana uwo wese yokwiba ibikoresho.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.