Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icayi, ikawa n’ipampa biye kwitabwaho cane-Victoire Ndikumana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Icayi, ikawa n’ipampa biye kwitabwaho cane-Victoire Ndikumana

Icayi, ikawa n’ipampa biye kwitabwaho cane-Victoire Ndikumana

mardi 25 Kigarama 2012

Igisata c’ubutunzi ngo kiraraje ishinga umushikiranganji w’ubudandaji. Ibiterwa bigiye kwitabwaho cane ni ikawa,ipampa,ivyamwa,imboga n’icayi.

Ubushikiranganji bw’ubudandaji ngo bugiye guteza imbere ubutunzi hagati mu gihugu,guhingura ibiterwa bija mu makungu no kuduza ubutunzi muri rusangi. umushikiranganji Victoire Ndikumana atwara ico gisata niwe abimenyesha.

Mu kiganiro yahaye bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu, umushikiranganji w’ubudandaji Victoire Ndikumuna yavuze ko u Burundi bufise ibice 4,2 kw’ijana vy’ubutunzi ariko ngo hariho n’ibihugu bifise mu nsi y’ubusa.

Kugira ubutunzi bwisununure, Ndikumana Victoire avuga ko hagiye kwitabwaho cane cane ibiterwa njabukamazi ikawa,icayi,ipampa n’ibindi kugira bigire akanovera gahagije. Ikindi naco ngo nukurondera ibindi bidandazwa vyo gushora mu makungu nk’ivyamwa,imboga n’ibindi nka za services zo gutumanatumanako amakuru n’ubwenge.

Ariko ngo u Burundi buracakeneye umuyagankuba mwinshi cane wo gukoresha mu mahinguriro. Asaba abagwizatunga b’abarundi na mvamakungu gushiraimitahe muri ico gisata c’umuyagankuba.

Kw’ifoto
: Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.