IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo c’inyigisho z’abamenyeshamakuru ku bamenyeshamakuru (...)

Icegeranyo c’inyigisho z’abamenyeshamakuru ku bamenyeshamakuru casohotse

vendredi 18 Gitugutu 2013

Mu kigo c’ukumernyesha amakuru, niho hugururwa ibikorwa vy’ugushira ahabona icegeranyo c’icirwa mu gisata c’ukumenyesha amakuru, ico cirwa kikaba cafashwe mu mugongo n’ibiro vy’ugufashanya kw’igihugu c’Ubuswise mu Burundi, gitunganijwe n’ishirahamwe rihurikiyemwo amaradiyo mu Burundi.

Ku bw’uwaserukiye umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru n’imigenderanire n’inama nshingamateka Jerome Ndikuriyo, yamenyesheje ko ari umunezero ntangere kubona igikorwa categuwe mu ntumbero y’ukwigishanya hagati y’abamenyeshamakuru ubwabo kirangiye. Uwaserukiye umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, akaba yashimiye cane ishirahamwe ry’amaradiyo mu Burundi ryateguye inyigisho co kimwe n’abafashije bose kugira izo nyigisho zishobore kuba, aha tukavuga ibiro vy’ugufashanya vy’igihugu c’Ubuswise.

Muri ivyo birori vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye harimwo abashingamateka, abakenguzamateka, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi n’abandi, Jerome Ndikuriyo akaba yasavye ko n’ibindi bihugu vyofatira akarorero keza ku gihugu c’Ubuswise maze bifashe mu kurwiza ubumenyi mu gisata c’ukumenyesha amakuru mu Burundi. Eka ndetse akaba yahamagariye n’abafasha Uburundi ko igisata c’ukumenyesha amakuru batoza baracibagira.

Mu gusozera ijambo ryiwe, Jerome Ndikuriyo akaba yamenyesheje ko hamwe ico cegeranyo co kwemezwa, yoba ari amata avyaye amasoro, kuko ico cegeranyo kirimwo ibitari bike mu vyofasha igisata c’ukumenyesha amakuru kugera kuyindi ntambwe ishimishije.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.