IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiringo vy’ukurongora amashirahamwe bigiye gushirwaho

Ibiringo vy’ukurongora amashirahamwe bigiye gushirwaho

samedi 12 Ntwarante 2016, par egide

Mu nama yagirishije abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE, yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwashizeho ibiringo ntarengwa mu burongozi bw’ayo mashirahamwe.

Muri iyo nama yabereye i Gitega, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yamenyesheje ko agiye gukomeza intwaro ibereye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, akavuga ko mw’itegeko rishasha rigiye kugenga ayo mashirahamwe, harimwo ibiringo ntarengwa vy’uburongozi bw’ishirahamwe. Ibiringo bibiri vy’imyaka itanu kuri kimwe cose akaba arivyo abarongoye amashirahamwe bagiye kuza baramara, umushikiranganji BARANDAGIYE akavuga ko ibihano vyategekanijwe ku bazorenza ivyo biringo.

JPEG - 48.1 ko
Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Ubwo bushikiranganji bukaba bwategetse kandi ko amafaranga yose afashishijwe ayo mashirahamwe azohora aca muri banki nkuru y’igihugu, ubwo bushikiranganji bukavuga ko ari mu ntumbero y’ukugenzura ikoreshwa ry’amafaranga ahabwa amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Tubibutse ko ubwo bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwaheruka guhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe cumi adaharanira ivyicaro vya poritike.
Kw’itegeko nomero 1597, Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yahagaritswe ata gikorwa na kimwe arekuriwe gukora, gushika hasohotse ingingo nshasha y’ubutungane bw’Uburundi, buhejeje amatohoza buvuga ko buriko burakora kuri dosiye nomero RMPG 696/MA.

Ayo mashirahamwe uko ari icumi yagirizwa imigumuko hamwe n’ugushaka guhirika ubutegetsi kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Amashirahamwe yahagaritswe ni :

APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)

FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile

FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement

PARCEM : Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités

Maison SHALOM

ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture

Fontaine ISOKO

SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme

AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités

RCP : Réseau des Citoyens Probes

Ayo mashirahamwe yahagaritswe inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika nawe yaheruka kwugara ububiko bw’amafaranga y’ayo mashirahamwe.


IGIHE

Messages

  • Nuhere kuri shobuja nkurumbi umubwire ibijanye no kubahiriza ibiringo kukovyo bituye vyanditse mumasezerano yarusha hamwe nibwirizwa Shingiro Hama ivya mashirahamwe bizoza munyuma akonagashari muyafitiye kuko yase gushigikira ubwobwicanyi mwirirwa muragirira abanyagihugu mbe ahomuvuga Ngo mwasanze hari ishirahamwe ryakoresheshe miriyari mumyiyerekano uko nukugirango mwinjire muri yamakonte yabo mwugara musahure nimwaheza muce mubesha kobayakoresheje mumyirekano yo kwiyamiriza icokiringo 3 ca nkurumbi kitubahirije amategeko Baca umugani Ngo agatoke kamenyereye gukomba Ngo kama gahese ivyovyose murementanya bizobatekurukana urugamba rwoguharanira amasezerano yarusha rwaratanguye ntiruzosubira inyuma kandi Ayo muriko muriba mwitegure kuzoyasubizanya ninyungu aho bukera mwirirwa mwiyemera ko nubwo bobafatira ibihano mwishoboye none ngaho ubukene burahaye bubajunera mutanguye kurangaza amazuru kuvyo mutabiriye akuya ngira mwumviseko umuvyeyi amerika koyaraye itanze amamiriyoni yogufssha abomwangaje nikomere kumuheto ntize yemere ko mufata nurumeya ahubwo nazambonerakure mwarungika mumakambi kumara impunzi zigiye kubavako nazo zigire impunzi kugira zize ziritegera agafu nosabako wfp kuyo igiye kwakira mugufasha abari muburundi ko atanigisanira cakarwi karikumwe nuwo mwicanyi koronkako nicasha murateye isoni

  • ABO BAGABO NTIBAKOMEYE MUMITWE JEWE NAMA NABABWIYE VYUKURI
    MBE AHO BAHA IBIRINGO AMASHIRAHAMWE BO KO VYABANANIYE!! AHUBWO IYABA BAGOMBA KO UKURI KUBAHO NIBO BARI GUTANGURA NAKARE NGO WIBA UHETSE............

  • Ewe tari urazi kwiyamamura nuko invuga menshi y’umugabo ikundwa nabak waruzi kwimara ibivunvuri byomumutwe noguhanura gusubiza iryero mwisaho ugaheba ako gatima tare kaw kuko ntantambwe muzonterana ndakurahiye nibyuvuga ninkuko ahakayabu katari imbeba zirira kumeza genda ubabwire abagutmye ati muburundi harintagoheka nindara ngabye.

  • Aba banywarumogi Imana rurema itabadukuyeko turagowe.

  • ivyo nivyiza, oriko mushiriho nayandi mategeko ahana bimwe vyakarorero amashirahamwe yiha kwifatira mugahanga inzego zareta kuko murikigihugu vyaragaragayeko ayo mashirahamwe yiyitango ntaharanira ivyicaro vyaporitike yamye asuzugu gose reta kugezaho bazabaratuka nanyenicabahiro sebarundi umukuru wigihugu!!.mwisi nzima ntaho vyakabaye, kuberako atamategeko ruhasha ahari vyatumye barendegero kugezaho bihakwa gukwega akarambaraye! rabanamwe abagaragaye gose mumigumuko yarayo mashirahamwe niyo yararika abagumutsi. habemwo nibihano vyokuyugara..nayo maradiyo nyene nuko. e mubindi bihugu ntashirahamwe ryemerewe kwakira ifashanyo ivuye hanze kuko baca bazikoresha mubindi bikorwa bibi, akarorero naho hakurya MURWANDA hoho ntawuvuga.....

  • jewe ndababwire ngo uruhende rwosha amavyi bitajana. uwaremye nkurunziza jewe nibaza ko Imana atariyo yamuremye, neza neza jewe nsingisubira kubabara kuko nu mu skizofrene

  • mbega ayomashirahamweyobayahowe iymigumukogusa?ntayandiyomwirengagijekuko arimwibaba?cankemwashatsekuzimya amakunguntaménye mabi akorerwanyarucari .Muragerageze umuntu atungwan’Imana

  • Mwebwe shaka mumutuke Nyenicubahiro Gitikiturigwa Petero NKURUNZIZA, mugabo nta nakimwe muzohindura kuko arashigikiwe n’Abarundi isinzi. Mwe mumwanka muri k’urushi ntaco muzohindura. Ahubwo mugihe cose Kagame na Museveni bazoba bakiri k’ubutegetsi na Na Gitikiturigwa twebwe Abenegihugu tuzomugumiza k’ubutegetsi gushikaho abo bagabo navuze bavuye k’ubutegetsi, tuzopfuma twebwe Abenegihugu dusaba abo twitoreye ngo baduserukire mu nama Nsingamateka ko bodutegurira REFERENDUM duhinyanyure itegeko kugirango aronke ububasha bwo kubandanya ayobora igihugu cacu c’Uburundi. Kuko n’intatinyurukamvye, niwe yohangana n’abo batutsi bigize udusuguru two muci.

  • Uko Yasambaguye Symabu Ni Ko Agomba Asambagure Amashirahamwe.C’est Un Dictateur Tyran.

  • Uko Yasambaguye Symabu Ni Ko Agomba Asambagure Amashirahamwe.C’est Un Dictateur Tyran.

  • Erega mushikiranganji murgira igihe mukitsinda! None ko mw’ibwirizwa shingiro ry’igihugu rivuga ko umukuru w’igihugu arekuriwe gutwara ibiringo 2 gusa akaba yararyishe mukwitoza no gutwara ibiringo 3, muze mubanze nawe mumufatire ibihano ruhasha kuko yarenze kw’itegeko, hanyuma abarongoye amashirahamwe nabo bakurikire! Bitabaye uko, tuzobiyamiriza twivuye inyuma, iryo tegeko ntaco rizoshikako kanatsinda n’ubwo butegetsi bwanyu bwuzuyemwo ubugizi bwa nabi, ubusuma n’ubwicanyi bukwiye kuvaho mw’izina rya Yesu. Kandi Imana yaremye isi n’iuru ivyumve ibakure, ishireho abayubaha atari indyadya. Maze amahoro agaruke atavuy e kubanyapolitiques bigize ndase!

    Mana bikore ndagusavye. Amen

  • Wewe wiyita Musenzi, Nyenicubahiro ntiyahonyanze ibwirizwashingiro, ahubwo yakurikije uko ryanditswe muri Article 96. Reka ndarigusubiriremwo, ryanditswe uku gukurikira: "LE PRESIDENT DE LA REPUBLIQUE EST ELU AU SUFFRAGE UNIVERSEL DIRECT POUR UN MANDANT DE CINQ ANS RENOUVELABLE UNE FOIS." Ijambo au suffrage universel direct risigura, UNE TETE, UNE VOIX. None ikiringo ca mbere wewe warigeze uja gutora, ntihatoye Abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka? Aho ndazi wo woca wishimikiza ngo abo bamutoye ko arimwe mwabatoye. Ivyo ntibigutware umwanya, burya naho umumushingamateka wamutoye uramenya y’uko utazi ikiri m’umutima wiwe. N’umukobwa ukimuresha ubona ko arimwiza cane, mugabo mumaze kubana igihe kirekire uca utangura kumutorako utunenge. NKURUNZIZA yatowe n’Abenegihugu ubwa mbere muri 2010, kubera akamaro yamariye Uburundi n’Abarundi duca turamwongera ikindi kiringo, iki turimwo ca kabiri. Rero nimuze mwitonda muvuge ivyo muzi.

  • Ivyo Bifatanzoka:namba Ari Tari Na musenzi Bazicwa Nagahinda Kuwo Twitore Ariko Nibapfe Bazoribwa Nibisiga,akubahuka Agahindura Izina Rya Sebarundi Ngo Ninkurumbi?Huuuu!!! Urya Namureke Yaracaguwe Nimana Ni Nkurunziza Pee !Kandi Presida Yatowe Narubanda Nyamwishi,utavyemera Vyimba Uturike Canke Ugende Ikirehe Intete Zirakurindiriye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.