IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibinyobwa vya BRARUDI vyadugijwe igiciro

Ibinyobwa vya BRARUDI vyadugijwe igiciro

mercredi 29 Rusama 2013

Nk’uko tubikura mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI, igiciro cibinyobwa vya BRARUDI catugijwe kuva muri uyu mus iwa kabiri igenekerezo rya 28 Rusama 2013.

Primus ariyo benshi bita ikiyeri yashizwe ku mafaranga 1200, amusiteri 1700, amusiteri ngufi 850, amusiteri boke 2200, amusiteri boke ngufi 1100, ikinyobwa mutzig naco kikaba cashizwe ku mafaranga 2400.

Mw’ishirahamwe rihingura ibinyobwa BRARUDI bakamenyesha ko iryo duzwa riturutse mafaranga y’amarundi yataye agaciro ugereranije n’ayo mu mahanga, igiciro c’ibitoro n’vyo bakoresha mu kwenga inzoga.

Twobamenyesha ko naho ubwo bundibwoko bw’inzoga bwadugijwe, ikinyobwa ca Heineken cagumijwe ku giciro cariko.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.