Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibura ry’igitoro rirabandanya kwibonekeza mugisagara ca Bujumbura
Ibura ry’igitoro rirabandanya kwibonekeza mugisagara ca Bujumbura
lundi 4 Ntwarante 2013
Mu gisagara ca Bujumbura, igitoro cabaye umuti wamenyo. Muma station yo mu gisagara ahaboneka igitoro hagera ku bice 30 kw’ijana gusa.
Ama station ariko aratanga igitoro ni kuri top one mu kigobe, iyindi ni station iri kwibarabara Chaussee du Prince Louis Rwagasore hampande ya alimentation Feu du logis, na station Kobil oil iri kukiraro ca republika.
Rimwe na rimwe abaza kunywensha ntibarenza igitoro c’ibihumbi 30 vy’amafranga y’amarundi ku modoka imwe imwe hamwe n’igitoro c’ibihumbi bitanu kubagendesha amamoto.
Grace Irimbere