Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ntawuzi ko azokwemererwa kuba umuhuza wa UPRONA mu gihe yerekanye indimi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ntawuzi ko azokwemererwa kuba umuhuza wa UPRONA mu gihe yerekanye indimi (...)

Ntawuzi ko azokwemererwa kuba umuhuza wa UPRONA mu gihe yerekanye indimi zibiri

jeudi 6 Ntwarante 2014

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka Ponsiyano Niyongabo, yamenyesheje mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko agira atangure guhuza Abadasigana muri ibi bihe barimwo vy’indyane zifatiye ku burongozi, ariko akavuga ko ashigikiye ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yo kugena Concilie Nibigira mu burongozi bwa Uprona.

JPEG - 735.7 ko
Ponsiyano Niyongabo, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Ponsiyano Niyongabo, icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka, avuga ko avuye mu gacerere mu gihe hari impande ziriko zivuga ko zumvikanye, kandi zamaze gushiraho inzego, babesha mu gihe izo nzego nyene zitigeze zimenyesha Abadasigana bose uko zaroyeho, ndetse nawe nyene akavuga ko atatumiwe mu matora yo gushiraho izo nzego zo ku wa 16 Ruhuhuma uyu mwaka, izo nzego nazo zashizeho umushingamateka Nditije Karori na Varisito Ngayimpenda. Avuga ko izo mpande zananiwe gushika ku masezerano yo gushira hamwe, mu gihe avuga ko hari bamwe mu badasigana bariko barakumirwa. Avuga ko amaze kuyaga na Nditije, ubu naho, akaba ariko aritegurira kuyaga na Ngayimpenda, kuko Conciliya Nibigira bamaze kuyaga, akazoshobora gufasha kugira ingorane ziri mu mugambwe zihere.

Ariko rero muri ico kiganiro, umukenguzamateka Niyongabo Ponsiyano akaba umwanya umwe yavuga ko ataruhande na rumwe ashigikiye ari hagati kugira ahuze abariko bararyanira uburongozi, uwundi mwanya akavuga ko ashigikiye uruhande rwa Concilie Nibigira rurongoye umugambwe, ari narwo rwemewe n’ubutegetsi. Naho atashaka kwiyerekana neza aho ahagaze, mu majambo yiwe, bikaba vyagaragara ko ashigikiye uruhande rwa Concilie Nibigira, ndetse no muri ico kiganiro, uwo mukenguzamateka acururuka umuduga, yakiriwe na Concilie Nibigira, umushingamateka Niyoyankana Bonaventure na Gaston Sindimwo abo batatu bakaba basanzwe barirukanywe burundu mu mugambwe UPRONA, bagirizwa guhemukira uwo mugambwe.

Uwo mudasigana w’umukenguzamateka, muri ico kiganiro akaba yabajijwe kugira avuge amazina ya bamwe mu bashingamateka canke abandi bashingantahe ba baporona boba bari kumwe mu bijanye no guhuza, akaba atazina na rimwe yashoboye kuvuga, ariko akamenyesha ko ari kumwe na bamwe mu bashingamateka, mu gihe benshi muri bo bari bazindukiye mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, kwishuza ikete bandikiye Edouard Nduwimana, aho bamusaba ko yokwemeza uburongozi bwa Nditije na Ngayimpenda. Ivyo rero bikaba bitanyuze abari aho, mu gihe urwego rwahora ruhuza abo bari mu mugambwe wa Rwagasore, batahora berekana aho bahagaze mu matati y’umugambwe, canke ngo berekane indimi zirenga rumwe mu mvugo yo guhuza.

Tukabamenyesha ko uwo yisabira kuba umuhuza yiyemereye ko ashigikiye rumwe mu mpande ziri mu matati, yavuze ko ayo matati yo mu mugambwe UPRONA muri iyi minsi ariko aramucafuza, mu gihe n’umuduga usanzwe umurerura, watewe amabuye n’abantu atashoboye kumenya. Asaba urwaruka rwa JRR n’abapfasoni ba UFB kuterekana aho bahengamiye, ahubwo bakaba abahuza. Yamenyesheje kandi ko ingoro yo ku Mugumya wugururiwe abadasigana bose, kandi agasaba ko ata mushingamateka n’umwe yosubira kuburagizwa ashatse kuhinjira, ahubwo ariho agasaba abo bashingamateka kutagenda baroye kugora umupfasoni Conciliya Nibigira yemewe n’intwaro n’ubutegetsi.

Umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yari mu bitavye ikiganiro
Giteruzi Tarasisi umushikiranganji w'iterambere ry'amakomine yambaye ikoti yirabura na Gaston Sindimwo icegera c'umuyobozi mw'ishikira mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu
JPEG - 78.6 ko
Anicet Mahoro, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu (yambaye ikoti yirabura)

Aristide Nizigire

Messages

  • Bansumirinda babandanya bigaragaza pontien we turamuzi ko yinjiye muri dd kera nímvugo yiwe iramusa Umuntu ashobora kuvuga ko ashigikiye concilia,n’abakehabwe bazi neza ko yagiyeho adakurikije amategeko pontien nawe yize kaminuza akavuga ko amushigikiye acaba iki? ubwenge bwiwe bwarimutse bwavuye mumutwe buja munda.

  • ndakugaye wakagabo ndakugaye,uvuga ayinda,kandi abo nyene uriko murafasha musenyura umugambwe nibo bazokwimbira icobo .Uba muri dd canke ntubeyo,uriko urimba icobo kirekire cabatavuga rumwe na leta kuko munteguro nibo bazokwicwa hadasigaye inyuma abawe.mwebwe amajambo muvuga,ibikorwa mukora, bikarishe gusumba ubugi bwumupanga’,finalement uko ureha niko n,ububegito bungana.

  • Ewe posiyano uramaramaje nagira ngurumushingantahe wijambo none wabaye uri wawundi ngo mpemukendamuke!!!usumbwe na lewokadiya yahevye agatangimihoho!!!asha niba ariwe urumuhuza ahohoho biracagoranye.Emwesije nohahera hohera konsiriya nabiwe.

  • Ngo bamuteye amabuye ,narindire bakure abo bapolice hanyuma turabe iyo bazoja bazobambika ipine bariye umuhero urumpfu barareha nibabe bariharura

  • Jewe abantu bamwe bamwe bo muri Uprona barantangaza. Kubera iki bashaka kugumana akagagazo?!! Nimuve i buzimu mwemere kuko mwaremejwe. Ibaze iyo Concilie Nibigira atava mu gacerere akagarukira umugambwe, mbega biba bimeze gute? Ko mudashira umutima ku baporona bari mu nzego bashizweho na Uprona ingene bari kujuragizwa bakurwa mu buzi kandi bafise imigambi n’imiryango bategerezwa kubeshaho. Ba mwibaza ivyo vyose nayo kugumiza ivyizigiro ku ma coup d’état n’indwano ntaco muzoshikako. Kuko na Ndadaye yarishwe abandi barabandanya. Kandi ubu ibihe si vya bindi vya kera. Nahanura nk’umurundi akunda abarundi.

  • Naho woshaka ukareka guta akarimi kawe porona ntaminsi isigaje mwarayihamvye mugabo ntaco muzoca muja muri cndd-fdd.

  • Ngabo bagahini murazi ko yishe mwenewabo.Ikibabaje nibo bahabwa ijambo.Bagacabiyita abanyakuri kandi basumvya rusifri inyifato.baraheza bakaja imbere ya ma micro bakavuga bahejeje ukarondera ico bavuze ukakibura none abo mwibaza ko ari bande>? ni Potien,niyoyankana,,sindimwo,n’umufasha wabo concilie abo nimburabwenge.

  • Ewe potiyano ubwawe burashitse. mu kirundi bavuga ngo hari ubwoko bubiri bw’imbwa.hari imbwa yima iyayihaye kakaba niyisaba iyo yimye.wewe rero uri imbwa irimwo kabir.usaba aba DD bakwagiriza ivyo wakoze muri CNTB uriko ufadikanya n’imbonerakure gasto, Niyoyankana..................., n’umukenyerera rugamba nibigira mugusambura UPRONA ariyo yaguhaye .wewe uri imbwa fois 2
    aho serapio azogufatira azokurya mu bisi . aba DD ntibamenyerwa.wait abd see

  • EWE POSTYANO URI MU BURUNDI BAVUGAKO HARI UBWOKO BUBIRI BW’IMBWA.HARI IMBWA YIMA IYAYIHAYE HAKABA NIYISABA IYO YIMYE.
    WEWE USABA ABA DD NIVYO WAKOZE MURI CNTB.UPRONA YARAGUHAYE NONE WIFADIKANIJE N4IMBONERAKURE GASTON ? NIYOYANKANA....................HAMWE N4UMUKENYERERE RUGAMBA CONSILIA MUGUSAMBURA UMUGAMBE.SERAPIO MUZOHURA NAYO PETER URUNVIRIZA KUREI TELEVISION MESSAGE ATANGA IMBERE Y’AMAKURU AVUGA WEWE.
    WAIT AND SEE

  • Mushingantahe NDUNURO ndagushigikiye iciyunviro utanze nikizima,abo bandi mwese mwanditse mutukana raba mwisubireko,iyonzigo yumurengera mufitiye concilia ntaho ifatiye,biboneka komwebwe mwamaze kunyugwa namacakubiri afatiye kubwoko,kuntara,nibindi vyinshi.uwuzwi namategeko nuyo mufasoni hamwe nabo bamushigikiye.abandi mwese mutarinyuma yiwe muri abatovyi,kandi L,Etat ntizobihanganira mugihe mugomba gutera umudurumbanyo mugihugu,abo kwa nditije ndabagereranya nabari mukibiri kuko mwese ntanumwe ari mumatwgeko yubahiriza imigambwe canke amashirahamwe yigenga,mwebwe rero abo kwanditij na ngayimpenda na adc ikibiri muko murajuragirika nkuwudafise iyaja.imburakimazi mumajambo make.nayo abanwanyi Banyu ndabahanuye ko bokwikuramwo ibitekerezo vyintambara.kuko ntaho mwoshika nahamwe,atari ugukwegera banyarucari basanzwe bigorewe,reka kuba inkwezi yakarongo mwa ba poronamwe.

  • jewe ndatangay cane kwunvako hariho abantu baba prona bagituka abandi kwarimbwa!!!!nigitangaza.Imbwa nimwebwenyene portike yabananiye;none mutanguye kunywa urumogi abavyunva nabatanyoye amaraso yandadaye mwenamwe mutavyunva azobabiriramwo mubimbwa ikoma.ndabahanure genda mwihane imana izobaharira.Hama muhaze urumogi mudahagira kumbonerakure kuko ntimungana uwutazi ikimuhatsa ara ba igitsure??????yase.

  • NARI naratangaye! uko ndamuzi?n’Umukunzi w’inda gusumba abapfuye n’abariho .bamuhaye amahera nabiwe azo bamara.
    Upfasoni w’iwe namuhanure.ahandi ho .Ara tugurisha abarundi twese.

    MANA URAKIZ’ UBURUNDI BUGEZE HABI.

  • Ponsiyano twomumenyesha twaritumaze kumenya ko ari mubakomera amashi afise ubuhimbiri,ubusuma,ubujuju,ububegito,n’imbwa mumajambo make.ivyiwe tobishira ahabona muzotangara.ntarukiza ruzova iwe.azikonona gusumba kubaka

  • mwebe icomwita guhungabanyumutekano kumuntarikaharanira uburenganzira bwiwe sindabona,ukagereranya abandi nkabari mukibiri!burya abari muri cnd-fdd nibo beza?agatimariko muciyumviruko muracarinyu.sinumva nivyomumarigihu.

  • Mbega mwabagabomwe mupfa inda zanyu mwihetse abanyagihugu mukabatesha umwanya wokwikazanura kugira barwanire kazoza kabo ndabahunura kura ivyiyumviro vyintambaramubanyagihugu kuva ahomwaririy amaraso ntimurahimba ntababesha ayubu muzoyazira tekereza mushier aho intahe ishize kuko urugamba rwabananiy umva ubwenge bwaravyuts reka kugora umunyagihugu uwuzobaja inyuma amenyeko akwirikiy urupfu

  • Burya abavugako ubonye umuntu akoze ikosha ko udakwiye kucujaniranya abaribobose basanzwebasangiye umurwi canke ishirahamwe, ukwonukuri pee! Harihabantu bahorabibaza kwaba UPRONA bose banezerezwa nivyabaye murikahise ngirango muravyiboneye ko twese nubwomwabonye atacotwakoze twabura ahotuvugira kumitima ntitwanezerezwa nivyakorwavyose, Barundi Barundikazi namwe Rwaruka, ngiramuriboneye ukuntu umuntu atemeye kuguma ameze nka UPRONA yakera ukuntu bacabamwita umugambanyi, imbunuza, iyabarikera bacababita abamenja ngirango murazi ahobashira abobababise abamenja, uburero icobasigaye bacabakora nukubahagarika burundu mumugambwe UPRONA, aboba Concilia na Niyoyankana nabobanyacubahiro basangije ivyiyumviro vyizavya UPRONA ya Rwagaso ushoboragusanga nakera ivyaba vyarabababaza ariko bakabura ukwobabigira uyumusirero barahisemwo bati’ rurac’Imana ati turase gushigikira abantu bagambanira igihugucacu, mucamubonako iyaba arimutwaro zihitiye ababaca babakurikiza UMUGANWA ATARUMUGANI LOUIS RWAGASO nicogituma uwigisha kwankanisha amokoyabarundi bizomugora, rekaturindire Busokoza yagiye kumwigisha karuhariwe mukwigisha ivyogucanishamwo abavuka gihugu ariko barihenda nambavyarakunze Congo ngahamu Burundi harumurongo utarengwa ntibazomenya icabakubise haba mukirere haba mumazi haba hasi dufise ababarindiriye, nanjenkumuvyeyi rekanisabire abarundi bomubwoko bwose komeza mufashanya umuhutu afashe umututsi icashoboye umututsi afashe umuhutu icashoboye numutwa afashwe yongere afashe icashomoye maze abigisha ivyamoko bazomaramara, bihenzenaho bakazana ibintu vyogutuma tworyana tuzokoreshe ubushishozi maze ducetubamaramariza mwakwagufashanya, ya Satani yariko irabatuma kuduteranya izocibavamwo yiruke mazenabo basubire babe abantu bacebafatanya natwe mazetwibandanyirize mwiterambere ritarobanura, barundimwese murebere kuwomuvyeyi Concilia nabobarikumwe bemeye gutukwa nokwitwa ukobatari kubwokwanka imigambi mibisha. Ponsiyano Niyongabo wagizeneza kwifuza guhuza abatariko barahuza kandibitari bikeneweko umugoroba ubagerana bataroroheranira.

  • ICIZA UMUNTU AKUYE MURI IYI CRISE YA UPRONA NI UKO URWAMFU (abo kwa mukecuru Concilie, aba DD biyita aba Porona) RWAVANYE N’UBURO (les vrais Badasigana). Naho boreka abo bansumirinda bakabandanya basumira inyaga zabo ni igihe gito kugira habe amatora. Ni nde azotora nkuwo mugabo afise indimi zibiri, twahora tumubona tukagira n’umushingantahe naho ari Nsumirinda. Ko yari derrière cette pute politique, ntanumwe atari abizi. Muribuka Nzojibwami avuga ko ariwe atwara Frodebu, vyamaze igihe kingana gute? Izombonerakure zo kwa Concilie ntaco zizoshikako, aba DD bazosanga l’effet ibaye l’inverse yiyo bashaka kuko umugambwe Uprona duca tuwukunda cane kuko usubiye kukarangamutima ka Rwagasore. Abo ba Concilie n’abo bagende hamwe n’abamwe bahora batanga amazirantoke kumabarabara.Concilie yariyambuye agahuzu, ariko aramaramaza uruvyaro rwiwe, incuti n’igihugu. Muratwara mutamena Ponsiyano we!!!!! Politique urahejeje.

  • Kuva uburundi bwabaho bufite abategetsi beza kuko ntabwo bameze nkazangegera zishe Ndadaye
    !! Muhumure barundi ibintu bitangiye kugenda neza!!!! Binyibukije icyo twarwaniraga tubafasha mu Kamenge!!! Mujye mwibuka n’intare Savimbi yakoze ibitangaza mu Kamenge!! Ntimuzasubire inyuma kubera abo ba genocidaires ba UPRONA

  • Je ndababazwa n’abantu batagira ijambo wamengo baserukira abandi!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.