Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibwirizwa shingiro ntirikirungikiwe abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ibwirizwa shingiro ntirikirungikiwe abanyagihugu

Ibwirizwa shingiro ntirikirungikiwe abanyagihugu

lundi 24 Ntwarante 2014

Abahinga mu bijanye n’ibwirizwa shingiro bamenyesha ko bitagishoboka ko umukuru w’igihugu arungika ibwirizwa shingiro ritatowe n’abashingamateka kugira abanyagihugu baryemeze canke barihakane. Kubw’abahinga, abanyagihugu baramaze kwerekana aho bahagaze biciye ku bashingamateka babaserukira, abo nabo bakaba bararihakanye ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2014.

Pascal Rwankara, umuhinga yanonosoye ibijanye n’ibwirizwwa shingiro amenyesha ko amategeko arekurira umukuru w’igihugu kurungikira ibwirizwa shingiro abashingamateka, canke abanyagihugu, umwe muri iyo mirwi ibiri ukaba ariwo uryiga. Ariko rero aho yarungitse hanse ntashobora guca arungika ahandi, ahubwo iryo bwirizwa ritarenganye mu nama nshingamateka rigategerezwa guca ribangira umwaka wose kugira risubire kwigwa.

JPEG - 49.3 ko
Pascal Rwankara, umuhinga mubijanye n’ibwirizwa shingiro

Nk’uko Pascal Rwankara abandanya abimenyesha, ibwirizwa shingiro ryanswe n’abashingamateka biba biheze, rigategerezwa gusubizwa muri Reta. Nka hamwe umukuru w’igihugu yoca acisha ahiwe akarirungikira abanyagihugu, uretse ko yoba arenze ku mategeko, yoba kandi yerekanye ko abashingamateka badaserukira abanyagihugu, kandi ariko amategeko yabivuga.


Egide Nduwimana

Messages

  • Urakoze mushintahe kubwira aba bagabo batazi amategeko bakitwazaigikenye

  • Warakoze Jean Minani hamwe nabapirona kudatora rirya bwirizwashingiro ryaba cndd.natwebwe abarundi turahakanyeko tutazoritora.

  • UBURUNDI muriko muratera imbere kabisa. Kubona abaporona n’abaforodebu ba Minani mutenera ririya bwirizwa shingiro byerekanye ko mwumva demokarasi icyo aricyo. Mutanguye kurenga iby’amoko muri demokarasi.Icyo mbivugiye ni uko aba opposants harimo abahutu ariko batemera iby’abahutu bo muri DD ariko bemera ibijyanye n’inyungu rusange. Abari muri gvt nabo ntibaravye ko ari abatutsi cygwa abahutu ariko bishyize hamwe bamagana iyo ngendo itari itari iya demokarasi. Ndabona hari n’igihe muzorenga amoko mukagendera ku vyiyumviro bizima vy’umugambwe. Courage les démocrates!

  • ABA DD NTIBUMVA NKAHO BAZORENGA KU MATEGEKO BAGIRE ORCING EREGA NI IBIKOKO ARIKO ABARIMWO GIHAHE AVUGA NGO ICA BAKICA HAAAA

  • Mbega nyene ryarimwo ibiki ko batabanje kubidusigurira? Burya barya banse kuja kuritora bibaza ko hari inyungu bari gutakaza. Ku bwanje, rikwiye kwitonderwa mbere na Arusha yose ikavanwamwo harimwo ingingo ziboneka nk’agasuzuguro kuri bamwe. Hama ni hagera tuzoje muri kamara mpaka, duheze dushire aho ibiharuro bizoba bishize. Ndashigikiye ko rihindurwa.
    Abitwaza Nkurunziza nabo ni ukwanguha. Nibaje ku kivi bakore tuzotore ibikorwa.

  • Iryobwirizwa pita narize muhiriwe aritekeshe ibiharage twebwa banyagihugu turaryense.

  • Oya Twebwe,nibarituzanire Turitore,nahabandi,nibasumirinda Tuzofata,indegetuzekumutora,uwomutama,yakuyuburundi,habi mukome,DDturikumwe 5=5

  • Imana yaraye yerekanyeko idashigikiye abaturira isoko!
    Nosaba abasenga ko bosenga kuko Imana iracakunda uburundi

  • AHUBWO BATEVYE KURIZANIRA BENEGIHUGU NGO TURYTORERE!!!! HAHAHA!!! BARYA BAPORONA BATINYA GUKUBITWA INTAHE MU GAHANGA NO KUBAZWA INGENE BISHE NDADAYE MELCHIOR N’ABANDI!!! IVYO VY’AMOKO ABANTU BITWAZA AHUBWO BIRAKWIYE KWITONDERWA!!! BAMWE BIGIRA ABATUTSI,ABANDI ABAHUTU,ABANDI NGO NI ABATWA ARI AMAGABURANYAMA GUSA!!! UKURI KUZOTEBA KUMENYEKANE!!!!

  • Ahubwo nbatevye kurizanira abenegihugu ngo turyitorere!!! barya Baporona batinya kubazwa ivyo bakoze muri 1993 mugabo ukuri kuzoteba kumenyekane kweli!!! iVYo vy’ubututsi,ubuhutu n’ubutwa bizoteba bihere!!!! AHUBWO RYITONDERWE RIHINYANYURWE NEZA!!! BURYA UBURUNDI BWAVUYE KURE!!!!

  • Baribesha PETERO NKURUNZIZA ategerezwa kubandanya arongoy UBURUNDI kuko niwe se barundi yakuy uburundi mukaga bwari bugeramiwe.Dr Jean MINANI yavuze ngo niyator ibwirizwa shingira azaca yitw IMBUNUZA!!nomumenyesha k ubuh agiye kwitw IMBUNUZA 100% kuko yaray yiciy ishami yari yicayeko.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.