IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo kwubaka isoko yo kuri COTEBU biriko birikwega

Ibikorwa vyo kwubaka isoko yo kuri COTEBU biriko birikwega

jeudi 6 Ruheshi 2013

Kuri uno munsi iwa kane igenekerezo rya 06 Ruheshi 2013, umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Melchior Simbaruhije yamenyesheje ko ibikorwa vyo kwubaka isoko mfatakibanza ya COTEBU bitararanira ku mvo zitandukanye.

Melchior Simbaruhije yavuze ko ibikorwa vyo kwubaka iyo soko izofasha kugira hakorere b’ababadandaza baburira utwabo mw ‘isoko nkuru ya kera ya Bujumbura biriko bigenda vyitonze cane bikaba biva ko uburyo butariko buraboneka muri uno mwanya.

Igitigiri gikenewe kugira iyo soko yubakwe kikaba kitarakwira mugabo akaba amenyesha ko ibikorwa vyasubiye kubandanya muri kino gihe. Avuga ko Leta iriko irakora uko ishoboye kugire ico kibanza gihere ababuriye utwabo mw’isoko basubire kuronka aho badandariza.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.