Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibintu 4 umugambwe utegerezwa gukwiza kugira utsine amatora-Pr Elias (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Ibintu 4 umugambwe utegerezwa gukwiza kugira utsine amatora-Pr Elias (...)

Ibintu 4 umugambwe utegerezwa gukwiza kugira utsine amatora-Pr Elias Sentamba

vendredi 14 Kigarama 2012

Umuhinga mu vya politike akaba n’umwigisha muri za kaminuza avuga ko kugira umugambwe ukomere kandi utsinde amatora, hariho ibintu bine utegerezwa gukwiza. Harimwo kugira abanywanyi batajuragirika, kushinga imizi mu gihugu cose n’ibindi.

Umugambwe kugira uvuge yuko uhagaze neza ngo utegerezwa kuba ari ishirahamwe rirama rigizwe n’abantu bafise intumbero imwe,babona kumwe ibintu muntumbero yo kubaka igihugu n’ingene cotunganywa mu gihe baba basangiye ingorane zihanze igihugu aho baca bazitorera umuti hamwe. Ico ngo ni icambere.

Ica kabiri cerekana ko umugambwe uhagaze neza ngo n’uko uyo mugambwe uba ushamitse kuva ku mugwa mukuru gushika ku gatumba no mu gacimbiri aho naho ngo uba uhafise abanywanyi benshi nayo ngo mugihe udafise abantu mu gihugu cose ntakintu ushobora kwanda mu banyagihugu kuko uba ata migambi itomoye yotuma abanyagihugu bawirukira ubufise.
Umugambwe ngo ufise imigambi myiza ushobora gutsinda amatora.

Ica gatatu,umugambwe ukora ufise intumbero yogushikira ubutegetsi nayo ngo ubwo butegetsi bukava mu matora bidaciye ku gikenye canke mu ngufu. Umugambwe rero ngo udafise igitigiri kinini c’abashingamateka canke izindi nzego zikwiye mu gihugu biragora ko ushikira ubwo butegetsi canke ngo naho woba watsinze amatora biragorana gutwara.

Ikintu ca kane cerekana ko umugambwe ukomeye ngo ni ukuba ufise abanywanyi bijunja n’ijambo ntibabe bamwe baguma bahindagura imigambwe mu gihe babonye yuko umugambwe wabo usa naho ugiye kugwa. Muri ico gihe abanywanyi baca bongereza inguvu mu kuvyura ibikogwa vy’uyo mugambwe ugasubira gukomera.

Ivyo bintu bine ngo mugihe umugamwe utabikorerako ntiwovuga yuko uhagaze neza canke ngo wizereko ushobora gutsinda amatora.

Ivyo vyashikirijwe na Elias Sentamba umuhinga mubijanye na politike akaba n’umwigisha muri za kaminuza aho yariko asigura uko imigambwe yokora kugira mu gihugu havugwe intwaro rusangi.

Kw’ifoto: UPRONA,umwe mu migambwe iri mu Burundi


Jean Marie Mayonga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.